IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare b’Abarundi batatu b’intwazangabo birukanwe muri MINUSCA

Abasirikare b’Abarundi batatu b’intwazangabo birukanwe muri MINUSCA

mercredi 10 Ruhuhuma 2016, par egide

Intwazangabo zitatu zo mu gisirikare c’Uburundi zirukanwe mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika. Izo ntwazangabo zagirizwa uruhara zagize mw’ihungabanwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Major Jean-Bosco Mushimantwari, Major Pierre Niyonzima, hamwe na Major Jimmy Rusheshe bari barungitswe mu butumwa bwa MINUSCA bw’ukugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika kuva mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2015.

Igisata ca ONU kijewe gukurikirana agateka ka zina muntu mu Burundi carashikirije amakenga gifise ku ruhara rw’izo ntwazangabo zitatu, mu guhungabanya agateka ka zina muntu hamwe n’ubwicanyi bwakurikiye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, yatanguye muri Ndamukiza 2015.

Izo ntwazangabo uko ari zitatu zafatiwe ingingo y’ukwirukanwa muri ubwo butumwa zarungitswemwo muri Centrafrika, umukuru w’ingabo za MINUSCA agasabwa ko yoshira mu ngiro vuba bwango iyo ngingo y’ukugarukana mu Burundi Major Pierre Niyonzima, hamwe na Major Jimmy Rusheshe.


IGIHE

Messages

  • Abobicanyi baribara bateneje bave iwabo bamaze abandu nashebuja wabo ngobagiye kugarukana ahandi amahoro abandu batunva ikigogwe kubenewabo abobanya mahanga bobo bazobagarukanira amahorogute nibabakureyo basubire muburundi shebuja abahe akazi kokwica

  • Ibyabandi byo muzi kubivuga vubavuba ibyanyu bikaba agacerere .mana we reta yigitugu....

  • ico mbona nuko nabobandi bokwirukanwa nibaze bagarukane umutekana ngaha iwacu.

  • Nubundi baratinze ahubwo bose nibaveyo.

  • ivyo ntaco nibigarukire gukorera igihugu cabibarutse mugufashanya nabandi ikivi cogurwanya inkozi zibibi, nongaha mugihugu turabakeneye kuko iyo batahaba igihugu carikurwa musanganya. ndarangavye zuburundi nimwigarukire inguvu mwokoresheje hariya muzikoreshe ngahiwacu mugutuza abagizi banabi mbere muce murushirizaho....wosanga ari IMANA ibigize. rero ntimwiteko umwikomo! nimukomere kwibanga.....

  • Bategerezwa kubafata bagashengezwa muri za Sentare Mpuza amakungu.
    Bagiye I Burundi kwica abandi bantu.

  • Uwokorikibi Yocishira Ahazobarihose Nimbarivyo Nibatahe

  • Awa Erega Uburundi Nibuto!Bagira Bizohera?Ahubwo Nibaje Irahe.

  • Ubona bobomora bose nkurumbi akabura urwitwazo

  • JEWE ABARUNDI MURA TWENZA NONE ICAHA KIGUYE KUMUNTU MUVUGA GIHITANE BOSE UMURYAMBWA ARITUKISHA NTATUKISHA BOSE BEMUVUGA UKURI KIRAZIRA GUHENGAMA NTAMURUNDI YOVUGA GUTYO NUKWITUKA KUKO KUJAHANZE KUNGABO ZACU NITEKA KU BURUNDI UBURUNDI NU BWATWESE SAWA

  • Iyongingo ya fashwe yokubirukana ninziza, kuko ntiwocungisha iduka umusuma niweyohindukira kuyisahura. ntahovyabonetse umwicanyi yi fuza amahoro, nibagarukanwe kuko ntaco bamariye amakungu bonigihugu cabibarutse.

  • Ahubwo nibabagarukane baze kudufasha guhangana n’ako kagwi k’iterabwoba ka Sindumuja. Maze tubamesure neza.

  • Mbega Buyoya N’abiwe Ko Bamaze Abahutu Ibihumbi N’ibihumbi Kwatoco Bamuvugako?Abo Batatu Bazize Ko Baburijemwo Imigambi Igayitse Y’abagumutsi.

