IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasuma 3 ntiborohewe i Bubanza

Abasuma 3 ntiborohewe i Bubanza

samedi 16 Ntwarante 2013

Abasuma batatu bitwaje inkoho barafatiwe ku murwa mukuru w’intara ya Bubanza mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 14 Ntwarante. Bari bashitse aho i Bubanza ku mugoroba ari bane mu modoka yo mu bwoko bwa kagongo, aho bari bitwaje inkoho ya kalachnikov, hamwe na pistole.

Muri batatu bafashwe, umwe yari umusirikare w’igihugu, akorera mw’ikambi yo mu Ngagara. Uwari yitwaje inkoho ya kalachnikov niwe yashoboye gusiga abapolisi, aho mu guhunga yagiye ararasa.

Uwo nawe nyene ni uwasubijwe mu buzima busanzwe. Abajejwe umutekano barikumwe n’urwaruka rw’aho i Bubanza baragerageje kumukurikira ariko aruhira kubasiga.


Floxella Karire

Messages

  • NIVYIZA GUTA MURIYOMBI ABO BASUMA, BUT HATI UWUNDI YITWA STRATON HABIMANA, ARI MUBURUNDI UBU NYENE,KNDI AGUMA AKOMEZA UBUZUMA BWIWE, NONEHO AVUGA KO AKORERA IGIPOLICE C’ UBURUNDI, NONE TURIBAZA ESE MUGIPOLICE C’ UBURUNDI CYO KIBIVUGAKO IKI IYO UMUNTU NKUWO AKOZE IVYO AKANABESHERA ABAJEJWE UMUTEKANO KO ARIBO AKORERA, GUSA UWO MUSORE STRATON AREMBEJE EAST AFRICA KUBUSUMA HABE MUBUGANDA, RWANDA, BURUNDI, NONEHO ASIGAYE AJYA NO MURI SOUDAN KWIBA. PLZ HAGIZE USHAKA KUGIRA IKINDI ASHAKA KUMENYA KURI STRATON HABIMANA YOBARIZA KURI 250 788 355 669. MURAKOZE AKAZI KEZA POLICE Y’UBURUNDI IKOMEZA GUKORA, MBIFURIJE AKAZI KEZA.

  • Ni byiza cyane rwose ko abasuma bafatwa ariko Abarundi tuzigire ku Rwanda hoho ikibazo c’abasuma carakemutse pe ushidikanya azagere i Kigali yirebere.

  • Uwo Yabasize Gute?Hoba Harabaye Ikimenyane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.