IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazitoza basabwa gushikana ibimenyetso bizobaranga mu murwi (...)

Abazitoza basabwa gushikana ibimenyetso bizobaranga mu murwi CENI

vendredi 10 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Mu murwi CENI bavuga ko bafise impungenge y’ingorane izohava yibonekeza ku bijanye n’ibimenyetso bizokoreshwa n’abazitoza, ariko muri uwo murwi bagasaba abanyamigambwe kutazotanga ibimenyetso bisa.

Umurwi ujejwe gutegura amatora CENI (Commission Eléctorale Nationale Indépendante) urasaba abanyamigambwe, kuba bashikanye ibimenyetso biranga imigambwe yabo kuri uno wa 11 Ndamukiza. Ariko rero mu murwi CENI bamenyesha ko batanguye kubona ingorane izohava yibonekeza, ku bijanye n’ibimenyetso abazokwitoza bazokoresha mu kwiyamamaza hamwe n’amabara n’ivyo bindi bimenyetso bizoja kw’ikarata y’itora.

Mu murwi CENI bibutsa abanyamigambwe ko kizira kikaziririzwa gutanga ibimenyestso canke amabara asa, nk’uko biri mu ngingo y’102 y’itegeko rigenga amatora.

Tubibutse ko kuri uno wa gatandatu, ariryo sango rya nyuma ku bazitoza ku rwego rw’abajenama b’amakomine, kuba bashikanye amadosiye yabo mu murwi CENI. Kuwa 16 Ndamukiza, nayo akaba ariryo sango rya nyuma, ryo gushikiriza amadosiye, kubashaka kuzitoza ku rwego rw’abashingamateka.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.