IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi batinye gutaha ku mvo z’umutekano (...)

Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi batinye gutaha ku mvo z’umutekano wabo

jeudi 18 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare bane b’intwazangabo z’Uburundi bari bamaze imyaka itanu bariko bakurikirana ivyigwa mw’ishure rya gisirikare ry’i Addis-Abeba mu gihugu ca Ethiopia, banse gutahuka mu Burundi, inyuma y’aho ivyigwa bahoramwo bihereye. Abo basirikare bandikiye ishirahamwe mpuzamakungu HCR basaba ubuhungiro, kubera bavuga ko batizeye umutekano uri mu Burundi.

Mu mpera z’ukwezi kw’icenda umwaka w’2011, niho abanyeshure 17 bo mu gisirikare c’Uburundi barungikwa mu gihugu ca Ethiopie guhabwa inyigisho zimara imyaka itanu. Inyuma y’uguhabwa impapuro z’umutsindo, Reta y’Uburundi yabarungikiye amatike y’indege kugira batahe mu gihugu c’Uburundi.

Cumi na batatu muribo baratashe mu ndwi iheze, ariko bane bakaba baranse gutaha, ahubwo bandikira ishirahamwe HCR ryitaho impunzi muri Ethiopia, basaba ubuhungiro ku mvo z’umutekano muke uvugwa mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.

Abo basirikare babwiye HCR ko bafise amakuru ko bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura bazoca bafatwa.

Mu gisirikare c’Uburundi bavuga ko ivyo bishikirizwa n’abo basirikare c’Uburundi ata shingiro bifise, ko n’umutekano w’abo basirikare utabangamiwe nk’uko babivuga.

Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi avuga ko abo basirikare bafatwa nk’abatorotse igisirikare c’Uburundi, kuko batigeze basigura impamvu zibatumye badatahuka mu gihugu cabarungitse kwiga. Abo basirikare bakaba bakurikiranwa n’ubutungane.

Abo banse gutaha mu Burundi ni Lieutenant BIRAZA Gustave, Ingenieur Regis NIBARUTA, Lieutenant NZEYIMANA Appolinaire, hamwe na Lieutenant Arnaud KWIZERA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.