Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva katahanye umumenyeshamakuru wa RPA (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva katahanye umumenyeshamakuru wa RPA (...)

Agashimwe kitiriwe Ernest Manirumva katahanye umumenyeshamakuru wa RPA Kiramvu Domitira

lundi 17 Kigarama 2012

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire no gusesagura amatungo ya reta OLUCOME ryaratanze kuri uyu wa mungu agashimwe kitiriwe uwahoze aricegera c’umukuru w’iryo shirahamwe Ernest Manirumva. Katahanye umumenyeshamakuru akundwa cane n’abanyagihugu w’iradio RPA, umupfasoni Kiramvu Domitira. Akaba yaronse umuriyoni w’amafaranga y’amarundi hamwe n’ikimenyetso gicafyemwo umwunzani, ikimenyetso c’ubutungane kuri bose.

Umurwi warujejwe gutora uwutahukana ako gashimwe uravye ukuntu yitanze rimwe na rimwe akanabizira mu rugamba rwo kurwanya igiturire no gutsimbataza intwaro ibereye warurongowe n’uwahoze arongoye igihugu c’u Burundi, Ntibantunganya Silivesiteri. Hamwe n’abandi bane bawugize basanze rero umupfasoni Kiramvu ariwe yotwara ako gashimwe kuko yaturatujwe kenshi akanapfungwa. Uretse ko ubu ari mu bamenyeshamakuru bane ba RPA bafitaniye urubanza na Evrard Giswaswa yahoze ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura kubijanye na dosiye bise “Toxic”, Domitira Kiramvu yarapfunzwe kubera be na bagenzi we bo kuri RPA berekanye neza irementanya ryari ryagiriwe Ndayizeye Domisiyano, Mariya Rufunsi Kadenge n’abandi bari bapfunganywe bagirizwa ko bagomba gutembagaza intwaro ya Cndd-Fdd mu mwaka w’2006.

Ntibantunganya Silivesiteri yaramenyesheje ko bitaboroheye cane kugira mu bamenyeshamakuru 12 baribakwije ibisabwa kugira bahiganwe batoremwo umwe. Nko mu gice ca nyuma basanze Rugurika Bob arongoye uruganda rwo kumenyesha amakuru muri RPA anganya amanota na Domitira Kiramvu. Uwo wanyuma baca bamutora kubera ariwe mugore we nyene yahiganwa, akwije ibisabwa kandi agashimwe ko mu mwaka uheze kari karonse umugabo.

Abantu bararyohewe gose kandi benshi niwe baribiteze. Ariko hariho abagumanye akarigangamuhongo bati naho agashimwe yaronse akabereye ngo uwo mugwi wari gukoresha bimwe bita “tirage au sort” kugirango ntihagire abavuga ko wakoreye kubishobisho muguhitamwo umugore.

Abandi baronse udushimwe tw’iteka ni RPA na radiyo na tereviziyo y’igihugu RTNB kubera vyakoresheje Kiramvu Domitira. Gabriel Rufyiri nawe arongoye OLUCOME abagize ishirahamwe arongoye bakaba baramuhaye agashimwe (certificat) mu kumushimirako ari we yakoze kurusha abandi muri OLUCOME muri urwo rugamba rwo kurwanya ibiturire.

Kiramvu yarashimiye uwo mugwi wamuteye iteka mugushima ibikorwa yaranguye, OLUCOME yabitunganije. Akaba yayemereye ko we n’abandi bamenyeshamakuru bazokwama hafi yayo muri urwo rugamba.

Pacifique Nininahazwe arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ubutegetsi FORSC aranezerezwa n’intambwe u Burundi bugezeko inyuma y’imyaka cumi OLUCOME ivutse. Ati imbere yayo nta mutegetsi wo hejuru yagirizwa igiturire intwaro arimwo itaratembagazwa. Yaboneyeho na karyo ko kwibutsa ko urwo rugamba rutoroheye umukuru wa OLUCOME Gabriel Rufyiri kuko amaze kurengutswa m’ubutungane incuro 29 akaba amaze no gupfungwa.

Nininahazwe akaba atibagiye gushimira na Reta y’u Burundi yemereye iryo shirahamwe gukorera k’umugaragaro kandi ari ishirahamwe mu bihugu vyinshi vya Afirika batemerera kubaho kuko ritorohereza abanyonyezi.

Mbere n’umushikiranganji w’intwaro ibereye yari yaserukiye reta yarakeje OLUCOME ku buryo bakorana akaba mbere anayifata nk’umuhanuzi wiwe. Yaciye asaba n’ayandi mashirahamwe kwama baterera ivyiyumviro reta mugabo batayirengeye akarimbi.

Inyuma y’umunota wo kwibuka umuhisi Ernest Manirumva yagandaguwe bunyamaswa igenekerezo rya 9 ndamukiza 2009, umukuru wa Olucome akaba yarashimiye abantu bose canke amashirahamwe yafashije kugirango indwi yahariwe kurwanya igiturire itunganywe neza.

Kw’ifoto: umumenyeshamakuru Domitira Kiramvu


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.