IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abayobozi ba Ocha na Unicef baratabariza abarundi

Abayobozi ba Ocha na Unicef baratabariza abarundi

mercredi 16 Kigarama 2015

Amashirahamwe abiri yitaho gufasha abari mu ngorane Ocha na Unicef amenyesha ko ubukene bw’uburyo mu mafaranga bushobora gutuma amabi yiyongera mu Burundi.

Inyuma y’urugendo rwagizwe n’abayobozi babibiri muri ayo mashirahamwe mu Burundi,bamenyesheje ko ibice 36 kw’ijana vy’abarundibataronka ibifungurwa ku rugero rushimishije,80 kw’ijana nabo bakaba baba mu bukene.

Abo bayobozi b’ishirahamwe Ocha na Unicef bavuga ko hakibura amafaranga arenga imiriyoni 29 z’amafaranga y’abanyaburaya yofasha abari mu ngorane mu Burundi.

Umwe muri abo bayobozi yamenyesheje ko mu gihe ata mfashanyo zoja mu bikorwa vy’iterambere canke mu gufasha abari mu ngorane,uburyo budakwiye bwo gufasha abanyagihugu kuronka ivya ngombwa vyo ku rugero rwa mbere.

Ingaruka ziramaze kwibonekeza kuko mu gista c’amagara y’abantu ibigega vy’imiti bitifashe neza,kandi n’umugambi wa Reta wo kuvuza abana batarashikana imyaka itanu n’abakenyezi bibungenze usa n’uko wahagaze.


Van Naris Mugisha

Messages

  • iyo baduhamahoro twovyirondereye nakare nahofashabarundi umwenegihu ntiyoshikigwa bo batutsi nibatureke twubake barabe ko tutazosumvya ivyobakoze mumyaka myishi batwaye none batumariyiki?

  • Ubu Abana Bacu Tubavuza Kumaher Kuk Ugiy Kwivurir Rya Leta Barakugirir Ibipimo Gusa Ibisigay Ucawimenya Iyo Ubikura.

  • Yavuzengo Arashoboye Kumbe Abanyagihugu Nitwe Tuhagorewe!!!

  • Yavuzengo Arashoboye Kumbe Abanyagihugu Nitwe Tuhagorewe!!!

  • Inkingi yavyose ntaburimyi buriho bwotuma ubukene bugabanuka nutuboneka tuva mubindi bihugu nimushire amahera menshi muburimyi haboneke namahinguriro ahingura ivyimburwa tureke kwama tuturya ibivuye mubindibihugu kuko abataronka amahera yokubigura nibenshi

  • Uwo mugambi wokuvuza abana, nabakenyezi bibaruka,ntawoshoboye kubandanya kwarukwihenda cane. jewe ndavyita nkukuryohereza abantu babane umunezero wakanya gato,ivyi yumviro nkivyo vyokuvuza bantu kubuntu biri mubihugu vyamaze guterimbere cane, nkuburundi ni gihugu kiri mubihugu bikenye cane kwisi. ahubwo Nyakubahwa Nkurunziza peter, ya ri ku kwiragiza amashirahamwe mugihugu cose ibishomeri bikaronka akazi, kuko abize bicaye barezurugero. nuwugerageje rwaje kurondera akazi asabwa ibihumbi amajanatatu vyigiturire,atabifise nugutaha akaja kwikura imvunja. kuko ahatagirakazi ntaterambere,inzara nayo ati natazwe. icociyumviro cokuvuza abantu cari ciza ariko gikorwa iyo ugeze kurwego rukomeye rwubutunzi mugihugu, nkakarorero ubugeze nkomugihugu kigira cenda gitunze kwisi canke uvyababa. noneho inzara nabado amatongo yokurima nta yakiriho,amashiramwe yo kurwiza ibigega vyogufasha abanyagihugu bashonje ntayariho, none umunyagihugu azobaho gute? nawe niwibaze!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.