Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri isaba ko ivyavuzwe na John Kerry umukuru w’Uburundi yobishira (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri isaba ko ivyavuzwe na John Kerry umukuru w’Uburundi yobishira (...)

ADC Ikibiri isaba ko ivyavuzwe na John Kerry umukuru w’Uburundi yobishira mu ngiro

mercredi 6 Myandagaro 2014

Ivyasabwe na John Kerry umunyamabanga wa Reta zunzubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire birashimwa na bamwe mu banyeporitike b’abarundi, aho bavuga ko bamwe mu barongoye ibihugu bimwe vy’Afrika bashaka kuba ku butegetsi imyaka n’imyaka bumvise impanuro.

Umukuru w'Uburundi Petero Nkurunziza na John Kerry

Leonce Ngendakumana arongoye imigambwe itavuga rumwe na Reta ihurikiye mu runani ADC Ikibiri, avuga ko bamwe mu bakuru b’ibihugu bari bafise agatima ko kwiyongeza ibiringo canke bakipfuza guhindura ibwirizwa nshingiro kugira bashobore kuguma ku butegetsi, baraye bumvise ivyo bahanuwe n’uwo mutegetsi wo mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika John Kerry. Leonce Ngendakumana akavuga ko no mu Burundi ivyo John Kerry yavuze vyoja mu ngiro, maze umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntaze yitoze ubugira gatatu, nk’uko uwo arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU n’urunani ADC Ikibiri abivuga.

Amenyesha ko ibiringo bibiri gusa vya Petero Nkurunziza vyotera iteka umugambwe CNDD-FDD asanzwe avamwo umukuru w’igihugu, bikanatera iteka igihugu cose c’Uburundi. Avuga ko gushaka kuguma ku butegetsi kw’abakuru b’ibihugu biri mu vyatumye ibihugu vyari bikomeye bisubira inyuma nk’ibirenge. Leonce Ngendakumana agatanga akarorero ku gihugu cahoze citwa Zaire, aho kugeza n’ubu kimeze nabi mu vy’umutekano bivanye n’ukumara imyaka n’imyaka ku butegetsi kwa Mobutu, eka akanavuga n’intwaro ya Habyarimana Juvenal yahoze arongoye urwanda, nawe nyene yari yagumye imyaka myinshi ku butegetsi, mu nyuma hakaba ihonyabwoko ryahitanye abantu isinzi.

Leonce Ngendakumana arongoye imigambwe itavuga rumwe na Reta ihurikiye mu runani ADC Ikibiri n'umugambwe FRODEBU,

Mukamenya ko n’amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike aja amaze gusaba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ko atokwitoza ubugira gatatu, akubahiriza amategeko amuha ibiringo bibiri gusa.


Aristide Nizigire

Messages

  • Icoba Ciza Ni Uko Yoreka Abandi Bakitoza Kuvyakoze Hakongerwako Bishasha Bivuye Muvyiyumviro Vyuwundi.Suko Tudashima Ahakuye Uburundi,ariko Hamwe Yokwitoza Ubwa3,democratie Y,uburundi Yobisubiyinyuma.

  • Natange imihoho nimbanaho cndd fdd atawundi mushingantahe bafise nibave mumahiganwa kuko niyoyaryamira ukuboko kwabagabo bazosigarana nde igihugu?

  • Natange imihoho nimbanaho cndd fdd atawundi mushingantahe bafise nibave mumahiganwa kuko niyoyaryamira ukuboko kwabagabo bazosigarana nde igihugu?

  • Uwo mutama Leonce k umengo nawene amagara yiwe nimake nubwo akunda kuvuga nabi nukumwihoza bohava batubwira ingwara agwaye zimukingira gufungwa!!!! ikindi rero nubwo NKURUNZIZA atokwitoza wanashaka ntiyosubirirwa nuwuvuye muri Frodebu[ Nyimba arukugira abe aridigadiga ]

  • HAHAHAHAHA, YAYAYAYAYAYAAAA KWITWA JOHN KERRY NIKIMWE!!!!!! KUBA AVUGIRA LETA ZUNZE UBUMWE ZAMERIKA NIKINDI !!!!!!!!! LEONCE NKURUNZIZA NUMURUNDI!!!!!!!! AKONGERA AKABA UMUKURU WIGIHUGU CUBURUNDI!!!!!!!!! NACANECANE YATOWE NABARUNDI BENE UBURUNDI!!!!!!!! KANDI UBURUNDI BUKABA BUFISE AMATEGEKO YABWO YASHIZWEHO NABARUNDI!!!!!!!! JOHN KERRY RERO YASAVYE PRESIDENT NKURUNZIZA, KO YOKURIKIZA AMATEGEKO YUBURUNDI YASHIZWEHO NABARUNDI BO BITUNGANIRIZA IVYO IGIHUGU CABO GIKENEYE CANKE CIFUZA GUSHIKAKO!!!!!!!! NTABWO NKURUNZIZA AZOKURIKIZA AMATEGEKO YA AMERIKA, ATARIYO ABANYAGIHUGU TUGENDERAKO!!!!!!!! LEONCE MBONYE INGENE WEMERA JOHN KERRY, WARUKWIYE KUMUSABA AKAZOZA KUGUHUZA NA DOMISIYANO CANKE NA MINANI HIHIHIHIHHI SIJE NZIBONERA PRESIDENT NKURUNZIZA NGO ARATASHE, ATUBWIRE IJAMBO RYIHUMURE

