Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abdoulaye Bathily arabeshuza ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abdoulaye Bathily arabeshuza ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD (...)

Abdoulaye Bathily arabeshuza ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD FDD

jeudi 9 Mukakaro 2015

Abdoulaye Bathily intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika yo hagati,akaba no mubagize umurwi w’abahuza amenyesha ko ivyashikirijwe n’umugambwe CNDD-FDD ata kuri kurimwo.

Abdoulaye Bathily avuga ko yarungitswe nk’umwe mu bagize umurwi w’abahuza mu kibazo c’uburundi,kandi ko yabimenyesheje Reta y’Uburundi.

Intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika y’ubuseruko ikamenyeshako mu Burundi hakiri ugushamirana,rero ko hakwiye gukorwa ibishoboka vyose kugira igihugu ntikije mu manga.

Kubwa Bathily,mu Burundi haracari ibintu vyerekana ko Uburundi bushobora gusubira mu ndyane bwamazemwo imyaka 20.

Ku bijanye n’inama yabereye i Dar Es Salaam yagenye umukuru w’igihugu c’Ubuganda kuba umuhuza mu Burundi,Abdoulaye Bathily amenyesha ko yabivuganye n’umukuru w’igihugu ca Tanzaniya akamwizeza ko Yoweri Museveni ashobora gufasha kugira ivyasabwe bije mu ngiro.


IGIHE

Messages

  • Wewe mutama warakoze ikosha warikugenda ukaramutsa umukuru wigihugu mumasomuyandi ( face to face) kuvugarero ngowaramenyesheje ntacobimaze kukonubundi ONU ikivugako bagiye kukurungika uburundi bwaciye butangura kukwitega, urumvarero vyabonekanyeko nubwo wariwashitse ntibaribwavyemere kubera serugo ataribwabone umushitsi wicubahiro nkawe.

  • Akananiye Umugabo Kananira N’ Uwundi

  • Aho mutama ntibakubesher utarapfa,cndd fdd yubakiy kw’irementanya,ubuho ivyayo bigiy kumenyekana ya mchezo ya ndani yabo yananiw,mpaka tubafatishij intoke,baragiz neza kamw mumatungo bivy bubatsemwo za permanence,nizo tuzofungiramwo.

  • Imana iriho, kandi hageze ko ikora,irakora na pharaoh mbona yarishe abanyesirayeri ariko umusi wiwe wabaye umwe gusa, ntangoma idahita ibi bifise igihe cavyo!

  • NTAVYIZA BIHORAHO BATIRI UZOVUGUKURI ABA DD NABABESHI CANE DUSABIRE ASIRIKARE MUZA MAKUNGU BATURWANEHO TURAGOW

  • igire namahoro ivyiwacu iburundi bikeneye abantu batarya umunwa bavuga uko ibintu bimeze nayo museveni nivyiwe biramunaniye siwe azoza gutora solution yingorane ziri mugihugu cacu nivyiwe atabishoboye ivyo vyerekena ko igihugu cacu bagikengera.;

  • Bathely Turabizi CNDD Kwivunga Ibinyoma

  • Ukuri mu barundi ntakwo uzopfa umenye n’igihe mubo wumviriza badahuza na gato ku nkomoko y’amatati y’iki gihe.Iyo mandat ya gatatu ni inyendamuvano ya ndyogo

  • Bathily yarabey ubwoba kuko atabemerey amanyanga yabo!Mbe uwo museveni amaz,imyaka 30 k,ubutegetsi niw yohanura peter ngw,aburekure?Niw ntavyo ashoboye!Ndabarahiyko ataco azomara atari ugufasha nkuru n.abandi bagumya ubutegetsi kugikenye!

  • Abobagabo ba ba cndd bavuye mwishamb imitima yab iri kubatutsikazi , umengo ntakindi cari kibazany atarugusambana nabatutsikazi , babagirako aribaderira bamwe bakur umushatsi samusoni, non abo batutsi birukira murwanda bahungiki k aba dd ari ba bofre babo. ? Bashiki babo bararangije kumwa bdd uburero hasigaye kwisegenya yurufpu ibatwarira hamwe

  • vyari gutangaza iyo ugenda batakubesheye. mbe uyo museveni atanguye gufata abagomba kwitoza iwe niwe azovuga ngo peter ntiyitoze? aho ma !

  • Jembona Arisawa Vyogenda Uko?

  • NDAVYE AHO NGEZA AMASO YANJE.NDABONAKO UBURUNDI BUGEZE AHATEMBA.MANA GARUKIRA UBURUNDI NABABUBAMWO BOSE.

  • ndashimiye benshi mu batanze ivyumviro vyanyu canecane mubamuhaye intege bakanamukeza. ndagaye uwiyita SELEMANI ku ciyumviro co kudaha intege umuhuza.

    BATILI,IMANA IKURINDE KANDI IGUSHOBOZE!

  • Shishikara Mutama Ufasha Uburundi,naki Goro Kenshi Uwiteka Azoguhemba!

  • komeza gutabariza uburu di ntibugwe mumanga.nkukowavyiboneye.

  • komeza gutabariza uburu di ntibugwe mumanga.nkukowavyiboneye.

  • Haaaa!komera mutama,igihugu cuburundi,gishaka,abagabo nkatwe tuvuga,ukuri haragezeko,ibiganiro tubihagarika,tujemubikorwa,amakuru,asumira pita numuryangowiwe bari ngozi,bariko bapanga gukwepa,arikontibigishoboka!zwingira,ahonyene,twiironkere,amahoro.

  • vyoba vyiza opposition numugambwe uri kubutegetsi Biscaye hamwe bagatorere hamwe inyishu umuhuza akabafasha bakareka kunana

  • KIMWE MWOMENYA NUKO IGIHUGU CUBURUNDI CIKUKIYE,UMUHUZA WESE YOZA MUBURUNDI YOZA YUBAHIRIJE AMATEKA NAMATEGEKO NUBWIGENGE BWUBURUNDI KANDI KO ATOZA ASHAKA GUHONYANGA NITEGEKO NA RIMWE RYIGIHUGU CUBURUNDI.AKANAMENYA KO MUBIHE VYAMATORA NKUBU ABANYEPOLITIKE BENSHI CANE CANE ABO MURI OPOSITION BASABA IKINTU BASHAKA IGIHUSHANE CACO.MUKUGOMBA GUTA MUMITEGO LETA YUBURUNDI.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.