Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Aimé Magera : Agathon Rwasa niwe akwiye gutwara Uburundi mu 2015 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Aimé Magera : Agathon Rwasa niwe akwiye gutwara Uburundi mu 2015

Aimé Magera : Agathon Rwasa niwe akwiye gutwara Uburundi mu 2015

vendredi 13 Ruheshi 2014

Rwasa Agathon arongoye umugambwe FNL utemewe na Reta yoba ariwe mugabo abushitse kugira ibintu bihinduke mu Burundi guhera mu mwaka uza hamwe yotsinda amatora. Ivyo vyashikirijwe na Aimé Magera, umuvugizi wa Rwasa, mu kiganiro yahaye umumenyeshamakuru yigenga Jérôme Bigirimana akorera mu Bubirigi.

Kubwa Aimé Magera, uravye ingene ibintu bimeze, hakenewe ihinduka ry’abatwara Uburundi n’ingene butwarwa. Magera akabona ko Rwasa ariwe yobogora Uburundi. Uwo mumenyeshamakuru yamubajije namba umugambwe FNL na Rwasa barahindutse, ku buryo bokwiyumvamwo n’abantu bose igihe yoba iri ku butegetsi, cane cane ko hoba hakiriho abakibona FNL nka Palipehutu ya kera yanka abatutsi.
Magera yamwishuye ko ibihe vyahindutse, kandi na Palipehutu itarwanya abatutsi mu gihe cayo, ahubwo yanka uburyo Uburundi bwari butwawe, co kimwe no kuva mu mwaka w’2005. Magera ati : "Noneho, ubu Rwasa ni umunyepolitike abushitse, ntakirwana."

JPEG - 16 ko
Aimé Magera, umuvugizi w’umugambwe FNL, ishami rya Rwasa Agathon

Magera yongeye avuga ko umugambwe FNL wemera amasezerano y’i Arusha kandi ko kuva bavuye mw’ishamba, abahora barwana basubijwe mu buzima busanzwe, abandi baja mu nzego z’umutekano. Ku bwiwe rero, nta ngorane z’umubano bafitaniye n’abantu canke ubwoko kanaka. Magera yemeza ko FNL itagikorera ku vyiyumviro vy’amako, ahubwo akavuga ko uwo mugambwe ufise imigambi irashe yo guteza imbere abarundi n’Uburundi.

Ku kibazo kijanye n’ibimaze imisi bivugwa vyo gusubiza hamwe na Jacques Bigirimana arongoye irindi baba rya FNL ryemewe na Reta, Magera yavuze ko bitoroshe kuko uwo Jacques Bigirimana yegereye cane umugambwe CNDD FDD. Uko biri kwose, Magera aremeza ko batahevye kuvugana n’abo kwa Jacques Bigirimana.

Ku kibazo c’ukumenya namba iryo hinduka umugambwe FNL wa Rwasa Agathon ukeneye rizoshoboka batari kumwe na ADC Ikibiri, Magera yishuye ati : Ntimwadutahuye neza. FNL ntiyigeze yikura ku runani ADC-Ikibiri, kandi ntabwo irota ibikora. Turacakorana neza amanama kandi tuvugana kenshi. Ahubwo FNL ya Rwasa yipfuza ko urunani ADC Ikibiri rukomera, rwaguka, noneho rukajamwo n’iyindi migambwi nka Uprona , Frodebu nyakuri n’iyindi.


IGIHE

Messages

  • NONE ABAHUTU NTIBOTORA RWASA KO TUZI KO UHANA UMUROZI AMUBITSA UMWANA!!!!NONE GA YEMWE UWO WE SI UMUHUTU KO IYO BIVUZWE HARI ABITWAZA AMOKO!!!TURURA BAHUTU MUDUHE AMAHORO..!!!!

  • Nimba yarahindutse ni vyiza, tuzomutora yigeragereze nawe. Mbona n’abandi twarabizeye bavuye mw ishamba, twibaza ngo bozozana akarusho, none raba aho tugeze.

