Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abashingwamanza bo muri EAC basaba Nkurunziza kwisubirako ntiyitoze - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abashingwamanza bo muri EAC basaba Nkurunziza kwisubirako ntiyitoze

Abashingwamanza bo muri EAC basaba Nkurunziza kwisubirako ntiyitoze

jeudi 30 Ndamukiza 2015

Abashingwamanza bo mu muryango w’ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko bahamagarira Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza kwisubirako akavavanura n’iciyumviro co gusubira kwitoza kuko bidakurikije amategeko.

Mu gihe mu gisagara ca Bujumbura, abarundi isinzi bahagurutse kuva ku munsi w’Imana bakihereza amabarabara mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, umuryango w’ibihugu vyo mu karere k’ubuseruko usa nuwuriko urakurikiranira hagufi ibiriko biraba mu Burundi.

Mw’ikete umuryango w’abashingwamanza bo mu bihugu bigize akarere k’ubuseruko bandikiye Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza bamumenyesha ko batangaye cane no kumva ko yemeye ko bamutanga ngo azoserukire umugambwe wiwe CNDD-FDD mu matora yimirije mu gihugu kandi ibiringo vy’iwe bibiri yemeregwa n’amategeko yarabirangije.

JPEG - 55.4 ko
Umushingwamanza Dieudonnee Bashirahishije, icegera c’uwurongoye uwo muryango wa bashingwamanza bo muri EAC

Nk’uko vyamenyeshejwe n’umushingwamanza Dieudonnee Bashirahishije, icegera c’uwurongoye uwo muryango wa bashingwamanza bo muri EAC, bahamagarira Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza ko yo kwisubirako akamenyesha abarundi n’amakungu ko atazokwitoza. Kandi ko n’ingaruka mbi ziva ku myiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza yatanguye kwibonekeza no mu bihugu vyo muri EAC.

Abo bashingwamanza bo muri EAC barasaba kandi iyubahirizwa ry’ibwirizwa shingiro bakongera bagasaba iyugurugwa ryi radio RPA kuko abanyagihugu bakeneye ku menyeshwa ibiriko biraba mu gihugu cabo. Abiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza bakareka gusinzikarizwa ubuzima kuko biri mu burenganzira bwabo bwo gushikiriza aho bahagaze ku kibazo kiraba igihugu cabo.


Alida S.

Messages

  • Ariko ubundi, ni hehe mw’Ibwirizwa Shingiro ry’u Burundi, handitse ibiringo 3 mu gihe umukuru w’Igihugu atowe rimwe n’abanyagihugu? Muraryandikisha no mu gishinwa canke mu carabu, bazobabwira ko handitse ko ata mukuru w’igihugu c’u Burundi agomba kurenza ibiringo 2 ku ntwaro et non 3. Nkurunziza aho yakoze nabi cane gose, kuko umuntu asenga kandi agakunda Imana, agerageza gusangira n’abandi akirinda kwikumirirako vyose. Muri makeya azovuga ko yakoze ugushaka kw’akagwi kiwe et non ugushaka kw’Imana n’Abakunzi b’amahoro na demokarasi.

  • Mbega iyo mukorera mu kagwi muca mwibaza ko isinzi ry’abagumyabanga bamusize imbere babaye akagwi. Mubirenzako uruho gw’amazi gusa. Reka buca tubirabira mu matora ko ari akagwi nk’uko mubivuga. Hanyuma Ibwirizwa Nshingiro riravuga ibiringo 2 yitorewe n’abenegihugu ubwabo. Canke ntavyo muzi kuko mutigera mumutora. Murabaza abamutora bababwire ko basigaje irindi rimwe kandi ubwo burenganzira babuhabwa n’Ibwirizwa riruta ayandi muri kuno gihugu. Abo bacamanza nabo uvuga nibareke kwiha ijambo barindire baribasabe.

  • jean uvuze ukuri gusa umenye ko amaraso yabarundi 5000000 ariyo nkurunziza yasabwe numwami w isi SATANI kugirango atsimbatare kubutegetsi niyo ariko ararondera abasenga barabyeretswe

  • KWERI UWO MUKURU WIGIHUGU NARABE NTADUSUBIZE MWIHUMBI AHE N’ABANDI NABO IKIRINGO CARAHEZE

  • @ Mahoro, niwisubize mwihumbi canke ureke birakuraba hitamwo kimwe.

  • Reka dusabe uyo peter agezago

  • Eacntirirabusema Kandi Kananira Abagabontiyimwe.Ubugabobutisubirako Buvyara Ububwa!!!

  • W.W.W.NASHAKA GUSABA AMAKUNGU AGAHANURA KUGIRANGONTIHONGEKUBA INTAMBARA NKIYABAYE MURI KAHISE K’UBURUNDI.W.W.W.NASHAKA GUSABA AMAKUNGU AGAHANURA KUGIRANGONTIHONGEKUBA INTAMBARA NKIYABAYE MURI KAHISE K’UBURUNDI.COM

  • BENE DATA NARABE YISUBIREKO NKUMUGAB INTWARO NTIHERA AZONGERA AYOBORE NIBINDI TUREKE IGIHUGU NTAKURIKIRE AMARONKO AMARONKOMESHI AZIBA AMATWI KANDI INDA NDENDE IHUMIRA INDA IKICA AKOKIZE ABATEGETSI NTIMUKORESHWE NINDA NGO AMARASO AMENEKE MURAMENYA NEZA KO AMARASO ATAMERA KANDI TURAVYARA NTUTUREMA UWAREMYE ARIHAFI IRIKO BIRABA ARABIRABA NIMWIKUTE AGASI MUREKE GUSAMBURA IZO MUTUBATSE KUKO SIJEWE SIWE URIKO URICISHA ABANTU NAWE NAWE UTUMWA MUKWICA BENEWANYU UHEBWA AKADENDEREZO KATAZOGUTUNGA NIMYAKA CUMI UKA URIKO URICA ABAZO GUHA AMAZI UTACISHOBORA NIWIBUKEKO AYO MARASO URIKO URAMENA NAWE ARIYUVA BACUMUGANI MUKIRUNDI WIHORUWAWE UGAHONYA UMURYANG KANDI INTIMENYA NIYO NTINEGURA NDAVUGA SIMVURA IBWIGWA NICUMVA ICEREKWA NIKIBONA

  • None mweho ko muvugisha umunwa habuze uwomukura kungumvu?muzoguma muvugisha umunwa kugeza amaraso asesetse?icare mwige ingene mwomukura mumeny uwurway idwara idakira avugango reka ndayanduze abandi sinzopfe ndumwe nukuri mutavuy hasi arabatembana!!icare hamwe nigisoda murabe uwimfatakibanza mureke kwirirwa murashuha imitwe iyaba nari umukuru wintwazangabo mba nahumurije abanyagihugu nti mureme.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.