Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatanguje RANAC bategekanya gutora irindi zina - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatanguje RANAC bategekanya gutora irindi zina

Abatanguje RANAC bategekanya gutora irindi zina

mercredi 4 Ntwarante 2015, par Egide N

Abagize urunani RANAC bamenyesha ko bazotora irindi zina, bakazoja mu matora nk’abigenga nk’uko bari babiteguye bagitanguza urwo runani.

Inyuma y’inkuru ivuga ko imigambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI, PASIDE na ANADE yasavye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kuyemerera gukorera ku mugaragaro kw’izina ry’urunani RANAC, Tasiyano Sibomana avugira urwo runani amenyesha ko bitangaje kubona iyo migambwe igenda gusaba kwemererwa gukora ku mugaragaro yiyitirira urunani RANAC kandi urwo runani rugizwe n’intonde z’abigenga mu matora, baserukiwe kw’isonga n’umugambwe FNL urongowe na Rwasa Agathon hamwe na UPRONA irongowe n’umushingamateka Karori NDITIJE.

JPEG - 39.1 ko
Tasiyano Sibomana, umuvugizi w’urunani RANAC

Mu gihe umushikiranganji Edouard Nduwimana yokwemera ko iyo migambwe FRODEBU NYAKURI, PASIDE na ANADE ikora ku mugaragaro kw’izina rya RANAC, muri RANAC bavuga ko azoba asubiriye kugaragaza ko adashaka ko imigambwe ifise igihagararo yemererwa gukora ku rubuga rwa poritike kubera yohava ikura amata mu kanwa umugambwe wiwe CNDD FDD. Kubwa Tasiyano Sibomana, iyo ngendo y’umushikiranganji Edouard Nduwimana igaragaza ubwoba bw’umugambwe CNDD FDD bwo gutsindwa mu matora Uburundi bwimirije. Nk’uko Tasiyano Sibomana abisigura, ubwo bwoba bwa CNDD FDD butumwa n’uko amatora y’abajenama b’amakomine yo mu 2010, yarerekanye urutonde rw’imigambwe ingene ikomeye ku rubuga rwa poritike, aho umugambwe FNL wabaye uwa kabiri, umugambwe UPRONA nawo uba uwa gatatu.

Tasiyano Sibomana agira ati : "Ivyo bituma umugambwe CNDD FDD utakaza icizere mu banyagihugu, n’abanyagihugu bagatakaza icizere c’uwo mugambwe. Izina tuzotora irindi."

Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa gatatu, mu runani RANAC bamenyesheje ko kwemerera iyindi migambwe gukora nk’urunani RANAC ataco bihindura, kuko bazotora irindi zina, hama bategure ingene bazokwitaba amatora nk’abigenga.


Egide Nduwimana

Messages

  • uprona na fnl ni bakine politique yukuri,basabe ibyo amategeko abemerera byose vyanka vyakunda naho nibatega amashi umushikiranganji,yabasamburiye imigambwe babona,akababuza amanama babona..ico azobaha ..ni barindire bazokibona

  • ariko rwose ivyo biratangaje bakirushinga ntbari bumvikanye ingene bizogenda bahengera baramaze gutorizina abanyagihugu twamaze no kurimenyera hama ngo batandukany? RWASA na NDITIJE rero nibarabe banyarutse batore irindizina hama badushikirize nimigambi yabo kuko turayinyotrwe cane turabe ko tworuhuka iyi ntwaro yagacinyizo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.