IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Addis-Abeba: Abakuru b’ibihugu barahimbaje yubire y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa (...)

Addis-Abeba: Abakuru b’ibihugu barahimbaje yubire y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika

dimanche 26 Rusama 2013

Abakuru b’ibihugu n’ama Leta harimwo na Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu c’Uburundi, baritavye ibirori vyo guhimbaza imyaka mirongo itanu iheze ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ritangujwe.

Mu kwibuka abatanguje iryo shirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, uwurongoye ishirahamwe muri kino kiringo, akaba n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopie, Hailemariam Desalegn yamenyesheje ko ihangiro ry’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ari ukwubaka Afrika izira ubukene n’indwano, aho abanyagihugu bazoba bafise ubushobozi bwo kubaho neza.

Umukuru w’umurwi wo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika wo mu gihugu ca Afrika y’epfo, Nkosazana Dlamini-Zuma yashikirije ko anegura ingene ibibazo vyatumye ishirahamwe rya Afrika ritanguzwa arivyo n’ubu bigihanze Afrika, nk’ubukene muri rusangi.

Ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Addis-Abeba ku musi w’ejo kuwa gatandatu igenekerezo rya 25 Rusama 2013, kabaye akaryo ko gushira ahabona igitabu c’ivyo abakuru b’ibihugu batwara ubu n’abatanguje iryo shirahamwe biyemeje.

Twobamenyesha ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abandi bashitsi b’abanyecubahiro, aho tukababwira nka Ban Ki-Moon umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’umunyamabanga wa Leta zunze ubumwe za Amerika, John Kerry.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.