  • NONE RWASA AVUYE MWISHAMBA????????? NTAMAZE HAFI IMYAKA INDWI ARAHA MUGIHUGU?????? NONE YAMAZIKI!!!!??????? ABANYAGIHUGU NTIMUDUFATE NABI, KUKO UKURI TURAKUBARUSHA NAHO MWAMA MWITWAZA AMASHURE. NGOMVYE KUVUGA KO YARI MUGIHUGU IYO MYAKA YOSE, ATEREKANYE ICOYAMARIYE ABANYAGIHUGU CANKE WE ICO YIMARIYE NACIRE BIRARURA!!!!!!!!! IVYA RWASA AHO VYAGIYE GUFIRA, NUKO YATOYE UMUVUGIZI WIWE WO MURI KOMINE KANYOSHA, ZONE KIYENZI UMUSOZI GISOVU, UYO NAWE AKABA ATAZIKUVUGA NUKWISIGURA NGIRA MWARAMWUMVISE KENSHI YATUMIWE MURI KABIZI!!!! IHORA IHERA NTWASHISHWE!!!!! KUTAMENYA KUVUGA RERO ABITERWA NUKO, YA KUJIJWE NAMASEZA, IMIKEMBE NUBUROBE HAHAHAHAHAHA. RWASA TURAMUKEJE KWAZO KWITOZA. ARIKO REKA TURINDIRE KUKO AMATORA ASHOBORA KUGERA, AKANYESHAMBA KAGACA KAMUVYUKA AGACA ATEMAGUZA YIHA IMYONGA ATAKIMWIRUKANYE.!!!!! REKA TURINDIRE IGIHE KIZOBITWEREKA!!!!!!

  • IKIKIBAZO NDAKIBAJIJE BAKAME LEONCE. MUTAMA WAMA UVUGAKO RWASA MUNYA AYASA MURI ADC-IKIBIRI, NONE KOTWUMVISE KWARIWE ASHOBOYE GUHINDURA IBINTU, NIWE AZOSERUKIRA ADC-IKIBIRI????????? HIHIHIHIHIHIII TUZONEZERWA NIMWAMUTANGA, KUGIRA IVYO BIHANGANGE VYINGOZI VYIPIME KANDI NGOZI IZOCA IBA DUBAYI HAHAHAHAHAHAHAAAA AMATORA AZOGENDA NEZA CANE KANDI AZOBA ADRYOSHE. NFISE INYOTA YO KUYABONA

  • liste yabazitoza kuba umukuru wigihugu: PETERO NKURUNZIZA, CNDD-FDD : AGATHON RWASA, ADC-IKIBIRI : NDITIJE SHARIRE, UPRONA NIHAGIRE UWUNFASHA GUSHIRAKO AMANOTA BAZORONKA BAYAHAWE NABANYAGIHUGU!!!!!!!!!!

  • ahubwo nsanze ème magera arikijuju kibaho mwisi!!!!!heeeeeeeeeeubwenge bwawe bungana nayo mazuru yawe!!

  • Nimureke inkoko iraramwishambarimwe igacika ikware magera wewe ivyonivyiyumvirovyawe mbe uguha ikibazo wocishu kuberiki kuva 1965 hataraboneka intwari? Gwasa nigikitwemeza kwatotwihiduka cdd fdd abagwanyenibobarikobararya? Mbe wobuzi incabwenge amazekwica polique sisukari nawerindi uratohoza amatekayiwe

  • Komera Aimee Magera,Rwasa ni cash 2015 aragitwara akibogore,Rwasa komera abarundi isinzi turi inyuma yawe

  • Jewe ikimbabaje nuko rwasa yemeye kwitwa umuvumvyi wa politike!!!!!! riryazina yemeye kwitwa ngo ( acteur politique ) nico risobanura!!!!!!! None ntiyoshinga umugambwe rwiwe, akareka kwita umukungu!!!!!!!!

  • Hahahah inde Rwasa!! Ni mureke kuba mutwenza abanyagihugu ntimuzonabivuge ngo babumve

  • Naje mw’ihiganwa asubire gukubitwa impaga abandi ko birutse ni ibara!!

