IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazize amabonekerwa ya Zebiya ntibakiri 7 gusa

Abazize amabonekerwa ya Zebiya ntibakiri 7 gusa

vendredi 15 Ntwarante 2013

Igitigiri c’abaguye i Businde mu kibanza gisengerwamwo n’abayoboke ba Zebiya gitera ciyongera. Kuri 7 bari bapfuye mu mishamirano yabo n’abajejwe umutekano, abandi babiri baraye baguye mu bitaro vy’i Kiremba ca Ngozi.

JPEG - 44.7 ko

Inyuma y’aho mu bari mu bitaro bitandukanye bakomerekeye i Businde hapfiriyemwo 2, ubu abamaze kwitaba Imana babaye 9. Biravugwa ko ico gitigiri gishobora kwiyongera, mu gihe n’abari mu bitaro bivugira ko atawubitayeho. Abaganga bo ku bitaro vy’i Kiremba barabihakana, kandi banamenyesha ko bibiri mu biziga ndwi benevyo bataraza kubitora, ubu bikaba vyatanguye kwononekara.

Kuri ivyo vyabaye, umurwi wishinze kunagura umugambwe Uprona , ubicishije kuri umwe mu bavugizi bawo Tasiyano Sibomana, uratera ivyatsi inyifato y’igipolisi. Uwo murwi unasaba urwego rw’abepiskopi mu Burundi gutorera inyishu ico kibazo, ataruhagarara rurinze kuba.

Hari haheze imisi itari mike umwepiskopi wa diyoseze ya Ngozi asavye abasengera mu kibanza c’i Businde kwa Zebiya ko boba barabangira, kugira ibijanye n’amabonekerwa y’uwo mwigeme bibanze bikurikiranwe n’umurwi wari ubishinzwe.

Leta y’u Burundi nayo nyene yari yategetse ko ico kibanza kiba kirugawe, niko gushiraho ikirindiro c’abajejwe umutekano.


Jean Michel Ndayikengurutse

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.