Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Agaton Rwasa ati : “ Ahubwo buzuye ubwoba” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Agaton Rwasa ati : “ Ahubwo buzuye ubwoba”

Agaton Rwasa ati : “ Ahubwo buzuye ubwoba”

samedi 17 Myandagaro 2013

Inyuma yaho mu mugambwe wa FNL urongowe na Emmanuel Miburo bafatiye ingino yo kwirukana burundu Agaton Rwasa muri uyo mugambwe, uyo nawe akaba yagize ico ashikirije ku vyo yagirijwe bitari bike ndetse harimwo n’ugushaka gusenyura Leta nk’uko vyavuzwe na Bigirimana Jacke mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Myandagaro uyu mwaka.

Ivyo yagirijwe n’abo bahora basangiye urugamba rwa politike mu mugambwe FNL, Agaton Rwasa ararahira akarengwa ko atantumbero n’imwe, ndetse ata n ibiri mu mutwe iwe ivyo gusenyura Leta akoresheje inguvu. Ahubwo ahanura aboba bafise ico ciyumviro ku gita kure, kuko ibihe vyo gusenyura intwaro ku nguvu vyarangiye. Rwasa ahubwo avuga ko we yiyemeje kugira politike nk’uko yabitangaje ku mugaragaro, izuba riva. Ku vyo yagirijwe bitandukanye na Miburo Emmanuel co kimwe na Jacke Bigirimana asanzwe ari umunyamabanga mukuru w’umugambwe FNL, avuga ko ari irementanya bariko baramugirira kuko ku bwiwe abona ko abo bagabo buzuye ubwoba bw’amatora yo mu mwaka w’2015.

Rwasa abandanya avuga ko namba Miburo yemeza neza ko ariwe afise abanywanyi benshi muri FN, canke ariwe ashigikiwe n’abakunzi b’uyo mugambwe, kuki baguma bavuga amajambo, aya n’ariya? Mu ntumbero yo kuzibira Rwasa rero ko agira politike nawe ku mugaragaro, ngo hari urwandiko rwarungikiwe ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ubw’umutekano w’abanyagihugu, rurungikwa na FNL irongowe na Miburo Emmanuel ndetse ari nayo yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ko batoha uruhusha na rumwe Agaton Rwasa ngo atangure kuja hagati mu gihugu.

Agaton Rwasa akaba yirukanywe ku mugaragaro muri FNL irongowe na Miburo, inyuma y’indwi imwe gusa asubiye kuja ahabona inyuma y’imyaka itatu ata n’umwe azi aho ari. N’aho yirukanywe muri FNL, ahubwo umenga ni nka wa mugani uvuga ngo :" Umunego muke nk’uwubuze umugabo wa nyina" Kuko Agaton Rwasa avuga ko uyo mugambwe urongowe na Miburo atawo yigeze ajamwo, ndetse ata n’uwo yopfuye anaroyemwo. Yemeza ko ariwe arongoye FNL, eka ndetse ku munsi aja ahabona, akaba yasavye aboba baranyereranye amakoti meza kugaruka bagasaba ikigongwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.