Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashikiranganji bakomoka muri UPRONA batanguye gutanga imihoho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abashikiranganji bakomoka muri UPRONA batanguye gutanga imihoho

Abashikiranganji bakomoka muri UPRONA batanguye gutanga imihoho

mardi 4 Ruhuhuma 2014

Akamo uwuvuga ko ariwe arongoye umugambwe UPRONA, Karori Nditije yateye abadasigana ba UPRONA ko botanga imihoho muri Reta katanguye kwishurwa. Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine yatanguriye abashikiranganji batatu barungitswe muri Reta n’umugambwe UPRONA.

Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine, ari nawe vyariko biravugwa ko ashobora gusubira mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu cahoramwo Bernard Busokoza yatangaje abatari bake. Uwo mushikiranganji yandikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amumenyesha ko atanze imihoho muri Reta.

JPEG - 43.3 ko
Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji ajejwe iterambere ry’amakomine yatanze imihoho muri Reta

Ntiyagarukirije ngaho, kuko yaciye yandika irindi kete yarungikiye Bonaventure Niyoyankana, uwahawe na Edouard Nduwimana uburongozi bwa UPRONA. Jean Claude Ndihokubwayo, umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine yihanikirije Bonaventure Niyoyankana ko atohirahira ngo amushire ku rutonde rw’abarungikirwa umukuru w’igihugu kugira ahitemwo uwosubirira Bernard Busokoza. Jean Claude Ndihokubwayo yamenyesheje kandi Bonaventure Niyoyankana ko uburongozi yemera bw’umugambwe UPRONA ari ubw’umushingamateka Karori Nditije. Ku bashikiranganji batatu ba UPRONA bari muri Reta ya Petero Nkurunziza, hasigaye babiri, ari nabo batarerekana aho bahagaze, abo nabo ni Victoire Ndikumana, umushikiranganji w’ubudandaji, hamwe Léocadie Nihazi, umushikiranganji w’ukumenyeshamakuru n’imigenderanire hamwe n’inama nshingamateka.

Iyo ngingo y’umushikiranganji Jean Claude Ndihokubwayo ishizwe ahabona imbere y’amasaha make gusa Uburundi bugahimbaza umunsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi wama uhimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma, mukumva ngaho ko ubumwe bw’abarundi buzohimbazwa Reta y’Uburundi idakwiye kuko izoba ibura gushika ubu icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu hamwe n’umushikiranganji yatanze imihoho.


Egide Nduwimana

Messages

  • ndakwemeye uri NDIHOKUBWAYO nturi ndihokubwapetero. Iragi rya Rwagasore rikurimwo. Egoooo nawe yaranka akagaye,ubujuju n’ububegito. Abo bakenyezi nabo tumaze kumenyako bariko barandika amakete yo gutanga imihoho ndetse umwe wewe ariko arasinya ngo ace ayirungika. Uyu muriro CNDD yakije uzayiturira canke uyituze mwo kimwe

  • hahhahahha none uyomus mukur wumva uzoba ukwiye kandi bizob bitey isona kabisa bakwiye kwisubirak nayohandi baragowe keri

  • Ibintu ntivyoroshe, muraraba neza! Uprona contre CNDD FDD

  • Uragahezagigwa, wirinze kugoka, Imana yo mwijuru iguhezagire cane komera, wanse kwitwa uwushonje nkuko patiri désiré yabivuze dimanche mukiganiro ngo muri muri UPRONA ABASHONJE NTIBABUZE, nimupfane ibanga mukize igihugu.

  • UPRONA komera, UPRONA oyeeeeeeee, BADASIGANA mwese JRR, namwe ba UFEB karibu mukibiri dukomeze urugamba, karibu dushigikire abandi kuko ka NIYOYANKANA karaduhenze. ingo twinjire muri ADC

  • Amakuru yizewe neza aremezako Major BUSOKOZA BERNARD yahungiye mu rugo rw’umu diplomate ava mu gihugu ca kure(ntitumuvuga kubera imvo z’umutekano) akaba ariho ariko arategurira urugendo rwo guhunga DD, Uwaduhaye aya makuru akomeza avugako Karoli Nditije acunzwe bikomeye n’abasoda biyoberanije ariko barinda Embassy ya USA hano i bujumbura nawe akaba ari mu rugo rwa 1st Secretary of US embassy to burundi. Abahagarariye ibihugu byabo mu burundi bahangayikishijwe bikomeye n’akaduruvayo kariko gaterwa n’umugambwe uri kubutegetsi biboneka ko wananiwe kurongora igihugu mu ntwaro ibereye

  • mwe murimaramaza victoire ingabire c est l opposant kagame yafunze , uw i burundi ni victoire ndikumana please editor birerekana ko arumunyarwanda atazi n ivya politiki y uburundi ,niyikangure turi kwa nkururunziza si kwa kagame

  • Kanura murabe,kanura mubone mwa bapfasoni mwe,SINKAZI NA VICTOIRE,nyarutsa muveyo ,hanyuma Edouard azoza tuyage,kugira igihugu,gitorerwe umuti .na ADC yinjire muri gouvernement kuko DD vyayinaniye,NIYOYANKANA nawe mureke agoke ko ashonje,muga bavuga ngo.uheza kugoka ibigori bikera.