  • Inyungu zikomeye zambere kuri FNL ntakuzironderera ahandi Atari kwiyunga kwaba FNL bokuruhande rwa Yakobo nabokwa Rwasa, abobantu amatora ageze bariyunze maze bakirinda kuja muri ADC mumatora bashobora kuzoronka 33% CNDD FDD izocironka 60% iyindimigambwe izocironka 7% Hagezamatora aba FNL batariyunga, CNDD FDD izocironka 79% urumva abandi bazocabagabana ayo 21% kubera hariho aba FNL bazocabatora CNDD FDD mugihe FNL izoba itiyunze. Aime Magera nimwafata minenerwe ivyokwiyunga wewe na Rwasa ayomegwe yokwifuza gutwara yoyo mwoshaka mukareka kwiha amenyo yabasetsi, ariko mukomeze kwitaho igihugu kuko hariho ivyomwokora bikatugirira ikimazi twebwe abarundu twese.

  • ariko abarundi turi ibijuju pe!!!nibamurerek atwar kuk gutwara uburundi ntakigoy kirimwo ninko kuyobora impen zitazi iyo zija.

  • Ivyo muvuga ngu mutama Aimé Magera ngo ntazi kuvuga mbe! Murusha wewe mutama Agathon Rwasa, yamwize akamuha iyo position d’être son porte parole. Komera Mr. Aimé kuba umuvugizi wa mutama, ibisigaye reka uyo mutama wa barundi Agathon tumurundeko amajwi éléction 2015. Mutama Rwasa turikumwe 2015.

  • Rwasa ntagihugu c’Uburundi ariko aratwara kubera ntabwo yotwara neza Uburundi nikimenya menya nukwo numuhari wamunaniye gutwara yavuga ngo ariko agwanira abahutu ariko incabwenge zabahutu yiciye mwishamba zizomuhumira kubera amaraso yazo niyo yagumye amuhumira nta chance nimwe izigera imurwako yugutwara uburundi,bishitse naho abanyagihugu bakihenda bakamutora nimba haruwobazi ingene ubutegetsi bwa Idiamini DADA bwagenze wewe nitegereje ukwo yatwaye umuhari yogwiza na2 ntidukeneye rero natware atamena bena Magera wiwe.

  • Rwasa ntagihugu c’Uburundi ariko aratwara kubera ntabwo yotwara neza Uburundi nikimenya menya nukwo numuhari wamunaniye gutwara yavuga ngo ariko agwanira abahutu ariko incabwenge zabahutu yiciye mwishamba zizomuhumira kubera amaraso yazo niyo yagumye amuhumira nta chance nimwe izigera imurwako yugutwara uburundi,bishitse naho abanyagihugu bakihenda bakamutora nimba haruwobazi ingene ubutegetsi bwa Idiamini DADA bwagenze wewe nitegereje ukwo yatwaye umuhari yogwiza na2 ntidukeneye rero natware atamena bena Magera wiwe.

  • Rwasa ntagihugu c’Uburundi ariko aratwara kubera ntabwo yotwara neza Uburundi nikimenya menya nukwo numuhari wamunaniye gutwara yavuga ngo ariko agwanira abahutu ariko incabwenge zabahutu yiciye mwishamba zizomuhumira kubera amaraso yazo niyo yagumye amuhumira nta chance nimwe izigera imurwako yugutwara uburundi,bishitse naho abanyagihugu bakihenda bakamutora nimba haruwobazi ingene ubutegetsi bwa Idiamini DADA bwagenze wewe nitegereje ukwo yatwaye umuhari yogwiza na2 ntidukeneye rero natware atamena bena Magera wiwe.

  • Mbega uwutabona ko Rwasa ariwe akwiye kubogora Igihugu nkuburundi yatembariye mumanga ninde??atari ikijuju nkuyo yiyita Bosco ariko ahagarara umuntu nka Aime Magarea mugahanga amwita ikijuju;;ehe rero basha tuje twiga kuvuga turaba aho turi naho twimirije gushika

  • Bosco ndabisubiyemwo urakwiye gusubira kwiga ikirundi kuko uvuga nkuwo barembekeye politic tuyihebere beneyo rwasa buyoya bunyoni leonce nabandi kwitoza ndakabega ahubwo tubasabe amahoro nakabaramye

  • Bosco ndabisubiyemwo urakwiye gusubira kwiga ikirundi kuko uvuga nkuwo barembekeye politic tuyihebere beneyo rwasa buyoya bunyoni leonce nabandi kwitoza ndakabega ahubwo tubasabe amahoro nakabaramye

