IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Addis Abeba: Leonard Nyangoma yatowe kurongora CNARED

Addis Abeba: Leonard Nyangoma yatowe kurongora CNARED

dimanche 2 Myandagaro 2015

Umukuru w’umugambwe CNDD Leonard Nyangoma yatowe ngo arongore inama y’igihugu ijejwe kwubahiriza amasezerano ya Arusha,no gusubizaho Reta ishingiye ku mategeko CNARED ,mu nama ya mbere yabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya.

Vyamenyekanye ko Leonard Nyangoma ariwe yatowe, inyuma yaho ku munsi wa gatandatu hiriwe haravugwa ko Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ariwe yatowe kugira arongore iyo nama.

Kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 31 Mukakaro, amakuru yaca ku mbuga ngurukanabumenyi,yamenyesha ko abitavye iyo nama bankiwe kwinjira mu gihugu ca Etiyopiya,ariko vyahavuye bibeshuzwa na Jeremie Minani,umuvugizi w’umurwi wishinze gukingira amasezerano ya Arusha.

Harindiriwe itangazo rya nyuma risohoka inyuma y’ibikorwa nyezina vy’inama ya mbere y’inama y’igihugu yishinze gukingira amasezerano ya Arusha no gusubizaho Reta ishingiye ku mategeko.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Komera Mutama N, Ubundi Twicwa N, Abaguhemukiye Ariko Nabonyene Bariko Barasubiranamwo. Ariko Abazoza Urabakira Umuvyeyi Ntaheba Umwana W, Icangazi

  • ariko abobo bashakiki? bihangane bazoze 2020 baje kwiyamamaza

  • aba bose ni abashaka kuzuza imifuka yabo ntakindi, bose baza bavuga bimwe nyuma bagahinduka tukumirwa.

  • we nyangoma ko abatutsi bakwangarij mwishamba ubu naho wifatanij nabo? bafash ni mwashika mugihugu wish abahutu ben wanyu abo batuts bazoca bakwigaram uc uja kugarama mwishamba sha.

  • Nyangoma komera turinyuma yawe abo ba dd nivyingoma bazobura aho bayivugiriza umugambwe wawe bagutwaye bazokabona biratanguye kugaragara

  • Aho mushak ik ibwirizwa shingir rir muntok zimana rindira ikor igkorwa cayo

  • Ewe Nyangoma,ubu wewe baraguhenze nguriko uba umukuru wikintu nkico?Mbega warabonye ko ata na 0.5 Voix wigera uronka mu matora kuva muri 2005 ?Uribagiye abagwanyi wicishije kumvo yuko mutava hamwe igihe watwara umuhari FDD?Abatakuzi ni bakuje inyuma ivyawe twarabihinyuye.

  • Ewe Nyangoma,ubu wewe baraguhenze nguriko uba umukuru wikintu nkico?Mbega warabonye ko ata na 0.5 Voix wigera uronka mu matora kuva muri 2005 ?Uribagiye abagwanyi wicishije kumvo yuko mutava hamwe igihe watwara umuhari FDD?Abatakuzi ni bakuje inyuma ivyawe twarabihinyuye.

  • nari ndamushigikiye none nuko baguma bavuga gusa ariko badakora

  • emma
    nyangoma muraze neza kuko ayo manyanga yanyu siyo mushaka amaraso yabarundi aseseka kora muzoyabona komeze ntiwibagire amabi wakorera abasoda bawe ubashuhurira muntambara atanama sasu wabaha shaaa twaraguhinyuye twebwe urahenda ivyo bijuju. murikumwe

  • Ivyo nivyo igihugu nicogira amategeko nayubundi bakigendeyemwo uko bishakiye bakama barenga kumasezerano yigihugu.nikwagupfa kwigihugu nabakirimwo.Mwoshaka mwogendera hamwe mugasangira twose nayubundi ntanyungu yokuryana atari imivumo

  • nyqngomq komera ku bikorwa washinzw ariko abatutsi ntibaguhende ubakurikiranir hafi turaziko bakunda kurya ivyo batakorey,ikindi wibuk abarwanyi baw bishw mu gihe c’intambara uhez ushumbush imiryango basiz abo ba DD bakurya umutima bakwandagaza bagutway umugambw uwubak kuko twasanz ata mutima bafise kandi bibagira n’ingoga iyo bavuy hama ivyo gushira imber intara no bururi ngozi gitega mubisezere mwabanyapolitik mwe mwubahiriz n’abanyapolitik bavuka mu ntara ya Bujumbura kuko umenga murabagaya kandi bariz nabo bashobora guteza imber igihugu ku rwego rudasanzw ubu dusigarany Leonce ngendakumana,sinduhije na Godefroid abo dukunz can mubakingir kandi mububahe mu ntererano bazobaha

  • Mutama Nyangoma ibiriko biraba biraguha icirwa. Wahevye ubushikiranganji wihebera kudutabara uca urasamara abo mwarikumwe baca bagunyuma ngo wariye impuzu n’amasasu kugirango bikunde abantu bakuzinukwe

  • Komera Kumugambi Nyangoma Turagushigikiy Kuba Woza Hano Mugihugu C,uburundi Kubahiriza Ibwiriza Shingiro.CNDD-FDD YIBAZAKO IGIHUGU ARI ITONGO ARIKO Pierre nkurunziza amenyeko atabukomezi yarusha Adolphe ,nawone Azobibona Umus Atazi.We Tuzomurya Ntituzomuhamba N,ingen,atwiciy Hejuru.

  • HANZE NI HANZE NYENE,NONE ABARI HANZE BARAZI INGENE TURYAMA?ARIKO UWO TURIKUMWE ARABIZI.

  • AHO MWABUZE.IVYO NTIBIZOKUNDA MURAGERAGEZE MURABE SINDABAREMESHEJE.

  • abarundi twari dukwiy gucubwenge ariko karashize ingani habure umuntu azoza akunda abarundi nigihugu ciwe?NYANGOMA uwo mugambi wanyu ntufashe ahubwo muraza mugihugu mucubake muri hamwe murek kudukwegera uburundi bwarabuze bikwiye

  • ndasavy muduhe ingene gouvernement itunganijw kuva ku mukuru n’ivyegera hamwe n’abarongoy ibisata vyos bisabw mu gutwar igihugu.mukomere

  • Nyangoma alifanya mambo mazuri sana na nimuelewa lakn ubaguzi wa kupendelea wa bururi ulitummaliza tulipoteza vijana wengi nasasa anataka kushirikiana na kagame ni km amesahau kuwa watusi wanambinu nyingi za kumaliza wahutu . Mzee nyangoma atafute njinsi ya kuunganisha wahutu na kujitambua abahutu twararozwe kubona dusubiranamo abansu bitwengera hakenewe umuhutu wincabwenge wo guhumura abahutu nka gahutu remy ahandiho tuzakomeza kugaragara ko tulinjiji kubatutsi no mumahanga

  • LEONARD NYANGOMA NAGERAGEZE .KUKOTWARABONYE YUKO UWOKWUBAHIRIJE AMATEGEKO’NIWEYAYAHONYANZE.YEZU.ATI.MUNSENGERUBUSA.IMANA YARADUHISHIJE.

  • MAHORO NEZA MUTAMA MURI AMAHORO?UMWNA YANKWA NIWE AKURA! NASHAKA NDAKUMENYEKO ABANYABURURI TUGUSHIGIKIYE.KANDI KOBIGIYE GUHINDUKA KUKO ICO IMANA YAVUZE NTIBESHA. RERO WITONDE UBUTWARE UGIYE KUBUCAKIRA.MUZIGAMWE.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.