  • Niyoyankana arembejwe n’amadeni menshi muma banki yo ngaha i burundi nico gituma ariko araca hasi no hejuru ngo arongore umugambwe kugira ace yiba agire itunga rinyarutse ashobore kuriha amadeni amwugarije. Twabamenyeshako ibanki imwe iherutse kumwandikiria urwete imwibutsako amaze amezi atariha ko banki itagishoboye kumusonera. None nimurabe ingene yabaye nk’umusazi eka utamubisa aramuhitana nkeswamasoro

  • Peter nakumbure arabe ko abo batutsi batagiye umugambi kugira basenyure CNDD-FDD kuko uravye Edouard ingene akora biragaragara ko adakunda CNDD-FDD, kandi atari muriyo, biraboneka neza ko iyi ari plan B yateguye inyuma yo gushiraho ikibiri bikanka ko gisenyura CNDD-FDD, Inararibonye, bagumyabanga, mbonerakure, namwe bakenyerera rugamba nimuze twiyamirize abo bose baduteranya n abatutsi kandi bari muribo kuko bizotuzanira akarambaraye kandi mwibuke ko abatutsi ataciza bakora, muragaba rero kuruyo wese afata ingingo yishakiye, ataraho, Adieu CNDD-FDD

  • UPRONA Oyéeeeeeeeeeeeeeeeee. N’ abandi barakurikira.

  • Tworonka cumi nkabo ngira Uburundi ntibwotwarigwa m’ukwaha.Reka turendire abo 2 basigaye ko bagiye kwitaba akamo canke baguma munzego.Eka na Frodebu Nyakuri ihabere magabo nimba ishakira ineza abanyagihugu.Kuko burya iobibihe turimwo nivyo bigaragaza abakunda igihugu nabashaka ko inda zabo ziguma zaguka mugihe abarundi twugarizwe n’Inzara ububisha butandukanye eka amabi atako twoyavuga yose agwa kuri twebwe abanyagihugu batoya.Nti Imana itwibuke ibone ayo tugowe.

  • La Ministre ayant la communication dans ses attributions, Madame Léocadie NIHAZI vient de démissionner aussi. Vive L’ UPRONA.

  • naje mbona bigoye ivyi imigambwe!ni dupfukame dusengere igihugu kigeze kure.ima izodufashe amatora azogende neza.

  • Amakuru ava muri SOMALIA (AMISOM) aravugako abasoda babarundi bamaze iminsi bafitanye ubwumvikane buke hagati yabokandi bidoga cane cane aba batutsi ko intwaro iriho iriko irabacinyiza. abahinga banonosoye ibijanye nimibano yabasoda bava mumoko atandukanye, baremezako ibi bizatuma AL SHABAB ica igira inguvu ikigaranzura abasoda ba AMISOM bakabambura aho bamaze gufata hose

  • Abo ba DD bose n’abakungu b’inyuma. UPRONA oyeeeeeeee. Ni wewe duhanze amaso.

  • Uwubizi. hora ntibagutwenge! Mu burndi ivyabahutu turabimenyereye! Ariko!! Mwame mwibuka ijambo umuhisi gahutu lremy yapfuye avuze ati: <<uzomenya ko indyane mu bahutu zigira zihere uzotangura kubona uturwi twabahutu tu nura nura kubatutsi aho indyane ko zizoba ziheze!!>>

  • Uwubizi. hora ntibagutwenge! Mu burndi ivyabahutu turabimenyereye! Ariko!! Mwame mwibuka ijambo umuhisi gahutu lremy yapfuye avuze ati: <<uzomenya ko indyane mu bahutu zigira zihere uzotangura kubona uturwi twabahutu tu nura nura kubatutsi aho indyane ko zizoba ziheze!!>>

  • Jewe kubwanje ndabona ibintu vy’abahutu n’abatutsi ntivyinjire muri kinokibazo kuko ni CDD kandi ntaho vyanditse yuko CDD ariy’abahutu canke abatutsi gosa!!! So, ndabona twokwiyamiriza CDD not hutu canke tusti ivyotwarabirenze vraiment!! Abapoliticier bubu ntabwo baraba ubwoko baraba inda!!! My point of view.

  • Mwashaka mwese ni mugende, eka mbere no mugihugu cose ntimube mukivugwa, mweeese mwibere adc ikibiri, CNDD izosonga mbere

  • J Claude narakwemeye ntiwajanyweyo ninda! kandi ntuzorote uhemuka ndi muri benshi bakwiweye. Nakare ntakugendera mukwaha bibereye abana!

  • Nkurunziza narabe ko ivyariko arakora vyoba vyisunga ibwirizwa nshingiro kuko Rwarudo NDUWIMANA azohava amukoresha amakosha erega uravye neza uyu mugabo ntakunda CNDD-FDD akunda inda, n’umucangero, akoreshwa n’akarwi k’abasuma bari muriki gihugu batinya ko ukuri kuja ahabona, ariko nta ngoma idahangura n’abazungu muri Amerika ntibari baziko bosubirirwa n’umwirabure ariko ubu niwe abatwara ivyo vyari bikwiye kubabera akarorero

  • Claude uri umugabo atagabanije pe!!!!!!!!komera uracari muto niwabandanya uko igihugu uzogikorera batangare nayo basesa nkuyoze bitebe bitebuke bizobasambukana.

  • Claude uri umugabo atagabanije pe!!!!!!!!komera uracari muto niwabandanya uko igihugu uzogikorera batangare nayo basesa nkuyoze bitebe bitebuke bizobasambukana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.