Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ABUCO : Umurwi ugenzura irushanwa muvy’ubudandaji ukwiye kujaho - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > ABUCO : Umurwi ugenzura irushanwa muvy’ubudandaji ukwiye kujaho

ABUCO : Umurwi ugenzura irushanwa muvy’ubudandaji ukwiye kujaho

mardi 3 Nyakanga 2013

Amategeko agenga irushanwa muvy’ubudandaji hagati y’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko agiye gutangura gushirwa mu ngiro. Ayo mategeko amaze kujaho, abaguzi bo mu bihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko n’Uburundi burimwo bazoharonkera akunguko kuko bazoshobora guhitamwo ibidandazwa bipfuza, muri vyinshi bizoba biri kw’isoko.

Mu ruganda ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO (Association Burundaise des Consommateurs) rwateguye kuri uyu wa kabiri, babifashijwemwo na Trade Mark East Afrika, umuyobozi mukuru w’ubudandaji, Jérémie Banirwaninzigo yamenyesheje ko Uburundi bwamaze gushiraho iryo tegeko rigenga ukurushanya muvy’ubudandaji kuva mu mwaka w’2010, ariko ko igisigaye ari ishirwaho ry’umurwi uzokurikirana ishirwa mu ngiro ryayo.

JPEG - 35.4 ko
Jérémie Banirwaninzigo, umuyobozi mukuru w’ubudandaji

Urwo ruganda rwo kurabira hamwe aho ishirwa mu ngiro ry’integuro y’amategeko agenga irushanwa muvy’ubudandaji ruje mu gihe haheze iminsi itari mike havugwa ibidandazwa vyo mu Burundi bimererwa ko vyinjira mu gihugu c’Urwanda nk’amavuta y’amamesa n’ibindi. Umuyobozi w’ubudandaji arabihakana amenyesha ko ata mudandaza arabitura amenyesha ko yabujijwe gushorera mu gihugu c’Urwanda. Ku ruhande rw’ishirahamwe ry’abaguzi imvugo si imwe. Noël Nkurunziza, umukuru wa ABUCO amenyesha ko bumvise ko hari ibidandazwa bihora bibuzwa kwinjira, agasigura ko ahanini biva ku rwego rusuzuma ibigira vyinjire rutarahabwa uburyo bukwiye bwo kurwiza ubuhinga mu gusuzuma.

JPEG - 33.9 ko
Noël Nkurunziza, umukuru w’ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO

Mu gihe uwo murwi ugenzura iyubahirizwa ry’amategeko agenga irushanwa muvy’ubudaandaji wojaho, abaguzi bazoshobora kugura ibidandazwa vyasuzumwe neza, ntihagire umudandaza ahenda umuguzi, gutyo ivyo aguze ntibihave bimuzanira ingaruka mbi, haba nko ku magara yiwe. Noël Nkurunziza asaba rero Leta kunyarutsa gushiraho uwo murwi, akamenyesha ko umunyagihugu azogira akunguko mu bijanye no kuronka akazi kubw’amahinguriro, ay’abarundi canke abanyamahanga, azoca yugurura ari menshi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.