Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agathon Rwasa arashima ko BNUB igiye guhuza abanyepolike - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Agathon Rwasa arashima ko BNUB igiye guhuza abanyepolike

Agathon Rwasa arashima ko BNUB igiye guhuza abanyepolike

mardi 5 Ntwarante 2013

Umunyepolitike Rwasa Agathon yahunze Uburundi inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2010 yamenyesheje ko ashima iciyumviro c’ibiro vya ONU mu Burundi BNUB co gutunganya inama izohuza abanyepolitike mur’uku kwezi kwa Ntwarante.

Mw’itangazo yashize ahabona kur’uyu wa 5 Ntwarante 2013, uwo avuga ko ariwe akirongoye umugambwe FNL amenyesha ko yakiriye neza ubutumire bw’inama y’abanyepolitike bose yatunganijwe na BNUB. Iyo nama yatumiwemwo abarongoye imigambwe yose yemewe n’amategeko hamwe n’abanyepolitike bahunze Uburundi inyuma y’amatora yo mu mwaka w’i 2010. Ico bazoganira ngo ni ingene ayo matora yagenze, utunenge twibonekeje, icigwa covamwo kugira amatora yo mu mwaka w’i 2015 atunganywe neza, n’ibindi. Aho ni mugihe imigambwe irenga 10 yisokoye muri ayo matora yo mu mwaka w’i 2010 kuko ngo yaranzwemwo ubusuma agitangura kuy’amakomine. Iyo migambwe yahavuye ishinga urunani ADC-ikibiri uwu munsi rur’imigambwe icenda itavuga rumwe na Reta.

Rwasa Agathon avuga ko bazoganira batarya umunwa ibibazo vyose bihanze Uburundi mu ntwaro, ubutunzi na politike. Umugambwe w’iwe FNL niwo wari wabaye uwa kabiri mu majwi mu matora y’abajenama b’amakomine yabaye mu kwezi kwa gatanu umwaka w’i 2010.

«Ibizova mur’iyo nama ngo ni bibe nk’itegeko »

Asaba ko BNUB yob’umuhuza koko kugira ibizovamwo bizobe nk’itegeko kandi bizoshirwe mu ngiro haba ku ruhande rwe Reta canke iyindi migambwe. Amenyesha ko ata nkeka yiteze ko utunenge twose twibonekeje mu matora yo mu mwaka w’i 2010 kazoba akaryo ko kwinegura no gutunganya neza amatora yo mu mwaka w’i 2015, amatora azoba yitezwe na bose kandi yitabwe na bose.

Naho bir’uko muri iryo tangazo yashize ahabona, Rwasa Agathon asaba ko yosubizwa umugambwe wiwe FNL muri kino gihe urongowe na Emmanuel Miburo. Agathon Rwasa yagiriza ubutegetsi ko aribwo bwacanishijemwo abanywanyi b’iwe hanyuma n’umugambwe ugacikamwo amashami.

Agathon Rwasa niwe mu nya politike yahunze igihugu wenyene ataramenyesha ko yiteguriye gutahuka mu Burundi mu gihe bagenzi we 3, uwurongoye umugambwe MSD Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe CNDD Leonard Nyangoma na Pascaline Kampayano ari mu mugambwe UPD-Zigamibanga batangaje ko bagiye gutahuka.

Iyo nama yatunganijwe na BNUB izobera i Bujumbura mu nyubakwa z’ivyo biro kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika kurya 13 Ntwarante 2013.

kw’ifoto: Rwasa Agathon


Pierre Claver Niyonkuru

Messages

  • itarike muvuga ko mwayandikiyeko siyo ntituragera mukwagatanu nous sommes le 6/3/2013 mwavuze yanditswe le 3/5/2013. Ibintu rya Rwasa bitahura Rwasa nyene kuko abandi bose ntibatahura kiretse uwumeze nkawe. Azoza atazoza nibaza ko yoraba ko abarundi bakeneye kwisanzura mumahoro no mumutekano nawe akaza kabinezerererwa nibwo BUZIMA.

  • Uwuvuga iryo yishakiye kuri Rwasa ntakaje avuga nabi kuko Rwasa yabonye vyinshi mu gihugu c’uburundi kandi turasaba ko umugambwe wiwe bo wumusubiza maze igihugu kikubakwa noneho turabizi ko aba FNL nka bose novuga nk umunyamugambwe nyakuri akunda FNL aracakunda Rwasa natwe turasaba ko yotaha akubaka UBURUNDI

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.