Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka ba UPRONA basaba impande ziri mu matati kuja hamwe ibintu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abashingamateka ba UPRONA basaba impande ziri mu matati kuja hamwe ibintu (...)

Abashingamateka ba UPRONA basaba impande ziri mu matati kuja hamwe ibintu bitarayangara

mardi 11 Ntwarante 2014

Abashingamateka bakomoka mu mugambwe w’Abadasigana UPRONA basohoye urwandiko, aho basaba ko impande ziriko zirashamirana zoja hamwe, kugira intureka zimaze iminsi muri uyo mugambwe zihagarare.

Abo bashingamateka, bakavuga ko inama nkuru y’umugambwe yo mu mwaka w’2009 ariyo yoja hamwe igatatura izo mpande zose zishamiranye, ni ukuvuga uruhande rurongowe n’umushingamateka Karori Nditije hamwe n’urundi rurongowe n’umupfasoni Conciliya Nibigira. Abo bashingamateka kandi bagasaba ko ataruhande na rumwe rwohirahira ngo rudadaze, kandi Abadasigana birukanywe mu mugambwe harimwo Conciliya Nibigira, Niyoyankana Bonaventure na Gaston Sindimwo, bagasabirwa gukurwako ibihano, kugira ukwo kwiyunga kugire ico gushitseko.

Mu ruhande rwa Conciliya Nibigira bo si uko bavyumva. Amakuru dukesha bagenzi bacu ba radiyo Bonesha FM, Gaston Sindimwo asanzwe arongoye ukwo inzego zikora muri UPRONA yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, avuga ko abo bashingamateka nyene bari bakwiye gukenguruka izo nzego zashizweho n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, kandi akanabagiriza kuba aribo batuma ibintu bigenda nabi mu mugambwe. Gaston Sindimwo, amenyesha ko hari umurwi uriko urafasha kugira izo mpande zisubirane, abo bashingamateka, bagasabwa kuwitaba.


Aristide Nizigire

Messages

  • Nyabuna ababashingamateka nibazima kandi uwobemerera bobabahuza! Ndabemeye ivyobavuze,kukoburya kwenyegeza canke gukokeza nkatwebwe abarundi tutabangikanije namosha yabohanzehanze ntidushobora kubikora, bashingamateka komerezaho erega nubwo mwarungitwe numugambwe UPRONA murabashingamateka babarundibose nonenkumurundi wo mumugambwe CNDD FDD yagiyenkokurangura bugihugu ca Uaganda akabona umwemwaba bashingamateka bavamumugambwe UPRONA ntiyocavugati ndabonye umushingamateka wiwacu Burundi? Komeza murwire abatemera amosha maze abashaka gufata abarundi nkutuntu tworoshe guhendeshwa uduhera bamaramare. Musi itarimike nzobahinkuru ikanze kandizonezereza ABAHUTU, ABATUTSI, NABATWA, arikwabazomaramara ntibazobura rindira ndayifate neza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.