Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
ADC Ikibiri yiteguriye kwitura umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ADC Ikibiri yiteguriye kwitura umukuru w’igihugu

ADC Ikibiri yiteguriye kwitura umukuru w’igihugu

mardi 24 Kigarama 2013

Umukuru w’urunani ADC Ikibiri amenyesha ko ubutungane ataribwo bugipfunze Ferederiko Bamvuginyumvira, ahubwo ko yagumijwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba n’ubutegetsi bwo mu Burundi.

Léonce Ngendakumana, arongoye urunani ADC Ikibiri ashikiriza ko ubutungane bwamaze gukora akazi kabwo igihe bwafata ingingo y’uko Feederiko Bamvuginyumvira arekurwa vy’agateganyo, ariko abanje gutanga ingwati y’amafaranga y’amarundi umuriyoni, mu nyuma ata n’umwanya urahera aca asabirwa kugumizwa n’umunyororo n’umushikirizamanza mukuru aserukira sentare yo kurwanya ibiturire. Uwo arongoye urunani ADC Ikibiri amenyesha ko Ferederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ariko azira ko yoba ariwe ubutegetsi bwikeka ko yoserukiye urunani ADC Ikibiri mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2015. Kubwa Léonce Ngendakumana, Ferederiko Bamvuginyumvira co kimwe na Hussein Radjabu bazira umukeko wa poritike.

Mu runani ADC Ikibiri bamenyesha ko bagiye kwitura umukuru w’igihugu asanzwe abifitiye uburenganzira, bamusabe ko yogira ico avuga kuri "uwo mupfungwa w’inzirakarengane"

Tubibutse ko Bamvuginyumvira Ferederiko yasubiriye kwitaba imbere ya sentare ntahinyuzwa ku munsi w’ejo kuwa mbere. Yarumvirijwe kuva mu gatondo gushika nk’igihe c’isaha umunani. Abamuburanira n’umuryango wiwe bakaba barindiriye ko ubutungane bwofata ingingo y’uko ashobora kurekurwa aburane yidegemvya.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.