Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agathon Rwasa arabeshuza ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon Rwasa arabeshuza ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana

Agathon Rwasa arabeshuza ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana

dimanche 9 Ruhuhuma 2014

Agathon Rwasa avuga ko arongoye umugambwe FNL arabeshuza ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana avuga ko ariwe yabaye intambamyi y’ukwiyunga kw’amashami uko ari abiri, ahubwo intambamyi ku bwiwe ni abashimye gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe, nk’uko bivugwa na Agathon Rwasa.

Agathon Rwasa yamirira kure ivyashikirijwe na Jacques Bigirimana ko ariwe ari intambayi y’ukwiyunga muri FNL. Kubwiwe, intambamyi ni abashimye gukorera mu kwaha kw’uwundi mugambwe. Yagiriza Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko ahubwo ari barata baratora. Rwasa ati : "Ni barata baratora, ivyo arimwo ntavyo nzi, ariko akora nk’umucangero w’uwundi mugambwe, ni naco gituma atobandanya kuvuga ko ari jewe ndi intambamyi y’ukwiyunga kw’abanamarimwe."

Mwomenya ko ivyo bariko babishikiriza mu gihe umugambwe UPRONA waraye ushize hamwe bagakuraho ivyabatandukanya, abatari bake rero haba mu migambwe canke mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bakaba basavye ko n’iyindi migambwe yoboneraho akarorero ka UPRONA, ikiyunga igihugu kigatera imbere.


Floxella Karire

Messages

  • Vyari vyiza biyunze bakerekana ko nabonyene badaranira inda ahubwo baharanira inyungu zigihugu nayandi karababanye

  • Miburo namenyeko ataronse Rwasa azopfa akorera abandi abanyagihugu bazi Rwasa! Natwe turamurindiriye 2015?

  • Jacques na Miburo nibakomeze badadike ariko bamenyeko ibintu bitebe bitebuke umugambwe wa Fnl uzosubira mumaboko ya benewo turongowe na Nyakubahwa Agathon Rwasa .Jacques nave ibuzimu aje i buntu yemere aho abanyagihugu ibihumbi nibihumbagiza bakomeza kwemanga ko turi inyuma ya Agathon Rwasa .

    IRAKOZE FABIOLA (FN-RWASA ) LONDRES

  • Mutama wacu niwirambir,bampemazuzuye aribo ba Jeacques ntibagusamaze.buca bamaramara ahobukera 2015 obam oye!nukuri jeacques ategeye mutama Nyenicubahiro Agathon Rwasa ubundiho azobura iyanyikira ahobukera.nahanurwe yunve kuko arimukibanza kimuroka.Edouard nduwimana yaramuhenze.Rwasa Obama.

  • Uyo numucangero agato rwasa jewe ndemeranya na we kuko jewe ndi umunwanyi we kuva ndi munkambi ya lukole ubwo uwo mucangero yo dukangishi ki?ntabahende.barabashuka igihe kizogera babure aho baca ingero.

  • ahubwo abakurikira rwasa bakurikira ubwije kuko nabo bagendanye bararira

  • Burya Yakobo Bigirimana ni kavyina buhiye,yahereye uprona aja frodebu none ubu Ari muri cndd fdd yiyambitse akubi ka FNL,none ubwo azemera aruke ivyo bamutamitse?

  • Burya Yakobo Bigirimana ni kavyina buhiye,yahereye uprona aja frodebu none ubu Ari muri cndd fdd yiyambitse akubi ka FNL,none ubwo azemera aruke ivyo bamutamitse?

  • Jaque Bigirimana narindire azotangara muri 2015 mugabo akomeje kunana ,mutama Rwasa areke kwikura muri ADC ikibiri kuko ntayindi nzira yogusubira gushikira uburongozi bwa FNL

  • Rwasa ntakwiye nokuvugwa muri espace politique y’u burundi, ahubwo AKWIYE GUSHIKIRIZWA UBUTUNGANE ningoga na ningoga agasigura iyicwa ry’abanyamulenge mu gatumba. Irya Dossier ntiteze kumuvako kereka aciye imbere y’ubutungane. Bahutu mwese mushigikiye ico gikoko ciyemereyeko cishe abatutsi bo mu bwobo buva mu kingi gihugu(les innocents) nimubandanya kumuja inyuma muzoba muriko murisamburirako. ICC iracakora iperereza ryo kumuta mu mvuto namwe ngo rwasa oyeee??? muranshisha

  • jeacques twomusabako yokwegera Agathon Rwasa maze agasubiza uburongozi nyenicubahiro kuko niwe twiyunvanwo.niyunvimpanuro kuko twipfuza kubona uburundi bushasha butekanye butunganijwe neza dushobore gutaha.twese abanamarimwe turinyuma ya Agathon.(FNL) ZAMBIA.

