IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akandi gashimwe ku bikorwa arangurira bantahonikora

Akandi gashimwe ku bikorwa arangurira bantahonikora

lundi 16 Kigarama 2013

Umupfasoni w’umukuru w’igihugu c’Uburundi Denise Nkurunziza yafashe urugendo rumujana i Dubai mu nama y’ibihugu bitatu y’abakenyezi b’abakuru b’ibihugu, hamwe n’abandi bakenyezi b’abanyacubahiro bo muri Afrika no mu bihugu vy’abarabu hamwe n’Aziya.

Muri iyo nama bikaba bitegekanijwe ko baza gutanga agashimwe bise Global Inspiration leadership ku mupfasoni Denise Nkurunziza, ku bikorwa vyinshi akora na cane afasha impfuvyi abapfakazi, hamwe n’abandi ba ntahonikora.

Mwomenya ko Uburundi bwari bwahaye agashimwe uwo mupfasoni Denise Nkurunziza mu gihe hariko hibukwa imyaka 51 iheze Uburundi bwikukiye. Ako gashimwe bakaba bakamuhaye bisunze intererano yagize mu gufasha ba ntahonikora, ku ruhara nta ngere kandi mu gufasha impfuvyi n’abapfakazi, ku twigoro agira, eka kandi no mu kwubaka amashure y’imyuga hamwe no kurongora ishengero, ivyo bikorwa vyose akaba yabicisha mu kigo ‘’ Fondation Buntu’’.

Ico kigo kikaba cavutse mu mwaka wa 2005 mu ntumbero yo gufasha impfuvyi n’abandi bantahonikora, harimwo cane cane abageze muzabukuru. Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu rero akaba amaze kuronswa ubushimwe bwinshi, bivanye n’ico gikorwa arangurira mu bantu basa n’abahebwe.


Floxella Karire

Messages

  • None ntakoresha amahera y’igihugu, ahubwo abakwiye guhabwa agashimwe suyo kandi nibaza ko abakamuha ari abagenzi biwe kubera iki ataronka nka karonka maggy, canke Jeanne Gapiya barya nibo bakwiye kuronka agashimwe kuko ivyo bakora biraboneka uwo nawe nukwiyitirira nuko akiri umugore w’umukuru wigihugu umunsi azohava ntanuzosubira kumuvuga nabe aritemberera abarundi bishwe ninzara nawe yirigwa aratembera mundege ha mugabo isi irazunguruka.wu

  • Nibo bihanira GUSA mwibaza ko ariwe akora cane kurusA abandi? Uburyo abukurahe?

  • Aba DD ABO BATSINZE DEMOCRATIEN MUMENSHI BARIHANAHANIRA EWE COBAKURA KU BARUNDI EMANA. TWIBUKE UBADUKUREKO IZO NGABO ZA FARAO

  • Ndabasavye mube mwandika amakuru nkababifitiye ubuhinga.Ndazi ko mutabubuze mugabo umenga muratinya kuvugisha ukuri. Tumenyereye abamenyesha makuru bo hanze za buraya na amerika batarya umunwa.turasavye namwe mukore nkuko.
    Iryo shirahamwe "Fondation Ubuntu" rikoresha amafaranga avuye he?kuberiki ryashinzwe mumwaka wa 2005? Ninde yamuhaye uwo mudali w’igihe uburundi bwibuka imyaka 51 bwikukiye?nibande bamuha iyo yindi midali?ni vyinshi mutavuga kuko inkuru muba mugire mutange mufise uko mushaka ko tuyumva. Mugabo twese turazi ko amafaranga yigihugu ariyo akoresha mukugurira uburengeti canke agashati abo batama n’abatamakazi baba bararimiye igihugu bagikomeye.iryo shirahamwe ryatanguye muri 2005 kubera ariho yarabaye muka peresida, niyahava ntituzosubira kuryumva ntanimidali azosubira kwakira. Ahandi, aho abategetsi batarya abanyagihugu barongoye, hari ama service abikora kandi agakoresha ubwo buryo nyene uwo muka perezida akoresha. Bavyita shelter mucongereza, aho abo basaza canke abadafise aho baryama Baja kuryama, canke soup kitchen aho Baja gufungurira kandi biva mumakori twebwe tukibasha tuba dutanga.Ntibikenewe ko aca mumufuko w’umukuru w’igihugu canke umutambukanyi wiwe (ngo ni foundation Ubuntu) kugira aje gukora ivyo bikorwa kuko sirwiwe kandi aciye mumufuko iwe ntasohoka yose uko yahinjiye (hariho ayasigarayo, ariyo aba ariko aranyonyeza).
    Niyironkere iyo midali kuko yaratetse umutwe.nawe nyene ni NYAMITWE. Mugabo bimara umwanya urume rumara.

  • Rita NAHIMANA, Jewembona uwomuvyeyi umutambukanyi wumukuru w’igihugu nuwoguhabwa ubushimwe kuko arabukwi, kuko iyabadufise mumiryango yacu nomubenegihugubose abantu bahabwa ibintubakabikoreshaneza nkukwo kuwomuvyeyi nubwobukene burimugihugu bubabutangata nkukwobumeze unomusi, umvandakubwire jewe ahubona mazeguha amafranga atubutse abantu batatu bomuburyango ngobayakoreshe arikovyarabananiye ahubwovyakweze kunyanka nsigaye nifuza kotuvugana bakankwepa.

