IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Addis Abbeba : Reta y’Uburundi yagumye ku ngingo yafashe

Addis Abbeba : Reta y’Uburundi yagumye ku ngingo yafashe

samedi 30 Nzero 2016, par egide

Mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika iriko ibera mu gihugu ca Ethiopie, Reta y’Uburundi yasubiriye gushikiriza ku mugaragaro ko idashigikiye ivyasabwe ko horungikwa inteko mvamakungu mu Burundi. Abaserukiye Reta y’Uburundi babandanya gusigura ko amahoro mu Burundi akwiye.

Mu mubonano abagize inama y’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika bagize mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, buca inama nyezina y’abakuru b’ibihugu itangura kuri uwu wa gatandatu, uwo mubonano waheze abari bawurimwo bagizwe n’abakuru b’ibihugu bagera kuri 12 hamwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU badahurije kucokorwa ku Burundi, mu bijanye n’irungikwa ry’izo nteko mvamakungu.

Alain Aimé Nyamitwe, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu yamenyesheje itangazamakuru ko mu buryo na bumwe Reta y’Uburundi ititeguriye kwakira izo nteko mvamakungu, aho mbere mukibuka ko Reta y’Uburundi yamaze kuvuga ko mu gihe zorungikwa ku nguvu zizofatwa nk’abateye Uburundi, akavuga ko umutekano w’Uburundi ubungabunzwe neza n’inzego z’igihugu.

Abakuru b’ibihugu bari muri iyo nama bakaba bose batabona kumwe ico kibazo c’irungikwa ry’inteko mvamakungu. Mu gihe botora, ibice bibiri kuri bitatu akaba arivyo bikenewe kugira ingingo y’ukurungika izo nteko yemezwe. Mu gihe botora, rikaba rizoba ribaye irya mbere aho hatunganywa amatora y’ukurungika inteko mvamakungu mu gihugu camaze kumenyesha ko kititeguriye kuzakira.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.