  • NGWEMAMA MBONIMPA NGO ATAREKUWE AMATORA NTAZOBA!!!!!!!!!!!!!! NGWEMAMA NKURUNZIZA NIYITOZA NGWAMATORA NTAZOBA!!!!!!!!! NGWEMAMA PACIFIC ADATWAYE CVR NGWAMATORA NTAZOBA!!!!!!!!!!!! NGWEMAMA IMIGAMBWE NGWIDASUBIYEHAMWE NGAMATORA NTAZOBA!!!!!!!!! NGWEMAMA JOHN KERRY NGWATADUHAYE AMAHERA NGWAMATORA NTAZOBA!!!!!!!!! AMAHERA YAMATORA AZOTANGWA NABARUNDI BENE UBURUNDI, KUGIRA BITUNGANIRIZE IMIGAMBI YIGIHUGU CABO!!!!!!!!!

  • Mbeko Pacique Yama avugako ibiba mu gihugu ari amasigne ko ubutegetsi bugiye guhinduka. Yiteguye kubuhindura gute? Ariko murabona ukungene ubwo bugabo busuzugura abahutu? Ariko bogerageza da! Abatutsi ni bavyanke nagerageje. Nukwiyahura bakabishiramwo. ico bakeneye gusa ni abahutu bibigugu nka cumi gusa_ nka Mbonimpa nabandi. Mworaba. Hari umututsi yambwiye ati yotuma apfa hako yambara ipantalon iriko ikiremo.

  • wewe wiyise levis,kowigwanya muvyiyumviro,warayinze?none wewe uvuga ko amategeko y’uburundi adashigikira ivyo john kerry yavuze!aho kuraba icavuzwe,uraba uwavuze?!ahaaa!Eka sihuri nyene!

  • Mbeyemwe LEONCE nabobarikumwe bobarintumva canke boba batemera ibwirizwanshingiro ryigihugu cabo? Cankebishakira ibwirizwanshingiro rya US? UMVA PREZIDA NKURUNZIZA YABIZUZE KUVAKERA KO UWUZOKWITOZAWESE KARUKUZOKWUBAHIRIZA IBWIRIZWA NSHINGIRO RYU BURUNDI, MWIBUKEKO MU BURUNDI UMUKURUWIGIHUGU YEMEREWE KWITOZA 2 YITOREWE NABANYAGIHUGU BONYENE UBWABO.

  • Mbe leonse nkubaze muri Adc mutinya nkurunziza canke mutinya umugabwe cndd fdd bizobagora cane kumvisha abene gihugu ko bamaze gutora nkuru nziza kabiri kandi bazi neza ko bamaze kumutora rimwe ninkaho wobabwira kwamata yirabura. Kandi twese tuzi koyera abo bannyameraca wemera ko bananiwe na arishababu muri somariya koyabananiye abanyafrica tuka tukabishora muri irak abo kwa sadamu husen biriwa bafata ibisagara kumusi kumusi baduhenze ngo barabomoye leonse nikibiri canyu murahenda abatabazi politike yakarimi. Gusa ntaho. Izobageza genda harya kugatumba uvuka ubabwire ico wabamariye mumyaka 8 wamaze urongoye inama nshingamateka abo muyindi mihingo yigihugu tubonereho kukwizera.

  • Amategeko ahari kugira akurikizwe, canke ivy’abantu bumvikanyeko!!

  • MBEGA KO ABANTU BAMWE BAMWE BUMVISE IZINA RYA NKURUNZIZA BACA BAJUGUMIRA,KANDI BAVUGAKO BAZOTSINDA AMATORA NIBAMUREKE TWEBE BENE GIHUGU NITWE TUZOCA URUBANZA,NAYO KUVYEREKEYE ABO BANYA AMERIKA KO BATITAHO IKIBAZO CA ISRAEL N’AMAROREGWA BARIKO BARAGIRA I GAZA MBEGA BOBO NTIBAKWIYE GUHABWA ICIGWA CA DEMOCRATIE KO MBONA ARIBO BAMAZE IMYAKA INJOJO BATERA AKAJAGARI MU GIHUGU CA PALESTINA?