  • We sha kamwenubusa uti Rwasa ntabakwiriye kuvugwa kurubuga gwa Politike kuko yishe abarengerenge ,Mbe Uprona yishe abahutu banganiki kuva muri 1972? aba cndd fdd bishe inzirakarengane zingahe mu Burundi bwa Nyaburunga .Aba DD bishe abana Ibuta ,Bugendana ko bagutwara ko wacecetse

  • Komera kumuheto Mutama Rwasa Imana iguhezagire. Niwe jwi ryabacinyijwe, nyishu yibibazo vyabarundi. Ijambo ryawe ryuzuye ukuri nubumenyi buva kuri Rugira vyose. Nawe uyo Yuda Escariode Jacques. Umwihorere kuko imisi yiwe yarangiye. Isi irasamye iramurindiriye. Erega uyo Jacques ntakumugereranya na Niyoyankana kuko ubwenge bwiwe ntanubwo bungana na 10%.

  • Uprona yarasize ahabona ingendo nziza yo kwiyunga ahubwo Jacques yarakwiye kuja hamwe na Mutama Rwasa,upd -zigamibanga zikajahamwe ndetse naza Frodebu zikajahamwe hama imigambwe en opposition ikaja muri ADC IKIBIRI kugirango twikureko abo ba. DD batagira ico basonera kuko biteye. Ubwoba pe.Amakungu iyo yiyumviera kuka domo nk’Uburundi igihugu kingana ukuraho ariko indyane zidahera biteye ubwoba pe Imana ibandanye kwiyerekana

  • Muburundi nuko twiyamiriza abatware binda gusan badakunda igihugu cacu ko Mina mumahoro agathon nimba arumushingantahe ashobora gusubiza abarundi kwishira bakizana tuzo mutora% geese duties ibikomere mumitima kuba twarwaniye ihimduka ryintwaro zansumirinda tuganga twahungiye imbura mumuvo turicuza ewe cndd uratumaramaje muragatemba tubima kare mutangura kutwirukana Muhammad abazi imbeho yikibira ni bombs yibuga

  • Uyu yiyita kamwe nubusa we nahore nimba abuze ivyo avuga Iprona yahereye guhonya kuva 1959 kugezubu amakungu ntaco aravuga CNDD FDD NO MURI KONGO YARAMARIYEYO A ARUNDI NA TANZANIA UBU NIYO YEMEWE ABATAVUZWE NI ABO MUBURUNDI IMAZE KWICA ABAREMHA IGIHUMBI AHO NI MURI FNL GUSA KUVA IGIYE KUBUTEGETSI. JAQUE MUBWIRE UISHIKANE AHANDI HOHO GWASA NTAHO YIGEZE YICA AHUBWO YARIVUNA

  • KO mugira ngo mwarize ni ryari umuntu yigera ahimba amazi atayivomeye? Jacques wewe yahavuye abona ko kwiyunga bagatsinda vyorutwa nuko yogumana utujumbu yahawe. Iyaba yaraziko batsinze ariho yoronka ubwisanzure nigiti canke ibintu nkabandi. Haraho uzohindukwa niyo munda nkabandi, nuko bobo bazi ubwenge bwo kwigarura naho wewe ahaaaaaaaa.

