IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AC-Génocide-Cirimoso :Urugamba twiyemeje ntirwigeze rufata intumbero (...)

AC-Génocide-Cirimoso :Urugamba twiyemeje ntirwigeze rufata intumbero y’amacakubiri

mardi 22 Nzero 2013

Iryo shirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonya bwoko mu Burundi ryama ritunganya igenekerezo rya 21 ryo mu kwezi umunsi wahariwe kwiyamiriza ako kabi kabishe. Rikaba ryemerewe gukora k’umugaragaro mu mwaka wa 1997.

Umukuru w’iryo shirahamwe, Venant Bamboneyeho, amenyesha ko mw’ishirahamwe Ac-génocide-cirimoso, batigeze bafata intumbero y’amacakubiri. Ngo ntibobikora kuko barazi ko akaranda k’ihonyabwoko ata muntu n’umwe kigeze kerera. Zina muntu wese agifise umutima runtu bakaba bamutumiriye kuremesha urwo rugamba rwo kurwanya ako karanda. Ivyo bigakorwa kugirango abarundi bame bubahiriza ukuri, mu gihugu cacu haheze higanze intahe n’ingingo.

Mwitangazo yasohoye,uwo arongoye AC-Gneocide-Cirimoso aha ikaze abanywanyi b’ishirahamwe n’abakunzi baryo mu nama ya bose itegekanijwe ku munsi wa 21 Nzero 2013 igihe c’isaha cumi n’imwe n’igice zo k’umugoroba. Hakaba hategekanijwe kwisuzuma, gushinga intahe no gushigikira abacitse kw’icumu ryihonya bwoko.

Kw’ifoto:Umukuru w’iryo shirahamwe, Venant Bamboneyeho


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.