Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agathon Rwasa yagirizwa n’abahoze ari basomambike biwe ivyaha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Agathon Rwasa yagirizwa n’abahoze ari basomambike biwe ivyaha (...)

Agathon Rwasa yagirizwa n’abahoze ari basomambike biwe ivyaha bidasanzwe

mercredi 16 Gitugutu 2013

Muri iyi minsi Agathon Rwasa acemeza ko ariwe arongoye umugambwe FNL arageramiwe n’ivyo yagirizwa na bamwe mu bahoze ari ba somambike biwe. Ivyo rero ariko aragirizwa abatari bake bakaba bemeza ko ari inzira yo kumwegezayo muri iki kiringo Uburundi buriko buregereza amatora yo mu mwaka w’2015.

Kuva Rwasa Agathon agarutse ku rubuga rwa politike, yagiye aragirizwa ibintu bikomakomeye na Yakobo Bigirimana, umunyamabanga w’umugambwe FNL usanzwe wemewe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Mu biganiro Yakobo Bigirimana rimwe rimwe ari kumwe n’umukuru wa FNL Miburo Emmanuel, bagiye baraha abamenyeshamakuru, yarasavye ko Agathon Rwasa yopfungwa icamaso kuko atakindi camuzanye atari ugutembagaza inzego z’igihugu abanje kuboha n’amapingu bamwe mu bategetsi, harimwo na Yakobo Bigirimana, asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa FNL urongowe na Miburo Emmanuel.

Ikindi Rwasa Agatho yagiriza Rwasa, kukaba ari ugushaka gusubiza urwaruka ku rugamba ivyo navyo, bikaba vyofasha muri ico gikorwa c’ugutembagaza ubutegetsi. Si ivyo gusa kuko yanagirijwe na sentare ibicishije ku muvugizi wa sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge, ko ubwicanyi bwahitanye abanyamurenge mu mwaka w’2004, ariwe yobubazwa, ndetse akaja imbere y’ubutungane.

Muri iki gihe rero, ibimubangamiye kuruta ibindi akaba arico yagirizwa ko yoba afise umugambi wo kwica Yakobo Bigirimana abicishije mu kumuha uburozi, imbere y’uko haba ikoraniro kaminuza ririko rirategurwa n’uwo mugambwe, hamwe n’amafaranga menshi yoba ariko arakoreshwa kugira haze umwe mu bavukanyi b’umwongereza yagandaguriwe mu Burundi, uyo nawe akaba yagiriza umugambwe FNL ukiri Palipehutu FNL ko ariwo wagandaguye uwabo. Ubu uyo mwongereza akaba asabwa nawe kuza mu Burundi kwagiriza Agaton Rwasa.

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike akaba abona ko ivyo biriko biragirizwa Rwasa agasakisaki hasigaye umwaka n’amezi kugira amatora abe, ari umugambi wo kumukura muri ayo mahiganwa.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Birababaje kubona uburundi womengo ntabanyepolitic bahari jewe mbona ko impamvu bamujuragiza biboneka ko boba bamutinya hama ubwobutungane bakomeza kuvuga isiypse irazi ko uburundi ntabutunhane buhari mbere yuko bacira urubanza rwasa nibabanze barucire abishe ndadaye hamwe nabishe ntaryamira ikindi mbega ko nkurunziza pierre yacirowe urwo kwicwa azomanikwa ryari ibi rero birikp bigirirwa rwasa biboneka neza naneza ko abarundi tutarahaga guhamba murakoze

  • Nibamureke niwe atahiwe gutwara Birababaje kubona uburundi womengo ntabanyepolitic bahari jewe mbona ko impamvu bamujuragiza biboneka ko boba bamutinya hama ubwobutungane bakomeza kuvuga isiypse irazi ko uburundi ntabutunhane buhari mbere yuko bacira urubanza rwasa nibabanze barucire abishe ndadaye hamwe nabishe ntaryamira ikindi mbega ko nkurunziza pierre yacirowe urwo kwicwa azomanikwa ryari ibi rero birikp bigirirwa rwasa biboneka neza naneza ko abarundi tutarahaga guhamba murakoze

  • Mumbabarire kuvyo ngira mvuge iyonitegereje mbona cndd fdd osa naho ishaka guhindura uburundi nkaho ari akazu kayo ibi rero ntahandi bishikana atari guta igihugu mumanga rwasa nibamureke kuko jewe ndazi neza ko rwasa yarambiwe intambara ariko ntibitangaje kubona nkurunziza ubutegetsi bwiwe bugira akajagari nkaka kuko no mumakambi muritanzania cndd ntandero yigeze ibaranga. Nubu kuvyo bagira ntagishasha canke igitangaza kirimwo

