Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abatavugarumwe na Reta nta cizere bafise ku muhuza mushasha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abatavugarumwe na Reta nta cizere bafise ku muhuza mushasha

Abatavugarumwe na Reta nta cizere bafise ku muhuza mushasha

mercredi 15 Mukakaro 2015

Abatavuga rumwe na Reta bamenyesha ko batangajwe n’ivyashikirijwe n’umuhuza Yoweri Museveni mu biganiro yagiranye nabo kuwa kabiri igenekerezo rya 14 Mukakaro.

Umwe mu batavuga rumwe na Reta yamenyesheje ko Yoweri Museveni yagumye ku ciyumviro c’uko haba ubutegetsi buhuriyemwo bose,kandi bakemera ibivuye mu matora.Uwo atavuga rumwe na Reta asaba ko bovuga ivyokorwa biboneka mu gukinga intambara yoshobora kwaduka mu gihugu.

Abatari bake bari mu biganiro bihagarikiwe na Yoweri Museveni bamenyesha ko bigoye kwizera neza ko umukuru w’igihugu c’Ubuganda ashobora gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Bitegekanijwe ko kuri uno wa gatatu isaha zibiri zo mu gatondo,Yoweri Museveni abonana n’abaserukira Reta,isaha zine abonane n’abahoze ari abakuru b’ibihugu,isaha zitanu naho ace abonana n’impande zose kugira ashikirize icavuye mu vyo bashikirije.

Messages

  • None Hasigaye Ah’ Imana Nonekobahuza Bose Baje Batemegwa Nabose!!! Nimuze Duseng’ Imana Niyoyonyene Izoruca

  • Musevni nti akunda opposition nta n´ubwo akunda Peter. We yifitiye agenda yiwe. Mu burundi n´aho hoba indwano ntaco bimubwiye. Mbe hoho ni igiki cerekana ko atari yo(indwano) ashaka? Hahahahahah!

    Nkurunziza arazi neza ko yakosheje mu kutubahiriza ibwirizwa nshingiro n´amasezerano ya Arusha kandi arazi ko ibihugu bikomeye bitamushigikiye. Araraba neza rero yikurire meza hakiri kare aho kugwa mu mutego yibaza ngo arashigikiye n´aba canke bariya kuko harimwo abamuhenda.

  • Arega abobatavuga rumwe na Reta bameze nk’umwana ahiye mu kwaha,bisigura ko ari bantahomfatwa.Arega ntakindi bashaka atari INTWARO MFATA KIBANZA,kuko baraziko ku rubuga atacobafise.Ninacogituma bagiyehamwe nabigira ngo ntibaharanira inyungu za politique mukugumura imisoresore y’abatutsi ngobagire imyiyerekano.Ikibabaje nabahasize ubuzima ngobagiye mw’ibarabara abandi bakababavuyeyo bikoreye amaboko nkuwuvuye kuragirira inarume.NKURUNZIZA nibamuve inyuma.Batinya amatora kuko ataco banze.

  • Ntah’imana, imana ifasha abifashije,rero abateguye kurwanya peter nibashishikare kuko ntanakimwe kizovamwo, canke mumureke abandanye adutekera mumagunira ata muruzi, kazi kanyu.

  • Mbe ntimubona ko nuwohuje akwepa ariwe gikwete raba iweyaraye agikemuye peter we mumenyeko akari mumenye yintuze bakuzayo ubuhiri ahubwo nabavuze kobagomba kumudukurako barasinziriye

  • ewe mukuru w’igihugu uwo mugabo Museveni ariko araguhenda ,raba abo mwasangiy urugamba warabikuyeko abatumy uva muru pfuri warabikaravye none ngaho ufis ibizigizigi kurabo ba prsident bashaj bipanz neza kuva kera utaranavuka wibuk ko ariw yagurishij Havyarimana,na Kabila naw ukamwishinga hagukura meza uzohasiga ivyaw n’abaw baturatuzw wibaza ko kagame cank bamuseveni kwaribo batutsi bagukunda kugezaho bokwigura ,nuyo ministre wa dfense yaje kw’espiona no kwiga uko azotikiza bene wanyu babahutu,ba uhanurwa wumve,nayo usenya ugwiwe bamutiza umuhoro,mbe wahunguy bene wanyu ngo baz kwica na kagame n,museveni,naba chinois haria congo na tanzanie bari biberey muma mahoro,emugabo vako abantu bironker amahoro amazi atararenga inkombe

  • EWE PRESIDA WUBURUNDI KURA MEZA KUKO ABO MWARIMUFATANIJE KWUBAKA UMUGAMBWE WAWE WARABIKUYEKO NABO NTIBICAYE BARIKO BARITEGURA BIFATANIJWE NABATAVUGA RUMWE NA LETA KUKO INTWARO YAWE IRANGWA NAGAHOTORO NOKWIGUNGIRAKO

  • EWE PRESIDA WUBURUNDI KURA MEZA KUKO ABO MWARIMUFATANIJE KWUBAKA UMUGAMBWE WAWE WARABIKUYEKO NABO NTIBICAYE BARIKO BARITEGURA BIFATANIJWE NABATAVUGA RUMWE NA LETA KUKO INTWARO YAWE IRANGWA NAGAHOTORO NOKWIGUNGIRAKO

  • Twifuzamahoro nkuruziza nawodushaka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.