Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatavugarumwe na Reta basaba ibintu bitatu kugira habe amatora yizewe na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatavugarumwe na Reta basaba ibintu bitatu kugira habe amatora yizewe na (...)

Abatavugarumwe na Reta basaba ibintu bitatu kugira habe amatora yizewe na bose

mardi 9 Ruheshi 2015

Inyuma yaho umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI usohoye ikirangaminsi nfatakibanza c’amatora, kuri uno wa mbere igenekerezo rya 8 Ruheshi,imigambwe itavuga rumwe na Reta,imenyesha ko ata matora yizewe na bose ashoboka mu gihugu,mu gihe ibintu bitatu vyoba bitarakorwa.

Kubwa Karori Nditije ari mu barongoye urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,amenyesha ko ica mbere cokorwa ari ugusubiriza umurwi CENI ,kuko babiri muri batanu bari bawugize batanze imihoho kandi barahunga igihugu.

Ica kabiri gitegerezwa gukorwa,Karori Nditije avuga ko ari ukwaka ibirwanisho urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Karori Nditije amenyesha ko ica nyuma gitegerezwa gukorwa, ari uko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza areka kwitoreza ikiringo ca gatatu,bimaze kuboneka ko arico nyanduruko y’umutekano muke urangwa mu gihugu kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane.

Kubwa Karori Nditije,ibisabwa ntabiriho kugira habe amatora abaye mu muco,kandi ibizoyavamwo bikemerwa n’abarundi bose.Avuga ko ibintu bibandanije uko biri ubu,ata matora azoba ariko aratunganywa,bikazotuma abatavuga rumwe na Reta batayitaba.

Naho abatavuga rumwe na Reta batitavye iyo nama yasohorewemwo ico kirangaminsi,umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko Reta yamaze gukora ibishoboka vyose kugira amatora abe.

Edouard Nduwimana yavuze ko imitahe yari yandikiwe abatavuga rumwe na Reta yahagaritswe,amaradiyo nayo agiye kwugurura,kandi n’umutekano w’abatavuga rumwe na Reta ucungerwe ku rugero rushimishije.

Mwomenya ko umurwi CENI wasavye ko amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine yashizwe kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi,ayo nayo amaze kwigizwa inyuma incuro zibiri.

Messages

  • Amatora azoba uwutavyunva nahunge ugwanda rurabakira.

  • Imana N’umubeshi?Biragahe Kuko Arico Cayinaniye.

  • J Nzendab Ayo Matora Ingen Azoba Amz Avangura Bamw Nabandi ,ubwo Nyen Azoba Ari AMatora Ya Vrai?

  • EWE NDITIJE NAWE VYAKUYOBEYE .URAHENDA GWASA NAYO PETER UV INYUMA.NONE NKAWE UBONAWOMARIRA IKI UBURUNDI?TWARABAHINYUYE SHA ,IGITI NTIKIGUKORA MUJISHO KABIRI.#WIBAZA KO MIZERO YANYU ITARIMWO TUTAZOTORA.NAKARE MWARI INGWIZA MURONGO,#%USUBWE UBWENGE NUMUGOR.MBE WENAGWASA MURAMUKANYA GT?%

  • Kuruhande gwabatavuga rumw na leta turasgigikiy cane iryojambo ryatanzwe nuwuserukira amizero y’abarundi,kuk basavye ibint vyiza cane!kanats CENI ntabwo ikwiy kugira ivalide itegeko,kand 3ieme mandat ntikund kand ntituyemera!MIZERO Y’ABARUNDI OYE!!!TSINDA NAKARE WARATSINZE!AGATHON RWASA ET NDITIJE TUBARINYUMA GUSHIKA KUNZINZI!OYE

