IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukira Reta babandanya guhumuriza n’aho abahunga babandanya (...)

Abaserukira Reta babandanya guhumuriza n’aho abahunga babandanya kugenda

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Abashikiranganji ba Reta y’Uburundi babandanya guhumuriza abanyagihugu basigaye ku mitumba batarahunga, mu kwishikira mu ntara zitandukanye.

Muri ico gikorwa co guhumuriza, umushikiranganji w’amagara y’abantu Sabine

Ntakarutimana yari mu ntara ya Ngozi, Godelieve Nininahazwe arongoye ubushikiranganji bwo gushigikirana nawe yari mu ntara ya Cibitoke, uwu mutekano nawe yari guhumuriza mu ntara ya Kayanza, mu gihe umushikiranganji w’inkino n’imico kama yagiye mu ntara ya Cankuzo.

Ubutumwa bw’abo bashikiranganji nka bose bukaba bwari bumwe. Guhumuriza abanyagihugu, kugira ntibabandanye guhunga, mu gihe amajambo bumva abaca ivutu ari ibihuha, bikunda kwibonekeza mu bihe vy’amatora. Abo bashikiranganji bakaba bibutsa abanyagihugu bimwe mu bihe vy’ibihuha vyagiye vy’ibonekeza mu matora canke inyuma yayo. Aha baravuga nk’udushinge, ba rukoti, Kiliba Ondes n’ibindi. Abavuga nabo ko hari ibirwanisho vyahawe Imbonerakure mu gutegura intambara, abashikiranganji bariko bahumuriza hagati mu gihugu, bavyamirira kure, bakavuga ko ari imvugo z’abanyeporitike bashaka kwonona amatora.

Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w'amagara y'abantu,

Nko mu ntara ya Ngozi ahari Sabina Ntakarutimana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yabariwe ko muri komine ya Tangara, abanyagihugu baguma bihungira, abo nabo, bakaja mu Rwanda. Eka si aho gusa, no mu zindi ntara z’Uburaruko, abahunga, bikavugwa ko bagenda ku munsi , ku munsi. Benshi muri abo bahunga, bakavuga ko batinya ko ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza gishobora gutera intambara, co kimwe n’iterabwoba bavuga ko bakorerwa n’Imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD FDD.


Aristide Nizigire

Messages

  • Et pourtant, uwo nyene Sabina Ntakarutimana, baheruka gutera grenades zibiri muhira iwiwe, mugabo ivyo vyose abicako akavuga ko u Burundi buramutswa amahoro, lol! Hari kw’igenekerezo rya 17 decembre 2014, aho deux personnes inconnues ont attaque son domicile et elle se dit être en paix!

  • @ Mahoro, abateye grenade imuhura kwuwo mushikiranganji nabonuene bakwiragiza ibihuha ngomu Burundi hagombahabe intambara, nambugira ndakubwsha rindira mumisi itarimbiranye babibafatane utangare kandinubundi iyaba ababene ikikinyamakuru bataretse kuvyabdikangaha ubumaze kubuna bamwe mubamaze kubifatanwa abaribo. Haryarero basimbiye kurugo rwumushikiranganji bateraho grenade muntumbere yokugira bashira mubarundi kwihebura babonyerero atacovyatanze bacabahuka mubenegihugu babaterubwoba burimusi ngwibirwanisho birikobiratarwa kandaribo barikobarabifatanwa, nubuhariho ingozamaze kumenyekana kozirumwo ibirwanisho ngomunuaramwo mikeya muzobina polisi yigijigu yagiye kubikurayo atarigihindutse nimumwaramuza canke uwukueikira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.