Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika : Abakuru b’ibihugu bagirizwa kuba bashaka guhindura ibwirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Afrika : Abakuru b’ibihugu bagirizwa kuba bashaka guhindura ibwirizwa (...)

Afrika : Abakuru b’ibihugu bagirizwa kuba bashaka guhindura ibwirizwa nshingiro

jeudi 6 Munyonyo 2014

Bamwe mu bakuru b’ibihugu vya Afrika nka Joseph Kabila (RDC), Denis Sassou Nguesso (Congo-Brazzaville), Boni Yayi (Bénin) Paul Kagamé (Rwanda), na Petero Nkurunziza bagirizwa kuba bafise imigambi yo guhindura ibwirizwa nshingiro kugira bace bigumiza ku butegetsi, na rirya ibiringo vyo kurongora ibihugu bahabwa n’amategeko biriko birarangira.

Mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi abari mu migambwe itavuga rumwe na Reta y’ico gihugu bakaba bagiriza Joseph Kabila ko ashaka gusubira kwitoza n’aho ataco arabivugako, ayo makenga y’iyo migambwe akaba asa n’ay’imigambwe itavugarumwe n’umugambwe CNDD FDD mu Burundi. Imigambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri ikaba atako itagira kugira itoboze agatu urwara, namba umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azokwitoza mu kiringo ca gatatu, canke uwo mugambi atawo afise. Mu mugambwe CNDD FDD bakavuga ko bazisunga amategeko, ndetse bakazonabaza sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Mukamenya ko aba barongoye Congo Brazzaville, Urwanda na Benin boba bagisoserwa n’ubutegetsi ku buryo ikiringo ca gatatu kitobarwa nabi, n’aho amategeko atabibarekurira. Amakuru ya bagenzi bacu ba RFI akavuga ko ukwitoza kw’abo bakuru kuzoba kunyuranye n’amabwirizwa nshingiro barahiye kwubahiriza imbere y’uko bashikira ubutegetsi.

Tukabibutsa ko gushaka guhindura ibwirizwa nshingiro arivyo biherutse gutembagaza intwaro ya Blaise Compaore mu gihugu ca Burkina Faso.


Aristide Nizigire

Messages

  • None abakurubibihugu bamaze kubitwgetsi imyakamyishi barinze guhindura amabwirizwashingiro?

  • Rekamvugishukuri jewendumurundi arikonkaba ntasangije umugambwe nuyu Nkurunziza, jewe ndabonagusa harihogushaka gupfagupoperanya ibintu bidasa nibindi kuko uyu Nkurunziza ajakibutegetsi mumwaka 2005 jewe narinkunze ndengeje imyaka 30 kandindingaha Bujumbura muvyukuri muri 2005 ntabarundibahamagariwe kujamumatora yumukuruwigihugu, mukibukako mumasezerano ya Arusha mbese nomwobwirizwashingiro ryuburundi bivugako umukuruwigihugu yemerewe kwitoza kabiri yitorerwa nabarundi bonyene ubwabo, ahamubonarero jewe nubwontamutoye mazeguhamagarirwa kwitorera umukuru wigihugu rimwe kuva 2005 none twebwe abarinditwemera bakatugereranya naba Kagame nabandi ntavuze bashaka guhindura amabwirizwashingiro yibihuguvyabo atarukwisuka muvuabandi? Jewe nimwabamushakakonitaba amatora ubwakabiri harimwomubitoza Nkurunziza mbonayokwitoza nkaheza nkongera nkarekakumutora ubugura kabori! Ariko mugihe yohitamwo kutazokwitoza navyonyene ntabwirizwashingiro azoba yishe. Nokwitoza ntabwirizwashingiro azobayishe. Nimwashakakubimenya murazosaba babasomere mugitabocibwirizwashingiro muzocamunyurwa ntimuhave mukomeza kwiyamiriza ivyomutazi nkababanyibacu baheritse kwiyamiriza ivyobatigezebabona, kukovyonivyobikomeje jwereka abavunguko tugaragara mumitwe kandituvuga indimizacukavukire nindizaboneza.