  • Abafise ivyiyumviro nkivyovya Nditije Karori, birumvukanye bariho kandi nubwo ataribobeshi barabangamiye igihugu nabarundi, kubwivyorero mubiheturimwo vya democratie ntamuntu ashobora kubambika imigozi ngokugira bareke kumera nkukobameze. Nubworero birukwo amatora ategerezwa kuba kuko amatora atabaye vyobabibi kurusha kumpandezose ndavuga kubarundi batobato ubonako bobobatababazi iyobiva niyobija. Ndababwirako abomubona bagumabadadika habaye ibintuvyokwiruka usanga indegezibarindiriye amazunayo mezameza yokubakiriramwo ababarindiriye, nicogituma iyoturiko turakorana nabo dukwiye kwiyibutsa ivyovyose. Nkakarorero nabarundi bahungiye Rwanda hariho ababura nivyobiziba vyamazi bashiramwo ibinini ngobanywe ariko bamwe babateje guta izabo binwera amazi yomumacupa.Ndabarahiyenukuri uwo Karori Nditije nubwoyobungira Rwanda Tanzania, Congo, nahandihose ntanahamwe yorara mwisheetingi , arikomwebwe mugumamwitabira ivyavuzevyose abeshi muhunze mwotangara muhawe sheeting yametero zitanu kuri munani ngomiyubakishe akazu kokubamwo muri umugore numugabo nabahungu babiri nabakobwa bane maze ubwobuzima mukabumaramwo imyaka nimyaniko, maze ba Karori iyobibereye mumagorofa babarungikira msg zukubahimiriza ngokwitanga muburyobushoboka bwose kugira muve ahomuri.

  • @Hamisi.
    "Amatora azoba uwutavyunva nahunge ugwanda rurabakira."
    Koresha irindi zina ureke gutuka icitwa amatora!
    Ntibakwumve abafise iyo batora!

  • AKANANIYE UMUGABO KANANIRA N’UWUNDI AYO MAHANE NIYO YAGUKUYE MURI UPRONA NUWO RWASA UZOMWIHINDUKA UBONA KO WAGUZE INDA

  • Amatora ntazoba, uwutavyemera yateguye guhonya abarundi!

    Ntamatora, ahubwo umunyabwenge n’uwuriko ariyeza, yihana.

  • MURAZA MURABA NABABIVUGA NKUYO NUGUTOBA ,IMIGAMBWE 17 NTAYO TWIGEZE TUBONA KURUBUGA,REKA GUKURIKIRANA UBWIJE,NIMBA ATARUHARA MUBIFISEMWO INKURU ZOKUMENYESHA ZIRIHO.

  • Abasaza Bamezenkabna.M Wumvsicogsaza.Nahonobmpumyi Uyosnomutra.Nibavu Gshukri Kwatavyobashob Yegtwarighug.Banganyubwe Nabobhenderjengbajmwi Barabra

  • Shra Imbere Ukwunvika Igihana Umwansi N Umwunvikano .Mbe! Eduard Niwe Asigaye Agaba Igihugu Kurusha President Ivyuburundi Biragye Bikiriko

  • AMATORA AZOBANEZACANE NDITIJE NAWE RWASA BIBANANIYE KWIGUSHA ABANWANYIBANYU REKA ABABIGIJE BATORE UMUGABOWABAGABO WINKONA SEBARUNDI PETERO NKURUNZIZA WEWE RWASA NA NDITIJE NDABAKEBURE JAMUMATORA NIMWABAMUFISE ABANWANYIBABATORE BURIYAMWEBWE MUVUGO AMATORANTABE ATABAYE NAKAJAGARI KANDINAHO PETERE NKURUNZAZA ATITOJE NIHOMUZOCAMUBONA INGORA MUGIGU TWEBWE ABANYAGIHUGU DUTEGEREZWAKWITORERA INDONGOZI ZIBUSHITSE UWONI SEBARUNDI PETERO NKURUNZAZA AMATORA AZOBA UWUZIKATAZOBA HUNGA AKANKEBURE RWASA KABANDIBATAHAMURWANDA WEWE RWASA UFIFAMIYE MURWANDA ??.URIBUKA URIYAMUYOBOZIWAHO AHO AHENGAMIYE NTACIZA ASHAKIRA UBURUNDI ICOKINTU UKIMENYE

  • @Eka uri impumyi. Ibyo bipfapfa bimeze nka Hamisi nibigera mu Rwanda umunsi twavudukanye Kagame bizajyahe? Ko tuzi neza ko izo nkoramaraso ziri guhunga uburundi kubera ibyaha ziri gukora ziturira abantu hamwe n’amamodoka.Bashatse basubira i Burundi kuko iyo gasiya (umwanda) tutawukeneye iwacu mu Rwanda. Wasanga baje natwe kudutwika

  • abahunze ni babanze babagarukane knd irya minsi mirongo ine n’initanu yubahirizwe, knd ibwirizwa nshingro hamwe n’amasezerano y’i Arusha yubahirizwe.

