IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abunguruza abantu mu Buraruko birabagora gukurikiza amategeko

Abunguruza abantu mu Buraruko birabagora gukurikiza amategeko

mercredi 10 Mukakaro 2013

Abunguruza abantu n’ibintu mu ntara z’Uburaruko bw’igihugu, baremeza ko bamwe bamwe batazi amategeko agemga amabarabara, na rirya usanga haba abagendesha amapikipiki, abagendesha imiduga yitwa kagongo yunguruza abantu barenza igitigiri c’abantu bategerezwa gutwara.

Abatwara amapikipiki nibo batungwa agatoke cane ko baheka batatu kandi ipikipiki igenewe guheka umuntu umwe gusa, ivyo bikaba mu gfihe aho baca hose haba hari abapolisi. Abanyagihugu bo mu ntara z’Uburaruko bavuga ko hari aho babafata n’ikindi gihe ngo batabafata. Iyo uwuriko aratwara ipikipiki yicuze ko yohava afatwa, araheza agaca akurako uwurengako mu nzira ku gira ntafatwe n’igipolisi. Amukuyeko, uyo nawe hari aho aca afata ikinga kugira uwumwunguruje ntamusige, aho rero bakaba baraciye mu ryahumye abapolisi.

Eka ngo n’abagendesha imodoka bita za Kagongo ngo niko bameze.Kenshi iyo barengeje, bakicura ko bashobora gufatwa, baraheza bagaca bakuramwo uwurengako maze agaca arihirwa ikinga kugira bamuhitane imbere. Ariko rero abagendera muri izo modoka baremeza ko hari n’igihe izo modoka ziba zarengeje abo zategerezwa gutwara, zishitse ahari abapolisi bagaca bumvikanira inyuma yazo, mukanya gato ukaja ubona zirahagurutse ziragiye, kandi zari mu makosa, ivyo rero bishika no ku ma hiyasi yunguruza abantu muri izo ntara z’Uburaruko.

Ibijanye n’izo ngorane z’ibiturire zihabwa abapolisi na bamwe bamwe ku miduga canke ku mapikipiki atwara abantu muri izo ntara z’Uburaruko, abo banyagihugu basaba boronswa inyigisho z’ukuntu boza barafashanya n’inzego zibishinzwe mu kurwanya ibiturire ukwo bimeze kwose. Abo banaygihugu kandi bavuga ko mu guteza imbere igihugu kandi no mu kugifasha mu kurwanya ukurenga amategeko ukwo ari kwose, ko bofashanya na Leta mu gutuza ingorane z’ibiturire zose kuko abanyagihugu bo mu Buraruko bariko baramenya ko igiturire cose ukwo kimeze cononera igihugu n’abanyagihugu, kigatuma ataterambere riboneka mu gihugu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.