IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Afrika y’ubuseruko igiye gukomeza umutekano ku bibuga vy’indege

Afrika y’ubuseruko igiye gukomeza umutekano ku bibuga vy’indege

jeudi 6 Ruheshi 2013

Inama igira mirongo itatu na kane y’ibihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’ubuseruko iriko irabera mu gisagara ca Bujumbura.
Iyo nama rero imaze imisi ibiri ikazorangira ejo igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013 ikaba yatanguye igenekerezo rya 04 Ruheshi 2013.

Igihugu c’uburundi nico catunganije iyo nama uyu mwaka kuko arico cari kiramukiwe, ikaba yari yitabwe n’abategetsi bamwe bamwe baturuka mu bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko vyose uko ari bitanu.

Intumbero y’iyo nama ni ukurabira hamwe uko boteza imbere bakongera bakorohereza ibijanye n’ukwunguruza abantu n’ibintu biciye mu kirere. Ni ukuvuga kurabira hamwe ingene boteza imbere ibibuga vy’indege mu karere ka Afrika y’ubuseruko.Nk’akarorero umutekano ukwiye ku bibuga vy’indege, n’ukworohereza ingenzi.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi w’ikibuga c’indege ca Bujumbura Albert Maniratunga yamenyesheje ko bagiye kuja hamwe kugira barabire hamwe ko ibipfundikwa mu ma nama nk’ayo bavyubahiriza. Yongeye kandi aravuga ko hagiye kwubakwa inyubakwa nshasha, gushira ku bibuga vy’indege inzego z’igipolisi zikwiye mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibizoba vyapfunditswe muri iyo nama.

Iyo nama rero ikaba iriko irabandanya, ikazorangira ku munsi w’ejo igenekerezo ry’indwi Ruheshi 2013.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.