IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abirukanwa na Tanzaniya basaba kuronswa amatungo basizeyo

Abirukanwa na Tanzaniya basaba kuronswa amatungo basizeyo

mardi 17 Nyakanga 2013

Abarundi bamaze iminsi birukanwa mu gihugu ca Tanzaniya basaba Leta y’Uburundi ko yokora ukwo ishoboye abasize ibintu vyabo muri ico gihugu babironswe, co kimwe n’abari baramaze kuronka ubwenegihugu bwa Tanzaniya, basubireyo.

Abo banyagihugu bavuga ko ubu babayeho mu vbuzima bubi, na rirya hariho abatari bake batandukanye n’imiryango yabo. Aha twovuga nk’imiryango yatandukanijwe mu gihe umwe mu bubakanye yaba ari umutanzaniya. Abirukanwa n’ico gihugu baguma biyongera ukwo umunsi uhera, mu gihe muri komine ya Mabanda mu ntara ya Makamba, ubu abaza ari benshi. Abo birukanwa rero Leta irabafasha ku basubiza iyo bahunze bava, ariko bakavuga ko ingorane bafise ari nyinshi, mu gihe basize imirima yabo mu gihugu ca Tanzaniya, ubu bakaba bafungura ari ukwo bafashijwe n’abagiraneza.

Igihugu ca Tanzaniya rero gifata izo mpunzi nk’abantu baba mu gihugu badakurikije amategeko, mu gihe abandi babona ko iryo yirukana ubutarariye impunzi ziba muri ico gihugu vyoba vyavuye ku ngorane z’imibano zoba ziri hagati y’igihugu ca Tanzaniya n’Urwanda, izo nazo zigaca zijaniranya n’izindi mpunzi ziva mu karere Urwanda ruherereyemwo. kw’igenekerezo rya 27 Myandagaro ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge mu Burundi ryashoboye guharura impunzi ibihumbi icumi zirukanywe muri ico gihugu ca Tanzaniya, zitagira ic’epfo na ruguru. Ubu rero naho iziza ataco ziba zifise, ariko Tanzaniya irazizana n’imiduga yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.