IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abigenga Amizero y’Abarundi baronse ubushikiranganji butanu muri Reta (...)

Abigenga Amizero y’Abarundi baronse ubushikiranganji butanu muri Reta nshasha

mardi 25 Myandagaro 2015

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rurongowe na Agathon Rwasa rwahawe abashikiranganji batanu muri Reta nshasha yagenywe n’umukuru w’igihugu,kuwa mbere igenekerezo rya 24 Myandagaro 2015.

Abo bashikiranganji ni umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro Pelate Niyonkuru,umushikiranagnji w’intwaro ibereye Serges Ndayiragije,umushikiranagnji w’abakozi ba Reta Felix Mporerimana,umushikiranagnji w’iterambere ry’amakomine Jeanne d’Arc Kagayo hamwe n’umushikiranagnji w’urwaruka inkino n’imico kama Jean Bosco Hitimana.

Reta nshasha yagenwe igizwe n’abashikiranganji 20,hakaba hari ubushikiranagnji bwashizwe hamwe bwahora butandukanye.Aha twovuga ubushikiranagnji bw’amashuri y’intango n’ayisumuye bwafatanijwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,ubu bwitwa ubushikiranagnji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi.

Mwomenya ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwaronse ikibanza ca kabiri mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Tohoza neza kumushikiranganji w’ubudandaji (Commerce Industrie ...).Hari Site(Bujumbura News) yanditse ko ahubwo en plus yabo bane, uwundi ari uwujejwe , Travaux Public Jean Bosco...!Sinon, abandi mwabahurijeko!

  • nibashikurek kugihugu buvw ico bar baracuzw mur 2010 buvw ko imbeh yomwishamb yogabanuk ereg imwak mirongotat nimwish

  • IVYO BIRADUHA UMWIZERO GUKO ARIRETA IHURIYEMWO BOSE ABASHAKA GUTURYANISHA IGIHE CARARENGANYE TWISHAKIRA AMAHORO NA DEMOGRASI VYONYENE IBINDI BIZOKWIZANA.

  • FNL irahemukiye Mbo-Mirwa. Ya Bujumbura -Rural uahora ikinagira inyuma ya Rwasa nikome. Ntanumuhanuzi bahanovye. Nabo kurya Indagara gusa. Ababo Rwasa araberetse.

  • Jewe ukindabibona muzehe arisubije ijambo yariyatswe ninjavyi muri 2010 ubu yobataguhenda kiriyagihe harihagezeho mutangurakumera nkuko Aberika imeze mumigambwe yaba Democratic naba Republican namaze imyaka nimwaniko hazaratsinda umwe mumyaka nkingahe mukindigihe hagatsinda uyundi bakoresha poritique kandi harigihe bakariranira bagashwa ariko ikizira kigaziririzwa nuguganagarira abantu kwicana canke kujajwifatikanya nibindibihugu ngobasambure igihugucabo.

  • Ndasimiye Rwasa Kubona Twaramukebuye Akabifatankama Mukwigiza Kure Ibisuma Biri Aho Vyagomba Kumwinjirana Birondera Ibiti Kugira Bisahure Reta Hanyuma Bimutukishe. N’ Ukuri Yagize Neza Cane. Tuzobandanya Tumukebura Hakiri Kare Ataragwa Murudubi.

  • mbanje gukeza nivuynyuma nyakwubahwa petero nkurunziza! !!! kila Kitu kinamwanzo na mwisho.

  • Rwasa waracoze cane kumwa inama z’abanywanyi bawe ubu ntubonako utanguye kugira icubahiro barya bagushuka bari abasuma gusa.

