Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashikiranganji bose ba UPRONA bavuye muri Reta - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abashikiranganji bose ba UPRONA bavuye muri Reta

Abashikiranganji bose ba UPRONA bavuye muri Reta

mercredi 5 Ruhuhuma 2014

Reta y’Uburundi irabura abashikiranganji batatu kuva kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruhuhuma, umunsi Uburundi buhimbaza "Umunsi mukuru w’ubumwe bw’abarundi". Victoire Ndikumana yahambije bagenzi biwe babiri bakomoka mu mugambwe UPRONA baheruka gutanga imihoho, ku kamo batewe n’umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije.

JPEG - 32.2 ko
Victoire Ndikumana nawe yatanze imihoho yahora ari umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, ingenzi n’amaposita

Abo bashikiranganji batatu babura muri Reta irongowe na Petero Nkurunziza batanze imihoho inyuma y’aho uburongozi bw’umugambwe UPRONA bubasabiye kwikura muri Reta bagiriza ko ariyo iriko ibasamburira umugambwe, biciye ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aheruka gukomorera Niyoyankana Bonaventure uburongozi bw’umugambwe UPRONA.

Abo bashikiranganji bose ukwo ari batatu, Jean Claude Ndihokubwayo ajejwe iterambere ry’amakomine, Léocadie NIHAZI ajejwe ukumenyesha amakuru hamwe na Victoire Ndikumana ajejwe ubudandaji, amahinguriro, ingenzi n’amaposita, bahurije ku kumenyesha ko bitavye akamo k’umukuru w’umugambwe wabarungitse muri Reta, mu kuyikuramwo batanze imihoho, kugira bifadikanye n’abandi badasigana mu ngorane umugambwe wabo UPRONA uriko uracamwo, mu gihe wari watanguye umugambi wo kwiyunga.


Egide Nduwimana

Messages

  • UPRONA bravo bravo ! Ndanezerewe cane kuruko gushira hamwe vraiment mukomeze mube umwe mushire hamwe murwanye bimwe biboneka ubwo butegetsi bw,umukaz. Naho kwerekana power kwa Nkurunziza bizomugora cane araza guta umutwe Niyoyankanwewe mumufute mu mugambwe. Yabaye igikoresho vyararangiyemumenye ivyo muriko murakora tubishigikiye

  • Niyoyankana urahinyutse. Tabaranya usubize agateka umugambwe waguhaye vyishi, ayo maronko ntaho uzoyatwara. Barayaciye ba sokuru ngo inzara irahera ariko igihemu kibi ntigihera

  • Birumvikana kuba batanze imihoho kuko kuguma akorana nababasamburira umugambwe ntibisiguritse. Ahubwo iyi leta nsanze itaratahura Démocratie ico ari co kuko ntihoba intwaro y’umugambwe umwe hama bavuge ngo hariho Démocratie, ahubwo 2015 iratevye kugera kugira tubashimire kuvyo bariko baradukorera.

  • Ndashimiye UPRONA na cane cane la ministre Victoire kuko arakunda akazi kandi ibintu bisubiye mu buryo muzomwongere abandanye kuko arabishoboye.Abo ba DD nabo batambe birorera hanyuma turabeko ibikorwa bibandanya!

  • abo bantu bashaka kwinjirira abandi mu mu gambwe barakwiye kwitonda cank bagasubira iyo baje bava kuko uko sukubaka nugusambura

  • ABADASIGANA BARIVUMBUYE BASHA NONE BAFISE INKOHO?
    NAKWAMA NGUMA MURI RETA KANDI NTAWE UVUGANA INDYA BA SHA BAZORONDERA ABANDI ABADASIGANA NI BENSHI EGA MWE

  • Reka iprona bayikomeshe kuko niyo yatumye abo ba ccndd batsinda none barabihindutse ariko buriya ntibazi ko iprona ko ishatse yobarasa ho urufaya rwa masase.yewe nzoba ndora n’umwana w’umunyarwanda.

  • Mu gihe ndiho nandika ubu butumwa, inyuma yanje muri cyber caffe yo mu bwiza, hicaye umu sirikare w’umu DD ariko aravugira kuri telefone igendanwa abaza mugenzi wiwe ko bamaze gufata musitanteri (simuvuze akakanya) kandi ategetseko abanza gukubagurwa gushika yemeye ivyo bamubaza. Abarongoye UPRONA mu bice nka vyose bigize maire de bujumbura Bariko baracungirwa hafi kugira baheze babate mu mvuto. twobibutsako Busokoza na Nditije bahungiye mu ngo z’abahagarariye ibihugu vyabo mu burundi

  • Komera victoire nakare UPRONA yamanye abashingantahe n’abapfasoni bakunda uburundi n’abarundi.naho NIYOYANKANA yatwawe n’inda!!! ahubwo nukumukura muri UPRONA yaduhemukiye..

  • Uprona ko mera harageze kwizo mpongo zihigwa

  • NDAKEJE UMUGAMBWE UPRONA KU NTAMBWE UTEYE UKABA NAWO NYENE WITEYE ITEKA. NONE UKO MUJA HAMWE KOSE MUDUSUBIRIZEHEHO BUSOKOZA KKO N’UMUSHINGANTAHE W’IRYA MUNYU IYO ATABA WE IGIHUGU CARI KIGUYE MUMANGA. NU TURABASAVYE MWIFANYE NA ADC-IKIBIRI MUGWANYE 3èCAND DE NKURUNZIZA. Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.