  • abo banye poritike barahendana bamwe bigira mugwanda none gwasa wewe abona azohungirah?murarabaneza baraduhenda mugabo dusabe imana iduhe amahoro

  • Ivyo novuga n’ibi:
    1.Umurwi CENI nivyo vyoba vyiza usubirijwe wose kuko uravye ingene barya babiri batanze imihoho kand wumva bari bateranye la veille ntibagire ico bavuga bibonekako hashobora kuba hari ukwigungana ijambo canke ingingo mubagize CENI cane cane kubijanye n’itunganywa ry’amatora meza yubahiriza abatanze amadosiye bose. Nka kurya kwa Blatter mbona Ndayicariye yari kuba yaratanze imihoho bagashiraho uwundi.Mwibukeko kuva na kera opposition yari yamwanse be na Ntahorwamiye.

    2. Mandat ya gatatu:uko biri kwose iyo mandat irateye ikibazo ca politique kidasanzwe(amatora amaze gusiba kabiri kandi n’ubu niyaba bikiri uko izoba ari forcing politique).Mbona abanyepolitique bociga neza inyungu z’abarundi zikaza imbere y’inyungu z’umuntu umurwi w’abantu canke umugambwe intara ubwoko idini ubutunzi... Ingarukambi zavyo tuzozibona twese.

    3.Kwaka ibirwanisho: naco nyene kirahambaye kuko ndaziko uwariwewese ashaka kubaho.ntanumwe inkoho irashe itaraba kuko uwukomeretse nawe aca ashaka kuyigura.Gusa simbona ingene zizokwakwa kuko umwanya ni muto.Boraba ingene amatora yocungerwa hariho abafasha kuyarabavbo hanze kandi hari ingingo zikaze zo kubuza iterabwoba no guhenda canke kuguraabantu.

    4.Amaradiyo:nubwo atabivuze niyugururwe atagisabwe.Leta imaze kuvugako igira iyugurure muga vyaranse.Ni ubwenge kugira mugihugu hagume iciyumviro kimwe.
    5. Hari uwuvuzengo nditije arasuka abantu ngo we yoca ahunga: nn aho ari hari umwana wa Peter urabona yandika ashigikira ikiringo cank aza mwibarabara mungendo zo kwiyamamaza.UKO BIRI KURI NDITIJE NIKO BIRI NO KUBANDI. Politique zacu zirafise nyene ingene zikinwa ntakundi.
    UWO NAWE AVUGA IVYO GUHUNGA NGO NIBIGIRE MURWANDA NAGIRA NDAMWIBUTSE NUBWONZIKO ABIZI KO NA TANZANIE CANKE DRC BARIYO. ntaciza kiva muguhunga ntibize bimushikire ubu.

  • abasohoy iyo calendrier bizeh?mb ukwezi n’inusu kuri bo ni 2 semaines?uko banyarutsa guharura imisi iyaba ariko babanguka kwambura ibirwanisho babandi nokubahana!

  • abarundi benshi turishakira amahoro,naho ivyabo banyepolitique baharanira inyunguzabo bigatuma tubura ayo ducira nayo tumira turabarambiwe. amakuba badushizemo arahagije,amajambo bavuga burigihe nayo twayahaze, ubu turashaka amahoro n’umutuzo,ubundi tubandanye ibikorwa vyiterambere,twebwe uwodutwara wese akaduha amahoro ibindi twakishakishiriza.

