IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abavugije amahoni batangishijwe ihadabu ry’amafaranga ibihumbi (...)

Abavugije amahoni batangishijwe ihadabu ry’amafaranga ibihumbi cumi

vendredi 3 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Abavugije amahoni kuri uno wa kane, biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mu giporisi c’Uburundi babagiriza ko barenze ingingo y’104, y’itegeko rigenga amabarabara, bakaba bagiye kubihanirwa, nk’uko bishikirizwa na OPC1, Liboire Bakundukize, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Iyo ngingo mu giporisi bagiriza abo banyagihugu ko barenze ikaba ivuga ko gukoresha ibikoresho bivuga nk’amahoni bitegerezwa kuvuzwa mu kanya gato gashoboka, kandi ko birekuriwe gusa kuvuzwa mu gihe uwuriko aratwara imodoka ashaka gukinga impanuka, ahandi naho ikavuzwa mu gihe umudereva abonye ko uwuri inyuma yiwe yoba afise intumbero yo kumurengana (Dépasser).

Nk’uko OPC1 Liboire Bakundukize umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi abisigura, mu gihe rero amahoni avugijwe umwanya muremure, birahanwa n’amategeko, bikaba bihanishwa ihadabu ry’amafaranga ibihumbi cumi vy’amarundi, nk’uko bitegekanywa n’itegeko rigenga amabarabara, mu ngingo yaryo ya 535.

Ivyo igiporisi kibishikirije, mu gihe ku munsi wa kane, igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ibiri, amamodokari, amakinga n’amamoto, hamwe n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura, bitavye akamo bari batewe ko kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, hamwe n’ukwiyamiriza agatotezo kariko gakorerwa uwo wese yerekanye ko aterekwa ko Petero Nkurunziza asubira kwitoza ubugira gatatu.
Ako kamo kari katewe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ahurikiye mu rugamba rwishinze kurwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ’’Halte au troisieme mandat’’.
Igiporisi kikaba caranditse inomero ndangamiduga (Plaques) z’imodokari yose yavugije ihoni. Guhera rero ku muhingamo w’ejo kuwa kane, igiporisi kikaba cari catanguye guhagarika imodoka zanditswe inomero.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.