IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji 7 bakuwe mu mabanga yabo

Abashikiranganji 7 bakuwe mu mabanga yabo

jeudi 31 Nzero 2013

Abo bashikiranganji 7 bakombowe muri Reta y’u Burundi harimwo uwahora ajejwe inyigisho za kaminuza n’uwo kumenyesha amakuru.

Itegeko rikura mu mabanga yabo abo bashikiranganji 7 ba Reta y’u Burundi ryasomwe na Leonidas Hatungimana,umuvugizi w’umukuru w’igihugu.

Uwa mbere yakuwe ni umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Martin Nivyabandi, yasubiriwe na Jean Claude Ndihokubwayo.

JPEG - 5.1 ko
Martin Nivyabandi

Uwa kabiri yakuwe ni Julien Nimubona, yahora ajejwe ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi. Yasubiriwe na Dr Joseph Butore.

JPEG - 9.8 ko
Julien Nimubona

Uwa gatatu yakombowe mu mabanga yiwe ni Severin Buzingo, umushikiranganji w’amashure matomato n’ayisumbuye hamwe no kwigisha abakuze gusoma no kwandika. Uwamusubiriye ni umupfasoni Rose Gahiru.

JPEG - 9.1 ko
Severin Buzingo

Uwa kane yakuwe muri Reta ni umupfasoni Concilie Nibigira, yahora ajejwe ubushikiranganji bw’ukumenyeshamakuru. Yasubiriwe n’umupfasoni Leocadie Nihazi.

JPEG - 8.4 ko
Concilie Nibigira

Umushikiranganji agira gatanu yakuwe ni Jean Marie Nibirantije ajejwe ubushikiranganji bw’ibidukikije n’ugutunganya amatongo. Yasubiriwe na Ir Jean Claude Nduwayo.

JPEG - 7.7 ko
Jean Marie Nibirantije

N’umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu Moise Bucumi yahindutse. Uwamusubiriye ni Ir Deogratias Rurimunzu.

JPEG - 5.7 ko
Moise Bucumi

Uwundi mushikiranganji yakuwe n’uwahora ajejwe inkino, urwaruka n’imico kama Jean Jacques Nyenimigabo. Yasubiriwe na Ir Adolphe Rukenkanya.

JPEG - 6.5 ko
Jean Jacques Nyenimigabo

Iryo tegeko ryatewe ko umukono n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza hamwe n’ivyegera vyiwe bibiri kandi rica rija mu ngiro kuva kuri uyu wa kane italike 31 Nzero 2013.

kw’ifoto: Julien Nimubona yahora ajejwe inyigisho za kaminuza


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • ni vyiza kweli. Iyi système niyo yatumye abanyarwanda badusiga mu vy’ubutunzi. Baje bashirako abantu bize cane kandi bipfuza gukorera igihugu n’abanyagihugu.

  • Ni vyiza ko nyenicubahiro afata ingingo nkizi iyo bikenewe! Ariko rero nta nuwokwiyobagiza ko ukwama uhindagura Leta ari bibi kuko bimugaza imigambi yari munzira.None nkakarorero; itohoza Julien yariko aragira ku bagize uruhara mwinyuruzwa ryamahera yari yagenewe gufasha abanyeshure; rizobandanya gute? None twizere ko uwo aje azobibandanya?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.