  • leonce komeza gutibika umukanda, kuko agashomeri kuri wewe kazobandanya no muri 2015!!!!!!!! wishinze kugumirirwa kurubuga rwanyu mukinirako politike narwo akaba ari kuri RPA ngo niho abanyagihugu bobumva!!!!!!!!!! rindira 2015 haraho uzohonyoza ikirenge bakazogutera amazirantoke!!!!!!!!!!!!!!

  • Aba DD mwese nsanze nsanz,atabwenge. Mugira mbe nkubu yoheriyo yagiye cank,agataha kumwe Ntaryamira yataha igihugu coca kibigipfakazi???ubu mwararavye musanza mubigugu mufise ntanakimwe comusubirira canke mwamug,izikimana canyu???

  • Mbe nkawe Kabisi Willy uzotanga angahe?Emwe ngo umupfu ntiyinukira

  • Wewe wiyise Mace genda uri inkandagirabitabo uriko uzana ivy’abahutu n’abatutsi ngaha wibaza wewe ko uturusha ubuhutu?Uzi abahutu bishwe kuri reta yanyu yaba DD?I Muyinga,za Kinama,za Gatumba nahandi bishwe n’abatutsi?Nkuru natuvireho imyaka cumi yakoze iki atari ukurwiza amarira,abapfakazi n’impfuvyi mu bahutu.Qu’il parte tuzomwibukira mu kwirenza ivyondo ngo n’ibikorwa rusangi hamwe no gutera amavoka agaca aribwa n’impene

  • NKURUNZIZA NA HAVA MBONA UBU ATWARA UKO YISHAKIYE ARIKO MANDAT YA MBERE VYARI SAWA .UBU UMENGO YABOREWE NUBUTEGETSI .TWE ABA DD BACIYE MWISHURE UKO ANGANA KOSE NTITUMUSHAKA KUKO NTATEGEKA IVYIWE ARATEGEKEKWA NABIRYA BIJUJU VYA BA GENEREAUX.

  • Hahaaa ! Amerika itwara isi kandi irategeka n’ibihugu vyomubarabu n’iburaya kandi bidasaba imfashanyo.Wumva uburundi busaba imfashanyo aribwo bwobananira. None ko Nkurunziza yahora avuga ngo umugambwe ubimusavye ntakibuza azokwitoza,ko atabivugiye muri Amerika imbere ya John Kerry na Barack Obama. Mbere ahanzwe na vyinshi:1)Mumugambwe iwiwe sibose bamushigikiye,hari abandi bifuza gutwara 2)Ibwirizwa nshingiro ntirumurekurira kuko rivuga:<<Ntamurundi numwe azorenza ibiringo 2>>. 3)Aba opposants,sociétés civiles,amaradiyo vyose bimuhanze amaso 4)Amakungu amuhanze amaso. Ntibyamworohera pe kujabuka iyo mitego yose.

  • vyose bitegwa ninda nini yabageze kumyanya y’ubupresident,none ivyo Nkurunziza atashoboye gukora mumyaka amaze arongoye uburundi azobikora aruko yongeye gutegeka ikiringo ca gatatu?? Sikio lakufa halisikie dawa.John Kerry yarivumeye umugani wawawundi abo nibo bategeka isi.Ikindi biboneka ko muri cnd atawundi mugabo canke umugore w’ijambo bafise babonako yo serukira umugambwe wabo,ahohoho nibatange imihoho.

  • MUVUGE MAKE AHAMWESE MWISHONGORA NUKABO MWITA IBIJUJU BEMEYE KURYA IBITARIBWA NGO UMURUNDI WESE YISHIRE YIZSNE EREGA NTABANGANA GUSA MENYAKO BAKOREYE IGIHUGU IBIKORINKA

  • Nimureke gucira inkonda ngaha kururu rubuga!.

  • Levis SIHONDI,ngo uwutazi umuti awunyako,Amerika ntayo uzi kandi ntayo uzopfa unamenye.Amerika ico ishatse nico kiba kandi nta Burundi canke abarundi dufise bashobora kuvuga NON kuri Amerika.Rindira uzobona ububasha bwayo nihagera.GOD BLESS AMERIKA.

  • Amavoka yatewe (k’urugero rutigeze rubaho), ibikorwa rusangi n’igisagara kirangwa n’umwanda (k’urugero rutigeze rubaho eka no mu ntambara

  • Nukuri nkurikije ibibazo biri mu Burundi mbona Nyakubahwa Nkurunziza Peter yarekura pe nanjye ndumurundi nibera mu Rwanda twe turamahoro pe gusa mwese mudufashe dusengere Igihugu cyacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.