Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abigisha b’indimo botanga akarorero mu kugwiza umwimbu - Mbabarempore (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Abigisha b’indimo botanga akarorero mu kugwiza umwimbu - Mbabarempore (...)

Abigisha b’indimo botanga akarorero mu kugwiza umwimbu - Mbabarempore François

lundi 3 Kigarama 2012

Abigisha b’indimo ngo botegerejwe kubera akarorero abanyagihugu bajejwe gukurikirana na kare ngo ntawutanga ico adafise ahandiho ngo n’ivyo bigisha nta n’uwoheza ngo abikurikize. Ivyo bikaba vyashikirijwe na Mbabarempore François asanzwe ari n’umwigisha w’indimo mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE muri komine Gashikanwa

Ikibazo :Mbega mwotubwira muri make igikorwa c’umwigisha w’indimo; afitiye akamaro akahe abanyagihugu?
Mbanzempore François (M.F):Akamaro k’umwigisha w’indimo mu gihugu gitunzwe ahanini n’uburimyi ni kanini cane. Aha nobabwira nko kubakurikirana imisi yose kugira umuntu arabe ko barima bakurikije amategeko, ko ibiterwa bitarwaye hanyuma akabaha n’impanuro z’ingene boshobora kurima kijambere. Ikindi novuga ko gihambaye ni ukubabera akarorero mu vyo abigisha kugira babone ko bitari mu majambo gusa ariko bakibonera ko nawe abishira mu ngiro. Jewe rero naho ntafise itongo rinini ndafise imirima ya kijambere abantu bashobora gufatirako akarorero.
Ikibazo : Muri uwu murima ujejwe gukurikirana ibikorwa vya misi yose uhakorera vyofasha abantu ni ibihe?
M.F : Ibikorwa tuhakorera ni ugukurikirana imirima na cane cane ko hari hashasha mu gupima aho igiterwa kimwe kimwe cose gitegerezwa guterwa; aha mvuga nk’ibitoke, ibiraya, ibitunguru, ibigori, ibiharage n’ibindi tukongera tugakurikirana abakozi.

Ikibazo : Mwotubwira nk’impanuro mutanga mu gutera igitoke ca kijambere nk’ibi biriko biraterwa muri uwu murima?
M.F. : Murabona ko igiterwa cose gikenera umwavu. Turaheza rero tukabasaba kurondera uwo mwavu hanyuma bakawuvanga n’ivu imbere yo gutera igitoke. Ariko rero imbere yaho tubahanura kubanza kwimba ikinogo c’imetero 2 kuri 2 hanyuma mu gutera igitoke bakimba santimetero 8O uja hasi kugira gishinge imizi.

Ikibazo:Mwebwe nk’umwigisha w’indimo mubona iyi mirima y’Umukuru w’igihugu izogirira akamaro akahe abanyagihugu bahegereye?
M.F.: Uwu murima uzobagirira akamaro kanini cane. Ni kurya bavuga ngo umwera uva i bukuru ugakwira igihugu cose ni co gituma ubona tubitera mu buryo bwa kijambere kugira abanyagihugu bazohafatire akarorero maze bazoshobore kubikurikiza mu ndimo iwabo bafatiye ku vyo bazoba babonye hano.

Ikibazo: Muhanura iki abanyagihugu begereye ngaha?
M.F. : Nobahanura ko boja barahaca kenshi kugira baje bararaba ivyo tuharangurira maze nabo baje baragerageza kubikoresha aho baba n’aho batotangurira hanini kuko kumbure vyobasaba uburyo bwinshi batoronka ariko bapfume bageragereza hatoyi.

Ikibazo:Kumbure birasaba n’uko baronswa imbuto za kijambere none mu kuyironka biraheza bikagenda gute?
M.F.: Imivyaro ya kijambere tuyikura mu mirima Umukuru w’igihugu afise hanyuma tukayitera maze natwe tukaja turayihanahana kuko ntimara igihe kirekire inyuma y’imyaka ibiri urashobora kuba uhaye abandi.

Ikibazo: Mukuramwo akamaro akahe ?
M.F.: Akamaro karahari cane. Murabona iki gihugu cacu ingene kingana iyo umwimbu ubonetse abanyagihugu bakaronka ivyo bafungura bituma natwe tuharonkera agateka.

Ikibazo : Hari ikibazo abanyagihugu bakunda gushikiriza co kutaronka umwavu; mbega muraheza mukabafasha gute ?
M.F. : Ikibazo co kutaronka umwavu ni ukuri kirahari. Ariko tubahanura ko batokwama bizigiye gusa umwavu w’ikizungu ariko tubahimiriza kurondera agatungwa kugira bataronse umwavu w’ikizungu canke ukaba muke bashobore gusahirizwa n’uwuvuye mu ruhongore be na zanyabarega.

Ikibazo : Mbega none twovuga ko imivyaro ya kera abantu batosubira kuyirima ?
M.F.: Mu vy’ukuri si ukwanka ibitoke ariko imbuto yose iragira igihe igasaza. Ari naco gituma muravye umwimbu utangwa n’ibitoke vya kera ugereranije n’ibi bishasha urabona ko hari ubudasa. Tubahanura rero kwijukira ubu bwoko bushasha bwimbuka kurusha.


Pierre Claver Niyonkuru

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.