  • Rita reka kumugirira ishari ... nawe kora baguhe agashimwe hanyuma nibaza ko atariwe mugore wenyene wumukuru wigihugu kuva uburundi bubayeho bigira abamukazi bagarama kukirimba. abahutu bakabaruhira uyo arakora kuko akora ivyo azi mureke kumurira imisaya.mbega uyo Maggy uvuga mahera ntiyari aya cartasi? womenya yari yayarimiye kwande ? bamureka amarangamutima uwukoze neza twese turakwiye gushima uwukoze nabi nawe twese tukamutera ivyatsi Imana ihezagire uburundi nabarundi

  • Congratulations 1st Lady!!!!akandi gashimwe ko mw ijuru karakurindiriye!courage!

  • Jewe ndabona ko mama Barundi abereye ubushimwe kubera arakora, ni benshi bafise ibintu ariko batiyumvira aboro. Nibamwongere ahubwo..

  • Imana ikuj’imberemuvyeyi.Ukoreutitezegushimirwan’abantu,ariko,uzoshimirwen’Imana.Ibikorw’ukorajendabishimacane,isi,iracagukeneyekubwibikorwa ukorera abantubatagirakuvakera ubahoz’amarira.Intereranodufise n,ukugusengeracane.

  • Wewe wiyita,NAHIMANA Lita,Jk,na KOMERE,hamwe nawewe wiyita TWIKEBUKE,uko muvuga nabi niko munasa nabi.

  • Ariko uwo wiyita Muyinga , urabandanya usaba kandi nivyiza imvugo yawe irabereye umusezi, ariko nuko utokwibagira ko umunsi yasubiye kumera nkuko yategerezwa kumera ntugire ngo uzoba ukironka ivyo usega !
    Ica 1 nagira mvuge kuvyo uyo mugore yibaza ngo ahabwa ubushimwe, ego nivyiza ariko ico umuntu yo kwibaza nikimwe mbega ubwo bushimwe aburonka kuko afasha abo yita bantahonikora ? kuko aba ari amashirahamwe ga amufashe mu mugongo ? canke ariko abafashisha mu mitsi yabarundi bene wabo ! Ko twumva Reta iguma ituratuza abakenyezi bariko barondera uduharage tw’abana babo igi polisi kigaca kiza kigatwara utuntu twabo , umuntu yoca yibaza ko iyo babatwaye ibintu baca babimushira kugira ngo afashe abiwe kuko nabo barabikeneye! Ica 2 Nico vyemeza ko arivyo nuko atanarimwe arahaguruka ngo avugire abo bakenyezi bariko baraburabuzwa ! Nayo ubwo bushimwe bwo murufuri butazwi n’abahinga bo kw’isi ntaco buvuze ! Inyishu yabwo azoyimenyeshwa n’ibinyakuzimu, mu gihe adaterwa ikigongwe n’abakenyezi azi neza ingene umukenyezi ariwe yitanga ngo ibibondo bibeho, ivyo ngira ngo aravyibuka igihe umugabo wiwe yari mw’ishamba kwiyumvira ingene yomara abo bidasangiye ubwoko bikamuta kuwamazi. Abo ba polisi nibaze barasahura abo bavyeyi bamushira , ariko amaherezo azovyerekana kubazoba baramvye. Ndamutuye akaririmbo kitwa AKAMANYU K’UMUTSIMA .
    MURAKOZE

  • abere abandi bafasoni akarorer nakore agifise akanya ntazohave avuga iyomenya kubwanje nakomereze aho

  • wewe witwa Hakiza nagire ndakumenyeshe ko nintwaro zaba Farawo zaheze kandi bemerwa nabenshi gusumba. Igihe abarundi benshi bishimye ngo intwaro zirahindutse, abahutu bagiye gutwara, inzego z’umutekano zigiye kuba izabo n’ibindi n’ibindi, haruwarazi kwaribonyene bagiye gutotezwa gusumba, mugihe ababatwara bakindira kumuvyimba, bamwe bivugira ngo ikiziga gisa n’ikindi, abandi ngo za mujeri,...muruyo mwanya nyene bakaba bariko barambikana hagati yabo imidali idasiguritse. Bunga ubucuti n’ayandi mashirahamwe atazwi kugirango bahane hagati yabo imidali. Bibaza ngo.bibaza ngo umugani wa Lion story.Aha bazi ngo ntavyo tubona, amakosa yababanye menshi angina niyo midali umenga nico bayibahera. Hanyuma barya bapfasoni birirwa baranyarwa naba Polisi, babishira Denise kugirango abihe abo bagomba bamenye ko urya ari umuvumo.Muga ndaguye ndagarutse : "UTORA NABI UGATWARWA NABI". Nayo denise we hinge umugabo akinjure tuze turabe ko azobandanya avurwa. Muka Domitien haruwo muherutse?ntagi Fondation yarafise? Ma chere 1ère Dame, gabanya ubusuma bwinyegeje inyuma y’ijambo ry’IMANA. Ha abanyagihugu ivyabo utavyiyitiriye.

  • MUGA TWEBWE HINO MUMISOZI NTACOBADUFASHA NTACO HANYUMA NIHO HAGO YE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.