Accueil > Amakuru > u Burundi > Abazize amabonekerwa ya Zebiya ntibakiri 7 gusa
Abazize amabonekerwa ya Zebiya ntibakiri 7 gusa
vendredi 15 Ntwarante 2013
Igitigiri c’abaguye i Businde mu kibanza gisengerwamwo n’abayoboke ba Zebiya gitera ciyongera. Kuri 7 bari bapfuye mu mishamirano yabo n’abajejwe umutekano, abandi babiri baraye baguye mu bitaro vy’i Kiremba ca Ngozi.
Inyuma y’aho mu bari mu bitaro bitandukanye bakomerekeye i Businde hapfiriyemwo 2, ubu abamaze kwitaba Imana babaye 9. Biravugwa ko ico gitigiri gishobora kwiyongera, mu gihe n’abari mu bitaro bivugira ko atawubitayeho. Abaganga bo ku bitaro vy’i Kiremba barabihakana, kandi banamenyesha ko bibiri mu biziga ndwi benevyo bataraza kubitora, ubu bikaba vyatanguye kwononekara.
Kuri ivyo vyabaye, umurwi wishinze kunagura umugambwe Uprona , ubicishije kuri umwe mu bavugizi bawo Tasiyano Sibomana, uratera ivyatsi inyifato y’igipolisi. Uwo murwi unasaba urwego rw’abepiskopi mu Burundi gutorera inyishu ico kibazo, ataruhagarara rurinze kuba.
Hari haheze imisi itari mike umwepiskopi wa diyoseze ya Ngozi asavye abasengera mu kibanza c’i Businde kwa Zebiya ko boba barabangira, kugira ibijanye n’amabonekerwa y’uwo mwigeme bibanze bikurikiranwe n’umurwi wari ubishinzwe.
Leta y’u Burundi nayo nyene yari yategetse ko ico kibanza kiba kirugawe, niko gushiraho ikirindiro c’abajejwe umutekano.
Jean Michel Ndayikengurutse
Messages
25 Munyonyo 2016, 10:47, par Diyomedi
Nobahapore,abashikiwenurupfuguyomuriro,Nonenabantubawuturiye?Cankenumuyagankuba
23 Ndamukiza 2017, 03:05, par MANIRAKIZA
None aho umuntu yivuga ati:ibanga ry ukwemera ni agatangaza?