  • Hahahhaa Karori umengo asigaye ari umukinyi wa NI NDE!! Nkurunziza murareka kumutora murabe ko atsinda mbega ko muguma mumwitwaza

  • Umusikiranganjiwintwaroyohagatimugihugu Nivyiza Arekuye Amaradiyo Agakora Nonekobayugaye Bitwajengoniyo Atuma Abantubahunga Kobagumabahunganubukandiyugayebayahoye Ugwikekwenasiremungiro Ivyoyavujeturabeyukomugihugutwoshubirakwumva Amakuru Ataramatangajo Nakorenkuwukorera Abanyagihugu Bose,Arekegukorera Nkurunziza Canke Inyunguziwe Inzara Irahera Ariko IgihemukibintigiUmusikiranganjiwintwaroyohagatimugihugu Nivyiza Arekuye Amaradiyo Agakora Nonekobayugaye Bitwajengoniyo Atuma Abantubahunga Kobagumabahunganubukandiyugayebayahoye Ugwikekwenasiremungiro Ivyoyavujeturabeyukomugihugutwoshubirakwumva Amakuru Ataramatangajo Nakorenkuwukorera Abanyagihugu Bose,Arekegukorera Nkurunziza Canke Inyunguziwe Inzara Irahera Ariko Igihemukibintigihera

  • YAYAYAYYAYA, mbega ibigwanisho abo banyu bafise ninde azobibaka???????????
    Ko vyagaragaye ko aba manifestants bafise ibigwanisho canke aba opposants bose ko bafise ibigwanisho!!!!

  • Yemwe Amatora???Yemwe Birame Mbone Kuk Vyarenz Impinga Arik Ivyuburundi?Aho Ishiga Rimwe Ryarika Abo Bandi Babiri Nabo Ntakazi Bari Bafise Mur Ceni?Mukibanza Cabo Harind?Cank Ntibakenew!!!Mana Garukira Uburundi Tugire Ibikorwa Vyemegwa Nabose Atawukumiriwe Yemw Ntanama Yumuntu Umwe Kandi Ntawusomera Induru Ivuga Ndavuga Simvura Mutwihere Amahoro Dusubire Kwiga Mumamahoro!!!

  • Mbegahobaduhenda Inkoho Jahawe Imbonerakure Ninde Ajozibaka Warabonye Umuntuyimena Igihute Nyambaharoja Abasodamvamakungu Amatorayoyo Numujiro Mwuyumwaka Cen Yoyonitange Imihoho Ivyayovyaragaragaye

  • @Impunzitahuka, none gasha wibazako impunzi zibayeho nabi kubera Karori? canke ni Peter? erega bumenyako ibi vyose ari Peter wadukwegeye aya mabi, iyo yemera kurekura 10ans sisawa kweli? Manufestation meme en Europe ibayo iyo hari ibatagenda neza uwariwe wese ararekuriwe kwiyerekana kandi baba bafise ubarongoye mukwiyerekana. Ikindi impunzi nyinshi zahunze imbonerakure.

  • @MSNGR, ngo ntacyiza dufitiye Uburundi? Ibuka ko Urwanda arirwo rwishyuriye Uburundi mukwinjira muri EAC, uribuka ko Urwanda wanga arirwo rwaje kuzimya isoko igihe muriturira? Tanzania mwita incuti zanyu ko itaje? Turabizi neza ko mufite imitima idashima ariko tuzabandanya kubagirira neza kuko dufata abarundi nkabavandimwe tuvuga ururimi rumwe, bamwe mubarundi babasha kubona ko tubifuriza ibyiza. Ikindi kandi umenyeko twakira impunzi zose ntiturobanura kuko wowe nabonye ufite ivanguramoko ibyo twebwe ntitukibirimo keretse izo nterahamwe zaje kubafasha ariko ntimugire ubwoba ntituzabasanga aho tuzategereza badutere kandi nubwo mwabafasha ntimuzigarurira na un mètre carré (1m2).

  • Reta.nitunganye.ivyobibazo.vyandi.banyepolltique.kugira.uburundi.ntiburwemukaga.bareke.kugumabadukinirako.tutabaye.ikibuga uburundi.sicibarecumuntu.numurimawisangi kandibibukeko.arigihugu.imanayarenye sicumwanawuntu

  • NIYUMMVIRA.BOHUNGURA.IMPUNZI.ZAHUNGIYE.TANZANIA.RWANDA

  • EMWE IVYO N’IVY’IMANA KUMENYA!

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.