  • Rwasa ubutegetsi azobubuzwano kutaguma muri ADC ikibiri

  • Ndabaramutsa nyakubahwa mutama wacu nyene icubahiro AGATHON Rwasa abo bavuga reka bavuge abo bashigikiye jacques bareke bahenuke nawe kuko uwutaramenya ukuri nuwariwe wese agica ingero kurubu bubutegetsi canke bagifise inyungu kurabo babakoresha okobishakiye mumabi ndashimira aba uprona barerekanye igihagararo n,ubushingantahe kuko batahuye yuko kwamira mukwaha kwabandi ataho bizobashikana ,ati;UGUHA IFISE BURI MUSI ARUTWA NUWUKWEREKA INGENE IROBWA;naho jacques abona kuguma akoreshwa ko arivyo bifise akamaro nabandany mugabo azicuza kumwe Bonaventure yabonye kwagiye kwicuza yemera kubire.Twebwe twahanura Jacq kwegera Rwasa kugira yisubizeko ubugabo hama natwe tubonereho gutaha kuko nubu twemerw Rwasa nabireke kuko ivyisi numuruho gusa.( FNL UGANDA)

  • Mbe Vianney Sinovuga ko ufise ukwiyumvira guke. Mbe igihe Rwasa yagwanya ABA Komagu hari ikibiri Cari kumwe nawe? Ico kibiri nta kahise gisangiye na FNL canke Rwasa. Mbe abo bafise Ikibiri hari abanywanyi bagira ko mbona Bose bazeye inze bagendera kuri Rwasa. Niba utazi ukuri kwi Burundi urihorere. Rwasa numwami waba Hutu nukuvuga ko ariwe jwi ry’abahutu. Avec 85% niba hari abahutu bubwenge buke batomutora ntabwo bashika 5%. Nukuvuga Yuko habaye amatora atunganijwe neza Mutama Rwasa ashobora gutogwa na 80%. Mbe ubona ab DD baguma Baca kubiti suko bazi ukuri.

  • Nta yindi nzira ishika atari ukwiyunga .jaques nawe nave ibuzimu aje ibuntu ashire imbere inyungu zumugambwe nizigihuguumugambwe wacu wiyunge tugire inguvu hanyuma muri 2015 tubakubite impfupfu.

  • Icibwirwa ni cumva icerekwa nikibona jack urimubiki. Va ibuzimu uje ibuntu akaryoshe kari imbere cira ivyo birarura. Twese turi inyuma ya mzee. Fnl securite officer mozambique.

  • Icibwirwa ni cumva icerekwa nikibona jack urimubiki. Va ibuzimu uje ibuntu akaryoshe kari imbere cira ivyo birarura. Twese turi inyuma ya mzee. Fnl securite officer mozambique.

  • Icibwirwa ni cumva icerekwa nikibona jack urimubiki. Va ibuzimu uje ibuntu akaryoshe kari imbere cira ivyo birarura. Twese turi inyuma ya mzee. Fnl securite officer mozambique.

  • Jake twaramurindiriye ngo twiyunge mugabo abandanya anana. Turarushe. Twebwe abafnl dushigikiye Rwasa turizigiye intsinzi muri 2015. Nosaba abo Jake yahenze ko bogaruka mu ruhongore tugakora ibikorwa turi hamwe nka kumwe kwa kera, UBUGABO BURIHABWA.

    Ngiriruburundi

  • Twipfuza kuburundi bwobana amahora numutekano hamwe nurukundo ntangere.tukaza turiterera fyiroko nanyabusegeny mu mutekano.hamwe nabari hanz mubihugu bogira agatima kokugaruka mugihugu camavukiro Nkuko nakuz ndumv ngo uburundi nigihugu camat nubuki nibiboneze mu burundi>>> nikuomba kwakila wkatu il munga atusaidie kwakira jambo ambalo linatutatiza

  • mi mtembezi xan mpak wtu nananit mtembere au mlanda on kama mkowani kigoma waskitia wa rundi xn na wanajuwa hawatembei wanashinda ndani chajabu zaid wanatuzalawu et hatuna nyumba zamabati,mavuno tunaapata a tunaapusha hovyo2 il kwanda gukimbia inje za inch gutafu msada wavyakura mal wseme kwamba tunakimbia jaa au vit kari muno wpinzini twaomba raho paspo kuwa naraho burund tamu kam skali lakini iv tunaiona kama liwai on mgufuri alisma kwamba umoja ni ushundi kwanini siwa rund tusiwe mtu mumoja///au munataka si wa rundi ste tukimbie gutafuta uhai wkira mwanai,nch pabaki pewupe pasbaki at mumoj?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.