IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abasirikare bamugariye ku rugamba basaba gushigikirwa

Abasirikare bamugariye ku rugamba basaba gushigikirwa

vendredi 7 Ruheshi 2013

Amashirahamwe arabafasha gusubira kwiyumva mu banyagihugu. Abo bahoze ku rugamba bakanahamugarira ,kuva bavuye mu gisirikare c’uburundi baragerageje kuja hamwe kugira bashinge utundi dukorwa twobinjiriza amfranga.

Intumbero n’ukugira n’abo hagire ico bamarira ikibano kibabona rimwe rimwe ko ataco bashoboye. Abo bahoze ku rugamba bamugaye baragiye hamwe bavugana ko naho babaye ibimuga bikenewe cane ko n’abo bagira ico bifashije ubwabo kuko ivyo bafashwa mu gisoda bitakirimwo, ivyo vyavuzwe na cassien Bizabigomba uwuserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe ADMH .

Abo bahoze ari abasirikare igihe bari mu gisirikare ,bararonswa imfungurwa za gusa,impuzu z’igisoda,ibirato,kandi ntibanariha inzu.Abo bahoze mu gisirikare c’i burundi baciye bavugana ko bizoza birakenerwa ko misi iri mbere bizoba nkenerwa ko birihira ivyokurya biyambika,birihira amazu,bakongera bagafasha imiryango yabo atanumwe abafashije.nico gituma baciye biyumvira kuja hamwe kugira barabe ivyo bokora kugira bibesheho.

Ivyo bakora navyo akaba uburimyi ,ubworozi, inzu bafotoreramwo impapuro n’utundi n’utundi. Hariho kandi n’ibikorwa vyo kwinonora imitsi, zitwa paralymp[ique, ku bantu bafise ubumuga. Bakaba bafatanya n’abandi bo mu Rwanda, Ouganda, kugira bigereranye nabo.
Ku vyerekeye n’aho imfashanyo ya ADMH, bizabigomba arashimira umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abahoze ku rugamba kugira barabe ukuntu bobaha itongo ryo kurimamwo.

Umushikiranganji arafasha mu bikorwa vyo kwinonora imitsi mu gushiraho imodoka yo kwiyunguruza mu Burundi hamwe no hanze hamwe no kubaha n’amata inyuma y’imyimenyerezo. Yarashimiye cane abo bose bafise umutima wo kubafasha baba mu mahanga bahora baja mu bikorwa vy’ iryo shirahamwe. Mu kuriha ibikoresho bifasha mu kwimenyereza.

Mu guheraheza, uwuserukira imbere y’amategeko ADMH asaba ubushikiranganji wo kwivuna abansi n’abahoze ku rugamba ko bobashira mu vyo bakora batavanguye. Kandi yongeye ko hobaho mu bahoze ku rugamba ataravye abamugaye canke abakomeye ko hageze gusubiza mu buzima busanzwe ko hatobamwo ukuvangura, arasaba kandi ko hobaho itegeko rigenga abantu bagendana ubumuga kugira bafatwe uko bibereye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.