  • Ibigugu, bibaho nkamwe mwandika rwasa ntiyotwara .ndababwiza ukuri yorusha nkurunziza wanya??icozi ntamuntu yokwica ?kuko mugira ?ntiyokwiba nkuko mugira? Ngoyishe abatutsi ? reka reka tutazi ukuri mumwankira iki kubera yababuza kwica uminyagihugu wumututsi mukanka ? Ati tugwana nabasoda muranka ’ nyagoma mwapfuye iki? Iconyene. DD reka kugira umwuga kwica ????ahandi ho isi irababona

  • Mwebwe ndababwira ariko bikabagora gutahura rwasa numutegetsinkabandi kuko abarundi bishwe guhera kera kuvana 1961 gushika ubu bigipfa mbega bishwe narwasa nimumurekeyitoze kandi harigihe wewe atokora nkivyabandi ubworera Iijwi ryanje ndarimuhaye nakabaramye

  • Wanguha wewe uziko woba uzi kuvuga kumurusha ,wewe wakuriye ku bijumbu n,amateke abo banyaruguru wibazako baza kurondera iki atari isrza n,uburobe hsma bakakandamiza abasanga including you

  • korana,mwese muri abahutu basa,tabagurana nta mahembe muvuna,inda zanyu umenga zituzura muzohindukira muzimenagurane

  • ubwambere,mbanze mpanure,uwo ariwe,wese yubahuka,agatyoza umuntu,afatiye kukarere avukamwo,ndamubwire ngo,geza ngaho,Umurundi wese n’umurundi,aho avuka hose uko avuga kose ,nayo abagiririza,Mutama Rwasa kwicana nibahige,ibindi kuko siwe yabaye Se kibi wubwicanyi bwabaye Muburundi kuva kuri Rwagasore kugeza nabugingo nubu,,,,iryavuze wa Muririmvyi,rero:ntanumwe atarica.nihamwe akarimi kavuga inangore kagororoka.nayo gutwara no kubogora,Uburundi,n’ivya Rwasa,bitebe bitebuke,abarundi,twiteguye kwiteriteka,mukumuhunda,amajwi.

  • Ariko ga bosco uratangaje! Muga ntagitangaza kirimwo mwavuye inyuma y’inka; wahoze uri "umwungere" pe! Biragusa. Uwo nawe ngo Rwasa yishe incambwenge za bahutu! Abanka ko haba sentare izocira imanza abakoze amabi muntambara ni bande? Birya biziga vyatorwa muri ruvubu,rusizi nahandi nahandi vyari ivyabatutsi? Umugambi safisha wazanywe na Rwasa? Mugabo ndabatahura simwe n’inzara n’ubukene bubatuma mutukana kuko iyo mutoye udukorotse musi yameza y’ubu butegetsi muca mugira ati abatware naba! Ngo yakure ku bijumbu n’amateke? Kazima yabitonora usanga wewe wabirya bidatonoye!! Rwasa adatowe Uburundi buzokwamaho kandi bufise abarongozi baba babi canke Ariko ga bosco uratangaje! Muga ntagitangaza kirimwo mwavuye inyuma y’inka; wahoze uri "umwungere" pe! Biragusa. Uwo nawe ngo Rwasa yishe incambwenge za bahutu! Abanka ko haba sentare izocira imanza abakoze amabi muntambara ni bande? Birya biziga vyatorwa muri ruvubu,rusizi nahandi nahandi vyari ivyabatutsi? Umugambi safisha wazanywe na Rwasa? Mugabo ndabatahura simwe n’inzara n’ubukene bubatuma mutukana kuko iyo mutoye udukorotse musi yameza y’ubu butegetsi muca mugira ati abatware naba! Ngo yakure ku bijumbu n’amateke? Kazima yabitonora usanga wewe wabirya bidatonoye!! Rwasa adatowe Uburundi buzokwamaho kandi bufise abarongozi baba babi canke Ariko ga bosco uratangaje! Muga ntagitangaza kirimwo mwavuye inyuma y’inka; wahoze uri "umwungere" pe! Biragusa. Uwo nawe ngo Rwasa yishe incambwenge za bahutu! Abanka ko haba sentare izocira imanza abakoze amabi muntambara ni bande? Birya biziga vyatorwa muri ruvubu,rusizi nahandi nahandi vyari ivyabatutsi? Umugambi safisha wazanywe na Rwasa? Mugabo ndabatahura simwe n’inzara n’ubukene bubatuma mutukana kuko iyo mutoye udukorotse musi yameza y’ubu butegetsi muca mugira ati abatware naba! Ngo yakure ku bijumbu n’amateke? Kazima yabitonora usanga wewe wabirya bidatonoye!! Rwasa adatowe Uburundi buzokwamaho kandi bufise abarongozi baba babi canke Ariko ga bosco uratangaje! Muga ntagitangaza kirimwo mwavuye inyuma y’inka; wahoze uri "umwungere" pe! Biragusa. Uwo nawe ngo Rwasa yishe incambwenge za bahutu! Abanka ko haba sentare izocira imanza abakoze amabi muntambara ni bande? Birya biziga vyatorwa muri ruvubu,rusizi nahandi nahandi vyari ivyabatutsi? Umugambi safisha wazanywe na Rwasa? Mugabo ndabatahura simwe n’inzara n’ubukene bubatuma mutukana kuko iyo mutoye udukorotse musi yameza y’ubu butegetsi muca mugira ati abatware naba! Ngo yakure ku bijumbu n’amateke? Kazima yabitonora usanga wewe wabirya bidatonoye!! Rwasa adatowe Uburundi buzokwamaho kandi bufise abarongozi baba babi canke beza!!