  • None baca bajahe?Nubundi bazomarabantu muburundi!Ahubwo nimba harivyemezo ni bafatwe bacirirwurubanza!

  • emwe abarundi twese tuzosidukana niyonka tuja kukibuga cindege kwakira izontwari zuburundi zigarukiye mugihugu camavukiro.

  • JEWE NDASHAKA HAGIRE UWUMBARIRA KO BUYOYA YOBA AGIFISE YAMABANGA YOGUKORA MUBISANTA VYA ONU NAHOZENUMVA MUMYAKA HEZE MAZE NIKORERE IKINTU MUZOZA KUNYAKIRA ARIKO NATANGUYE KUKO MFISE IBINTUVYASIMUSIGA, RABAAMWE ABANTIBAKURU BIBIHUGU BAGIRIYE IBINTUBIBI MUBIHUGUVYABO BIRIRWA BARABAZUNGAGIZA AHONOVUGA NKA TCHAD, COTE EDIVIAR, BUR IKINA FASO,NAHANDI KANDABO NUBWO MUBIHUGU VYABO HAPFUYE ABANTU NTAMUKURU WIGIHUGU YAHAPFIRIYE. ARIKO RABA AKAKAGAMBANE KOMUBURUNDI , GUFATA BAGASESEREZA INZIRAKARENGANE NGONTIZEMEREWE GUKORA HIRYANOHINO KW’ISI ARIKO BUYOYA BAKAMUHA AMABANGA AKOMEYE YOGUKORANA NA ONU IRYOMUBONA ATARIBARA EHENAMWE NIMURABE NDACIRE KUMAYANGE, MWARIGEZE MUBONA BUYOYA ARYOZWA CANKE NGOYAKWE UBURENGANZIRA KUMABI YAKOREYE NTEGA NA MARANGARA!? MWARIGEZE MUBONA ABAZWA IYICWA RYUMUKURU WIGIHUGU NDADAYE NIBINDI BIHANGANGE BAKORANA NABANDI BA KAWUSHEMEYE , BA MAYUGI MUKUBAROGESHA NABA MUKA GACURABWENGE NTIBANTUNGANYA ETC.??????????????

  • None ufise kibazoki, ngo kuko habaye ibibi namwe babareke mwice abarundi mubamare, suko bigenda icyaha ntigisimburwa nikindi

  • intwazangabo,ntizibambi??haritegeko.

  • @ kimoshori iyari intwazangabo za l’etat ivugisha ukuri, ariko izaba dd nta ndero zifise, zamaze abantu kwa kweli.

  • @ Kabango, jewe sinakubwiye ko abibasirikare hariho ikivi bakoze ntakiriho ndabigusubiriyemwo canke subiramwo usone ivyinanditse urasanga atahonavuze kohariho ikibi bakoze, ahubwonavuzeko bibabaje kubona ONU yakuburenganzira abere ariko ikemera gukorana nukwicanyi ruharwa BUYOYA subiramwo usonenezarero ntahonavuzeko harumuntunumwe yemerewe kwica abantu ngonuko na BUYOYA yishe, nizere kunyuzwe?

  • UBWO SABA PMPA BONYENE?MURABE NEZA USANGA ARI ZANKURU ZIBIHUHA ZITANGIRWA MUMA KARITIYE AMWAMWE BA SINDUHIJE KOBATAZANWA BA PACIFIC KOBATAZANWA NABANDI NTAVUZE EMWEHA!!!

  • @ None wowe na ONU ninde uzi gukora itohoza kuruta undi, urunva umurwi mpuzampakungu warenganya abarundi batatu ibashakohiki? Va mumarangamutima

  • NIBABAFUKUZE NAKARE NTACO BARI BATUMARIYE MUBURUNDI ATARI UKUTWICA.

  • IZO NTWAZANGABO NIZO ZISHEZONYENE?BA BUYOYA BARIHE?KOBATABAVUGA?

  • BA BUYOYA KO BATABAVUGA BOBO NTIBISHE MANA TABARA UBURUNDI

  • mbe kuva 1972 ibihano bitanguy gufatwa ubu?hapfuye benshi muriyo myaka arik ntaco nigez ndavyumvako kubijany nibihano vyahaw abakor ububisha.abo nabo ni babandi nyene.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.