  • Hahahaha!! Basha erega aho bisigura ko igihugu kiba gikenye gose kuburyo banka kubandanya bakenyee!!

  • Soninde we, Jewe sindi guhuza nawe. Nimba ivyo uvuga ari ukuri, canke uwundi Murundi weseyari akuze muri2005, ninde yonyibutsa ijambo Musenyeri wa Anglican yavugiye mu Kigobe S.E Nkurunziza agira arahire? Nimba ntibeshe abanya madini bose (Islam, Catholic, Protestant) bari bamaze kumusengera. Nihagire uwubwira iryo jambo. Jewe ryangumye kumutima kuburyo n’ubu uwompuza na President norimwibutsa. Canke ababishoboye muzongere mubaze uriya Musenyeri kuko ndazi ko akiriho. Murakoze.

  • Nkunduburundiwe, ushatse kuvigako twokwubahiriza ivyovuavuzwe nabobantu tukareka kwubahiriza ibwirizwashingiro ryigihugucacu?

  • FPR-DMI: DMI YAFATIYE INGAMBA ZIKAZE ABASIRIKARI BAKURU YITA KO BAKORANA N’UMWANZI.

    6 novembre 2014

    Umutekano

    Amakuru dukesha umwe mu ba DMI utifuje ko amazina ye atangazwa kubera impamvu z’umutakano we ariko kandi akaba atabasha kwihanganira imigambi mibisha iri gucurirwa bagenzi be yo kubavutsa ubuzima, aratumenyesha ko kuva tariki ya 27 Ukwakira 2014 kugeza tariki ya 1 Ugushyingo 2014 mu kigo cya gisirikari cya Kanombe haberaga inama idasazwe ihuje aba DMI bizewe cyane. Iyo nama ikaba yari iyobowe na Dan Munyuza ubwe.

    Dan Munyuza, icyamamare mu kuroga no gushimuta
    Dan Munyuza, icyamamare mu kuroga no gushimuta

    Nkuko amakuru agera ku Ikaze Iwacu akomeza abitumenyesha muri iyi nama hizwe ku ngingo eshatu z’ingenzi arizo:
    •ikibazo cy’imirambo yaroshywe mu Kagera ikaza no kugera mu kiyaga cya Rweru
    •uburyo bushya bwo kwikiza abanzi ba leta
    •ingamba shya zo guhangana n’abasirikare bakuru bakomeje gufatanya n’umwanzi.

    - Ku kibazo cy’imirambo yabonetse mu kiyaga cya Rweru, Dan Munyuza yamenyesheje abari bitabiriye inama ko habayeho ikosa rikomeye ku bari bashinzwe kariya kazi bigatuma bitamaza igihugu, yanababwiye ko aho bitangiye gusakuza hageragejwe n’ubundi buryo bwo kuyitwerera abarundi ndetse no kuyigarura ariko byose ntibyashoka. Dan Munyuza yanababwiye ko n’abantu bari boherejwe i Burundi ngo barebe ko bakora icyatuma iriya mirambo yashijwa abarundi ko nabyo bitashobotse kuko intasi zari zagiyeyo zimwe zafashwe zimwe zikaba zikinafungiyeyo abandi bakaba baragarutse ubwo ibyo bari bagiye gukorayo byari kudufasha kwerekana ko iriya mirambo ari iy’abarundi nabyo biba kiranze !

    Yanababwiye ko ngo muri iriya mirambo harimo ibipinga by’abasivile 16 abandi bakaba ari abasirikare bafatanyaga n’ibigarasha ndetse n’abandi twari twaragaruye mu gihugu tubavanye Uganda ariko nabo bari bafitanye ubufatanye n’umwanzi. Muri iyi nama kandi aba ba DMI bahawe ubutumwa bwo gukora ibishoboka byose ngo barebe uko babungabunga ibijyanye n’impungenge bamwe mu basirikare bafite kubera ibura rya bamwe muri bagenzi babo bazira gufatanya n’umwanzi. Aha ngo aba ba DMI bagomba kujya bumvisha bagenzi babo ko badakwiye guhangayikishwa n’abazira gufatanya n’umwanzi w’igihugu.

