Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri : Ivyemewe n’inama nshingamateka bazovyemera babibonye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri : Ivyemewe n’inama nshingamateka bazovyemera babibonye

ADC Ikibiri : Ivyemewe n’inama nshingamateka bazovyemera babibonye

jeudi 19 Kigarama 2013

Ibiganiro vyari bimaze iminsi vyitezwe ku bijanye ku mpinyanyuro zokorwa mu nteguro y’ibwirizwa shingiro vyatangujwe kuri uwu wa kane n’inama nshingamateka y’Uburundi. Abatumiwe muri ivyo biganiro biteze ko inama nshingamateka izokorera ku vyiyumviro bitandukanye bihava bitangwa, kugira ibwirizwa shingiro rizosubirira irihari rizobe rwahurijweko n’impande zose.

Abakuru b’imigambwe yose yemewe n’amategeko, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira amadini n’abashingamateka bahuriye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe. Umukuru w’inama nshingamateka, Piyo Ntavyohanyuma, ari nawe yuguruye ivyo bikorwa bizomara iminsi ibiri, yamenyesheje ko abarundi n’amakungu bahanze amaso ibizova muri ivyo biganiro, kugira bashireho ibwirizwa shingiro rihumuiriza bose. Piyo Ntavyohanyuma araremesha abitavye ivyo biganiro ko inama nshingamateka izokwisunga ivyiyumviro bitandukanye bizoba vyatanzwe n’abaserukira abanyagihugu, aca asaba abo banyeporitike n’abandi bose kuzoyaga bahuza, bashire ku ruhande inyungu zabo, bafashanye n’abashingamateka gutosora ibwirizwa shingiro.

JPEG - 36.9 ko
Piyo Ntavyohanyuma, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

Mu runani ADC Ikibiri bari bitavye ubutumire bamenyesha ko biteze kuraba namba ivyashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka ko bazokwisunga ivyiyumviro v’yabandi bizoshirwa mu ngiro. Kubwa Léonce Ngendakumana, arongoye urunani ADC Ikibiri, icizere gisigaye n’uko abashingamateka batazokwemeza integuro y’ibwirizwa shingiro nk’uko bayirungikiwe na Reta, ahubwo bazokwisunge ivyiyumviro vya bose, binakenewe mbere iyo nteguro isubizwe muri Reta kwigwa gushasha.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.