Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri ntizokwitaba ibiganiro vyateguwe n’inama nshingamateka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri ntizokwitaba ibiganiro vyateguwe n’inama nshingamateka

ADC Ikibiri ntizokwitaba ibiganiro vyateguwe n’inama nshingamateka

jeudi 12 Kigarama 2013

Mu runani ADC Ikibiri ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta bavuga ko batazokwitaba ibiganiro vyatunganijwe n’ibiro vy’inama nshingamateka y’Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 19 gushika kurya 20 Kigarama 2013. Imvo y’ukutazokwitaba ivyo biganiro, n’uko ADC Ikibiri imenyesha ko inama nshingamateka y’Uburundi idafise ububasha bwo gutunganya ico gikorwa.

Inyuma y’aho integuro y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro itereye impari, imigambwe itavuga rumwe na Reta yarasavye ko iyo nteguro yovanwa mu nama nshingamateka, ikagarukanwa kugira abandi bose baterere ivyiyumviro vyabo ku ngingo zohinyanyurwa. Ukutumvikana kwarabonetse ku nzira vyofata kugira bamwe n’abandi baterere ivyiyumviro vyabo. Umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD wamenyesha ko abashingamateka, ari nabo batowe n’abanyagihugu bafise ububasha bwo kwigira hamwe ihinyanyurwa ry’ingingo zashikirijwe n’inama nshikiranganji, abandi n’abo bafise ivyo bashikiriza bakabishikanira inama nshingamateka.

Mu migambwe iri mu runani ADC Ikibiri bagumye bamenyesha ko icipfuzo cabo ari ukubona iyo nteguro ivanywe mu nama nshingamateka kugira nabo batange ivyiyumviro vyabo. Inama nshingamateka yaciye ifata ingingo y’uko yotunganya ibiganiro kuva ku genekerezo rya 19 gushika ku genekerezo rya 20 Kigarama 2013. Muri ivyo biganiro, abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, abahurikiye mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya poritike bazoshobora gushikiriza intererano zabo. Urunani ADC Ikibiri rumenyesha ko badashobora kuzokwitaba ivyo biganiro vyatunganijwe n’inama nshingamateka.

JPEG - 174.4 ko
Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC - Ikibiri

Léonce Ngendakumana arongoye urunani ADC Ikibiri amenyesha ko batazokwitaba ivyo biganiro kuko inama nshingamateka ishaka gukora igikorwa kitari rwaco. Kubwa Léonce Ngendakumana, abashingamateka bari bakwiye gusubiza inyuma iyo nteguro, ikagaruka muri Reta, maze abashingamateka bakarindira ko borungikirwa integuro nshasha yumvikanyweko na bose, gutyo bagashobora kuyiga. Léonce Ngendakumana arangiza amenyesha ko badashobora kwitaba ivyo biganiro kuko ata kintu na kimwe kibemeza ko n’ivyo bopfundika muri ivyo biganiro vyofatirwako mu kwemeza iyo nteguro y’ibwirizwa shingiro.


Egide Nduwimana

Messages

  • Murashake mureke nubundi nta vyiyumviro vyubaka mufise uretse akajagari. Ni muhebe ivyo biyayuramutwe mwishinga kwuha!!!

  • Ariko mu bahutu harimwo abashobora kuba barariye imiti. Sinshobora kumva ibijuju nkabo bagabo bo muri adc ikibiri,aho kwitaho ingorane abahutu bafise nkako kajagari ko kuri universite aho abatutsi bamwe bamwe bashaka kubandanya Ka karenganyo, ivyo bigabo navyo vya adc bikibandanira kwitaho inda zabo gusa. Muri ivyitso vyuzuye kabisa. Mwitegure kuzobona 5% gusa mumatora 2015. Kandi nahone muzatogwa nabataye umutwe nkanyu gusa. Ikinezera nuko umengo na Rwasa atanguye kubamenya, yari yaratevye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.