    - Ingingo ya kabiri yaganiweho ni ijyanye n’uburyo bushyashya bugomba gukoreshwa mu kwikiza abanzi b’ubutegetsi bw’uRwanda: Aha ngo aba ba DMI bari bitabiriye iyi nama, Dan Munyuza akaba yarababwiye ko kubera ibyabaye muri Rweru gahunda yo kwikiza ibipinga hakoreshejwe inzira nk’iriya bigomba kwitonderwa cyane kuburyo hatazongera kuba amakosa nk’ayabaye. Yababwiye ko hashobora no kwitabazwa inzira yo gukoresha uburyo busa n’ubwa accident, aha yabahaye nk’urugero ati mushobora gutera umuntu mu rugo nijoro mumeze nk’abajura «mukamurangiza».

    Hanyuma mugatwara bimwe mu bikoresho byo munzu cg amafaranga mwarangiza tugakora anketi tukabafata mwagera mu rukiko mukabyemera ko mwari muje kwiba ariko mugahitamo no kwica nyirurugo hanyuma urukiko rukabakatira igihano byarangira tukajya kubafungira kure yaho mwakoreye akazi tugahita tubarekura mukikomereza akazi cyangwa aho bibaye ngombwa tukabohereza hanze y’igihugu mu butumwa bw’amahoro ! Ibi ngo byafasha cyane kwirinda ingaruka nyinshi z’abavuza induru ngo mu Rwanda abantu bashize !

    - Ingingo ya nyuma ngo aba ba DMI bizeho ngo ni ikibazo gikomeye cy’abasirikare bakuru bari gukorana n’umwanzi kandi bikaba bisigaye ari ikibazo kubajyana mu nkiko kuko nabyo bisigaye birebeka nabi hagati mu gihugu ndetse n’abazungu bakaba babiheraho batuzanaho ibigambo:

    Kuri iyi ngingo Dan Munyuza ngo yababwiye ko we abona uburyo bwiza bwo kwikiza izi nshuti z’ibigarasha ari ukubarasa hakoreshejwe bamwe mu babarinda (bodyguard). Munyuza yagize ati: « aha twajya dukora uko dushoboye uwo twamenye tukavugana n’umwe mu bamurinda akamurangiza hanyuma tukavuga ko yazize amakimbirane yari afitanye n’umurinda hanyuma uyu umurinda nyine tugasa n’abamuhana hakoreshejwe urukiko ariko nawe nyine byarangira tugakora bwa buryo bwo kumushakira uko yajya ahandi bityo tukaba twirinze kwishyira hanze no kwiteza abanyamakuru na rubanda ngo baje kumva urubanza rw ‘umusirikare mukuru watawe muri yombi kubera gushaka gukuraho leta iriho »!

    Nguko uko bimeze kandi abwirwa benshi akumvwa beneyo ! Murabona ko abagamije kumena amaraso y’abanyarwanda b’inzirakarengane batagisinzira biga uko bahindura umuvuno wo gukora mu nda umuryango nyarwanda. Gusa ntitwabura gushimira bamwe mu ba DMI bakomeje kudashimishwa n’iyi migambi mibisha bakadusunikira aya makuru kandi turahamya ko nubwo bitahagarika ubu bubisha bw’izi nkozi z’ibibi ariko turahamya ko hari benshi bashobora kurokoka nyuma yo kumenya iyi migambi mibisha tuba dushyize ku karubanda !

    Turasaba ariko buri munyarwanda gukora uko ashoboye kose ngo ubu bugome bw’izi nyangabirama buhagarare mu maguru mashya kandi ababikora bazakubitwe intahe mu gahanga nkuko abarundi bajya babivuga.

  • none uwobaza abarundi ati nikangahe umukuru wigihugu cuburundi amaze kurahira bokwishura ngwiki

  • Imana ikingir ibihungu vyayo.nn burya baribuka uko bavuts!Ndabibuts mukuvuka mwavuts ataco mufis nugupfa muzopfuko.ahowopfa ugakwirikizwa umuvumo,wopfa baguhaya.Denise umupfasoni wa nkuruziza yaravuz neza ngo subiza!!! Nn namw bakurubibihungu subiza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.