IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ACAT : Amasezerano yo kurwanya inyuruzwa ry’abantu akwiye gusubirwamwo

ACAT : Amasezerano yo kurwanya inyuruzwa ry’abantu akwiye gusubirwamwo

vendredi 13 Nyakanga 2013

Mu ntumbero yo kuganira ku masezerano yateweko umukono yo kurwanya ukunyuruza abantu akazimayongwe, kimwe mu bibazo nyamukuru mu gisata c’ubutungane kikiraje inshinga Uburundi, ishirahamwe ACAT ryatunganije uruganda ku bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique n’abari mu nzego z’igihugu kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 13 Nyakanga 2013 kugira bigire hamwe ico kibazo.

Armel Niyongere, umukuru w’ishirahamwe ACAT (Action des Chrétiens pour l’Abolition de la Torture) yamenyesheje ko intumbero y’urwo ruganda ari ukumenyesha no guhimiriza abo bose bari mu mashirahamwe, yaba aya Leta canke yigenga bashobore gushira mu migambi yabo, ikibazo co kuzimira akazimayonge kugira abacitse kw’icumu n’ababuze ababo mu ntambara batunganirizwe.

Ayo masezerano mpuzamakungu arwanya inyuruzwa ry’abantu yari yatowe n’ikoraniro kaminuza ry’ishirahamwe mpuzamakungu, igenekerezo rya 20 Kigarama 2006 rica rishirwa mu ngiro igenekerezo rya 23 Kigarama 2010 rihejeje gutosorwa n’ama Leta mirongo ibiri.
Hisunzwe ayo masererano yateweko umukono kugira atunganiriza abacitse kw’icumu bose, ishirahamwe ACAT risaba Leta gukurikiza ayo masezerano, ikimenyetso cerekana ishaka ryo kugira amatohoza y’abazimiye hamwe no gukurikirana abagirizwa gukora ivyo vyaha, imiryango yababuze nayo itunganirizwe.

Kubwa Armel Niyongabo, hamwe ayo maserezano yosubirwamwo, icaha co kunyuruza abantu hamwe n’ikibazo c’ubwicanyi ndengerabutungane cotorerwa inyishu iboneka, mbere n’abacitse kw’icumu n’ababuze ababo bagatunganirizwa.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.