Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Abashaka kwitoza ni ngombwa bategekanye inyishu ku bijanye n’amafaranga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > "Abashaka kwitoza ni ngombwa bategekanye inyishu ku bijanye n’amafaranga (...)

"Abashaka kwitoza ni ngombwa bategekanye inyishu ku bijanye n’amafaranga Reta ikoresha"

vendredi 20 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Mw’ ishirahamwe PARCEM (Parole et Actions pour le Réveil des Consciences et l’Evolution des Mentalités bavuga ko hakiri ingorane ku bijanye n’itunganywa ry’amafaranga Reta ikoresha ku mwaka, nk’uko bivugwa na Faustin Ndikumana asanzwe arirongoye.

JPEG - 59.9 ko
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM

Muri kino gihe twimirije amatora abarundi cane cane abategekanya kwitoza ni ngombwa ko baba bategekanije inyishu kuri izo ngorane zijanye n’amafaranga Reta ikoresha ku mwaka, ivyo umukuru wa PARCEM akaba yabishikirije mu kiganiro categuwe n’iryo shirahamwe kuri uno wa kane cerekeye intambamyi zijanye n’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2015.

Abarundi n’abashaka kwitoza avuga ko bategerezwa kumenya ko hari ingorane mu mafaranga Reta ikoresha. Haracari ingorane y’imfashanyo zikenewe cane mu Burundi kugira Reta ishobore kubaho kuko amafaranga Reta itoza adakwira mu kubaho kwa minsi yose, ikindi n’uko amafaranga yokwibeshaho kwa Reta yobwirizwa kugabanuka, nk’uko Faustin Ndikumana abandanya abishikiriza.

Ikindi asaba agira ati :’’naho ayo mafaranga ataboneka biraboneka ko atagukorera ku mugaragaro, hari ingendo y’uko amahera atozwa mu banyagihugu adatwarwa ku makonti azwi n’amategeko, Ku bwa Faustin Ndikumana rero, mu gihe ivyo bibazo vyose bizoba bitaratorerwa umuti, hazokwama agahaze mu butunzi bw’igihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.