  • Nukuri Rwasa ni mumureke,,erreure yaguyemwo 2010 , ntayo yosubira kugwamwo ,,mwibagiye ko barya bose bo muri opposition bagumye bamukumira, kandi bose bafise situation bancaire,,baratwaye bafise uburyo,, none mushaka rwasa apfire mu bukene erega nawe arakeneye aho yisumamwo abone no kugarura umugamwe wiwe FNL jacques yanyonyeje,,kandi abantu benshi si urukundo bamukunda ni abashaka ku mucako kugira bironkere ivyo baronka,,

    Ikindi gikomeye na ntaryo Rwasa be na gahutu Remy ivyo bagwanira ko umuhutu nawe yishira akizana vyarabonetse,, murabona ko ubu umuhutu nawe aja kubutegetsi agatwara tant bien que mal. 1993 abatutsi ntibari bwategere ko umuhutu yoshobora kuba Président murabona ko Ndadaye baciye barigata. En plus ku ntwaro za ba BAGAZA na BUYOYA,, umuhutu yari nk igicibwa , mu vyintwaro àpeine yaronka ubunyumbakumi agize ariga amashure ba mushira muri za COUTURE canke GUKINJIKA kugira yitegurire kuzokwama akenurira abatutsi or Abatutsi bariko biga amashure meza yo kuzokandamiza abahutu. Aho rero abatutsi bi Bururi ntimwibagire ko babona abatutsi bahandi nk abahutu,, hanyuma abahutu bi Bururi bakabona ko basumba abatutsi bahandi,, Umuburamatari avuka nki bururi yarinamura akaza gutwara nkintara yi gitega.

    Ivyo rero nivyo Rwasa yagwanira,,kandi ubu vyaraheze niyicare nawe afungure yumvirize ingene bimeze kandi murundi arikuriye nta 40 ans yo kubaho asigaje (cfr Espérance de Vie ) Ivyuko abahutu baguma bapfa hatwara abahutu,,nabatutsi hatwara abatutsi barapfa,, kuko pas d’amis en politique seuls les intérêts comptent (Cfr Machiavel)

    Ubu umuhutu arishira akizan nk uko umututsi yishira akizana,, Abahutu nabatutsi barahangamye kubutegetsi,, nkuko abahutu na batutsi bariko barisuganya muri opposition ngo bagwanire accord d’arusha,,iyo ni evolution ikomeye aho abahutu na batutsi dushobora kubona ikibazo kumwe,,bisigura ko ababirigi bari baduciyemwo,,,mu burundi dufise ubwoko bwabatunzi nubwabakene gusa.

  • Gwasa nivyiza kuba yarinjiy muri reta. ariko ikimbabaje nuko yatay isezerano yari yarahaw n’imana sinizerako azevoriwa neza! niyirambir

  • Komera Mutama Agathon Warakoze Kureka Kumva Amabwire Yababahenda.Uribuka Abanywanyi Bawe Baheze Mumabohero.

  • Rwasa twarashimye yemeye kuja mumatora,niyirambire

  • Ubu rero Mugabo NKURUNZIZA na RWASA baraca bahindura ibwirizashingira ntabwo azorekura ubutegetsi mugume hamwe abe Perezida gushika apfuye naho icubahiro azogumako igihe cose ntazateba ngo arekure wapi uzovuga agukubite urusasu inkoho zaraguzwe na buri murundi avuze pyo yaronka urusasu rwe

  • Muze waraduteye iteka twebwe abanamarimwe naho abangara bareke bazogaruka dufise amabarabara yindaray songambere muze rekabajebe

  • Rwasa Agath0 Umugabo Yihindukiza Kugitanda Ntiyihindukiza Kwijambo Nsanze Urigitoreranda Mubandi Uri Burefero Ntabugabo Bwawe Uruwoguhuvya Abantu Ntakindi Uzi Umugabo Ninditije

  • nimba vyukuri bazi neza ko abarundi twarushe no guhunga nibatunganye uburundi neza kndi barabe nibihanze abarundi turonke amahoro muri ubu bukene turimwo mugabo ikibazo cubukene bagitorere umuti? rwasa komera mutunganye uburu tukwitezeko kinini abarundi twarambiwe.

  • Harabanyarwanda bakundakwivanga muvy’uburundi kandi bitabaraba.aho guhangana na shetani wabo kagame bagomba gutyoza herode wuburundi.nimba koko biyemera baratwitako tubahisomo.

  • Komeramutama,gusanimurwanire,intwaro,mureke,ndonkindaro.Ninararantahunzenzoshimanivyo

  • Ndumva vyopfuma kubushikîranganji butanu.Ariko dukwiue kwiha ijambo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.