Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC IKIBIRI yemerewe gukorera ku mugaragaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC IKIBIRI yemerewe gukorera ku mugaragaro

ADC IKIBIRI yemerewe gukorera ku mugaragaro

mercredi 4 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard NDUWIMANA yemereye urunani ADC IKIBIRI gukorera ku mugaragaro.

Mw’ikete nimero 530/201/CAB/2015 umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edoaurd NDUWIMANA yandikiye kuri uwu wa kabiri Léonce NGENDAKUMANA, umukuru w’urwo runani ADC IKIBIRI, yamumenyesheje ko yisunze ikete yari yandikiye ubwo bushikiranganji kw’igenekerezo rya 22 Kigarama 2014, akisunga kandi n’impapuro zose zisabwa zatanzwe kugira imigambwe yemererwe gukorera mu runani, yemereye urwo runani ADC IKIBIRI gukorera ku mugaragaro.
Umushikiranganji Edouard NDUWIMANA asigura ko mu kwemerera urwo runani
yisunze itegeko nimero umunani rigenga imigambwe.

Muri iryo kete, umushikiranganji Edouard NDUWIMANA yaboneyeho akaryo ko gukeza Léonce NGENDAKUMANA aheruka gutorwa mu burongozi bw’urwo runani, amwipfuriza kuroranirwa.

Urunani ADC IKIBIRI rugizwe n’imigambwe SAHWANYA FRODEBU, FEDS Sangira, SONOVIE, hamwe na CNDD irongowe na Léonard NYANGOMA.

Tubibutse ko bitegekanijwe ko imigambwe yose igize urwo runani izotanga uwuzoyiserukira mu matora y’umukuru w’igihugu, urwo runani rugaca rutoramwo umwe yumvikanyweko na bose, mu bazoba batanzwe. Umugambwe SAHWANYA FRODEBU akaba ariwo umaze gushikiriza izina rya Léonce NGENDAKUMANA kugira abe ariwe azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • ndabaramukije.nsavye Reta y’Uburundi n’Amakungu ko abanu bafunzwe mubusho butandukanye ndetse nomumabohero makuru makuru bafunzwe bazira kakarenganyo borekugwa kuko Abarundi n’Abarundikazi dufise ukwikukira.na Demokarasi

  • FRODEBU BAYI LEONCE NTANUWUZOSUBIRA KUMWUMVA INYUMA YAMATORA KUKO INGUVU YAKWIVUNIRA YAZIHABWA NA RWASA NA SINDUHIJE

  • Ko mutashizemwo UPD Zigamibanga na MSD? Iyo migambwe yoyo ntiri muri ADC-Ikibiri? Hama na MSD yaramaze gutanga umukandida ariwe Alexis Sinduhije.

  • Amwemereye kubera Yuko abashingantahe bijunja batarimwo. RANAC viva, viva Rwasa viva. Ubu Leta igiye kwimurira amarementanya kuri RANAC.

  • Amwemereye kubera Yuko abashingantahe bijunja batarimwo. RANAC viva, viva Rwasa viva. Ubu Leta igiye kwimurira amarementanya kuri RANAC.

  • Erega wewe wiyise Inamujandi, banza urabe neza!!! Mw’ikete rya Edouard Nduwimana, imigambwe yavuzwe ko iri muri ADC IKIBIRI ni SAHWANYA FRODEBU, FEDS Sangira, SONOVIE, hamwe na CNDD irongowe na Léonard NYANGOMA. Urumva rero ko MSD na UPD itavuzwemwo, ngira iri ahandi ntawobimenya. Ikiboneka gusa n’uko ADC ata nguvu igifise kuva Rwasa na Nditije bavuyeyo. D’ailleurs nico gituma Ministre yemeye ko bakorera ku mugaragaro kubera abona ataco bazoshikako. Viva Ranac, Viva Rwasa

  • erega nduwimana yemereye ADC ikibiri gukora kumugaragaro ntagitangaje kuko adc yamyikora kandi abarundi beshi turinyuma ya adc kandi IPD na MSD ntibaramenyesha kobatakiri mukibiri none Nduwimana yemeye iyoyonyen abonako ADC atanguvu yobigifise nagumehamw amatora niyo azomwerekako yihenz

  • felicitation ADC! natwe abo muri RANAC VIVA ntazoreke kutugirira nk’abandi narirya irimwo abashingantahe bijunja VIVA RWASA!

  • Mbega mumbonera inani zimazekubazingahe? Turasavye umushikiranganji wintwaro yohagati mugihugu nyakwubahwa Nduwimana akomeze kuduhera uburenganzira bwogukorera ahabona abobose bagize inani nifuzako inani zobanyishi muburundi, amatwi a subira ndikondumvahariho urunani rwimigambwe itarimike ishakako kumatorayumukuru wigihugu bazogira urunani na CNDDFDD abomazekumenya ni: UPD imazimizi yiyunga mugihugu cose, numugambwe wuwahoze arumukuruwigihugu Bagaza, ariko ngomurutonde rwimigambwe irengamirongo 40 ngohafiyimigambwe irenga icakabiricayo izokwiyunga na CNDDFDD.

  • Ok ariko haricotutatahuyeneza none urekuriye ADC yonyene?what about RANAC na MSD na UPD? Please turabasavye muduhe umuco kuko abarunditwese ntidushigikiye abari muri ADC hari abari inyuma ya RANAC,UPD no muri MSD kandi ADC siyoyonyene iri mu BURUNDI nocogitumadusavyeko ubworenganzira bwoba kuribose murakoze.

  • none kombona iyindi migambwe yemerewe gukorera kumugaragaro ,MSD na UPD zo bigezehe?ivyobisa nukubohera amaboko imugongo narirya hasigye amezi make ngo propagande itangure

  • @ Rulal, uvuzukuri sibeshi barimurico ki ADC Kibiri abeshi bibereye muhindimirwi, ariko iyoyindimigambwe wavuze yoyo ntavyogusaba canke guhabwa uburenganzira kukobobo basanzwebazwi murubwobushikiranganji, ariko iki ADC caricaduka cadutse nyumayamatora 2010 kumpavu runaka bashaka gushikako ariko bacababangamirwa nicabarundi twita inyabutatu canke inyabune.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.