  • Ni hamwe abarundi umenga uwaturoze atakaravye. Rwasa ni bamureke hama Nkurunziza Pierre agomba gusubira gutwara, na we nyene bamwihoze. Aho abo bahutu baguma bacafuzanya ngo Rwasa Agathon ni we akorana na Pierre Buyoya yagirizwa ko ari we cerveau moteur de l’assassinat de S.E. Melchior Ndadaye, abarundi baraye biboneye uruhara uwo Buyoya agifise mu Burundi hitwa ko hatwara CNDD-FDD. Kumva ari Buyoya Pierre qui a impose ko Busokoza Bernard aba 1er vice-president de la Republique, bigaragaza ko igihugu cacu kikiri mu minwe y’abangushi ba Democratie. Busokoza Bernard nta kintu na kimwe bataniye ko na Sinunguruza Terence, atari uko umwe ari umusirikare uyundi un civil, bose bakorera Buyoya. Turetse CNDD-FDD ya Nkurunziza, none UPRONA ya Ntakintije Charles yakoze iki? Raba kandi Bigirimana Emmanuel ngo ni we agiye gutwara FNL..!! Uwugutuka ntagutorera, izo manza z’abanyamurenge zikwiye kuvurwa n’igihugu baturuka mwo. Aba DD bakwiye kurema kuko Agathon Rwasa ataco abatwaye. Les conditions de candidature pour le poste de president de la Republique zavuzwe mu Kayanza hama zemezwa n’abarundi kimwe n’amakungu, aratomoye hama akanerekana ko Agathon Rwasa atagishoboye guhiganwa kuba President. Tant que lle dossier Ndadaye rutaraja ahabona kugire cette CVR ishirwe ahabona, twotenyenya CNDD-FDD na UPRONA babe barimar’ubute. Bishitse ko umwe yirya akara mukumviriza benegihugu hama akavavanura no gukingira ikibaba umwansi, u Burundi buzoba bwogoroye.

  • Miburo nawew manuel rekatuvugeko muri muvyapolitic.arikonamw muraziko ivyomukora arubuhemu?None idiri nizabankira muzohungirah?

  • Rwasa niwirambire muzehe umusumwe na wewe uzakiramutwa nabo bagitunyeko ntaco batanze na ba kadaf be sadam bigira ingangari barapfuye baragisiga,piter ariwe ariko atuma abarundi benshi tuguma dushwiragira ntarye aryame.

  • Muntunge kuri ngire nvuge ndabivuganye umubabaro,kubona abokunze igihugu,bagaharanira inyungu za benegihugu bahinduye igihugu nkic’ibare cabo.Mutama Rwasa Agathon ni Bamusubize umugambwe wiwe kuko arashoboye.nyakwubahwa ni mwihangane na Yesu umwana w’Imana kugira adugemwijuru yarababajwe,ariko ubu yicaye iburyo bw’Imana aganza mwisi no m’wijuru.UBUGABO BURIHABWA!

  • Aba DD barambabaza cane!Mbega bobo ntaco bagirizwa?Nkurunziza Petero We ntaco yagirizwa?Ni kuki none biriwe baraja mw’ishamba kandi batoshobora gukosora abataye Uburundi mu kaga ?

  • Mbega aha abarundi bose ntiboza tugahagurukira rimwe tukambaza rugira vyose ngo aduhe umu président akunda abantu bose ata bwoko? Imana yonyene niyo mu juge wukuri, Turarindiriye ibitangaza buca itwereka

  • ni bareke bose binjire mu matora abashaka guhiganwa aba DD bareke guterwa ubwoba na Rwasa,ayo ma dossier bavyura ubu ko batayavyuye kera? aba DD bobo ntibishe ko bobo batabahamagara?abana b buta, musenyeri Ruhuna ugira bariyishe?reka nabo nivyahinduka bazokubitwa intahe mu gahanga nkuko bariko baratoteza babndi.

  • mukomere! aba nye politique bose nabangushi! ntanumwe akunda uburundi bose ni basumirinda! aba DD nabo ni bareke bose bipime! bareke guterwa ubwoba nabo batavuga kumwe!

  • JEWE nzi ko bagucaafuza izina ryawe none baagutinya kwiki jew ndibaza nyambaa hari ibindi batinya ahubwo nakamaaramaaza kuko baarihendaa nibemere ruce aaho rwociye kuko ivyo bishe baarishe

  • Abishe abanyamurenge Si Rwasa ayo namarementanya ahubwo babonako yobakura indya mumatama ubwo bagerageza kurondera ico cose cotuma atitoza .Nahomba mpanure CNDD isubize agitima mpembero ireke gutoteza Rwasa kandi bamuhe icubahiro ciwe kuko nimba batinyako azobatsinda mumatora nibinj8re muri FNL nakare ngo if you can’t beat them join them.

  • mbeg ko bajugumir bibazak abarund turi ibijuju turagushigikiy mutam!:

  • NUKURIBIRABAJEKUMVARWASAYAGIRIZWAIBINTUNKIVYO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.