Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingamateka ba Uprona basaba CNTB kwubahiriza amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Abashingamateka ba Uprona basaba CNTB kwubahiriza amategeko

Abashingamateka ba Uprona basaba CNTB kwubahiriza amategeko

dimanche 31 Ntwarante 2013

Abashingamateka bakomoka mu mugambwe w’abadasigana Uprona basaba umurwi w’igihugu utatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB guhagarika vy’imfatakibanza ingingo zo gukura mu matongo abagirizwa ko atabegukira.

Kubw’umushingamateka Bonaventure Gasutwa, bakwiye kurindira ikigega co gushumbusha abakuwe muri ayo matongo hamwe n’ishingwa ry’umurwi w’ukuri no kurekuriranira. Amanyesha ko umurwi CNTB uriko uhonyanga amasezerano ya Arusha, n’ibwirizwa shingiro ry’igihugu c’Uburundi mu kwibagira ugusubiza hamwe kw’abarundi mu ngingo zose zifatwa.

Ubwo butumwa bwo mu mugambwe w’abadasigana Uprona butanzwe mu gihe imiryango ibiri yo muri komine Nyakabiga na Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura iheruka gusohorwa mu mazu yahoramwo.

Umuvugizi w’umurwi CNTB yemeye kugira ico abivuzeko, tukaba tuzobibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.