  • Nagira mbwir’abakunzi ba Rwatagaso nti mbega muzotwara bande ?amajwi ntahinduka, kuko ubuho muzoyacamwo deux prt na Yakobo B. Ahubwo Magera ntavuge ngo2015 ngo Rwata niyo yotwara nave mmuri Belgique arahe maze ab’ariw’atwara aeagatwar’imbeba mum.....?

  • mbega mwarabonyeko igihugu cubundi ko cabauze abagitwara?Umuntu abona rukamvye akereka ibirenge ijuru!Ntubonako ahengera ivyigihugu bishushe agasiga adutereye igihugu tukakinyagwa nabansi?Nateshwe ate,kandi imbere yokuyobora igihugu nabanze atunganye ibiri murugo iwe hamwe numugambwe atwara hama yitoze,ivyo umugambwe vyaramunaniye ashobora ivyo igihugu cose?Nakamuna.

  • IGIHE KURAKO UWOMUNTU!!!!!! NTAYANDI MAKURU MUFISE MWOTUBWIRA????????? NGIRA YABAHAYE MENSHI BEMURAMWAMAMAZA TURABE KO INDURU ZOBA NKE.

  • NDABONA ABARUNDI TURAZI KUVUGA KANDI KUMVA BIRACATUGORA MBEGA KUGUMA KUBUTEGETSI VYOVYO BIHINDURA IKI?NTAMIGAMBI UBIGIFISE KUKO NDABIRAVYE IGIHUGU NKUBURUNDI NTAKINTU COBA KIKAMENYEKANA HOSE NKAKARORERO ICOKIBAZO CABAYE NKINDIRIMBO CIMBONERAKURE IVYO VYEREKANA KO POLITIC NIMIGAMBI VYASUBIYE INYUMA KUKO AHARI READER CHAP NZIZA NUBWO IGIHUGU COGURISHWA NTANUMWE YOBIMENYA RERO REKA RWASA ATWARE TURABE KONAWE YICA KUKO ABANDI BABIKOZE ARIKO UBUJAGUSHA BURATAGATA IBIBAZO AGIZE IMISI YISHURA HAMA KUMAKURI CANKE KUMARADIO BIREREKANAKO ASIGAYE ARITWARI KANDI YAMENYE NEZA AGTEKA KAZINAMUNTU NDASABA ABARUNDI TUMUHAMAJWI TURABE UKUNTU UBURUNDI BUSA NIBINDI BIHUGU BIBANYE MURAKOZE

  • bantu mwese muri mugihugu cuburundi twikurko abasuma hamw mutotora rwasa Agathon ntaho muriko muraja umutama rwasa. Agathon aragitwA ntankeka

  • Ntanguye kuramutsa abarundi bose b’umutima nongera ndabasaba ko twokwama dusenga Imana rugira vyose kugarukira Uburundi no kugwiriza imigisha abantu bose bariko bakora ivyo vyose bishoboka kugira Uburundi n’abarundi bose bave mu buja bariko barashiramwo na bansumirinda.2015 iri k’umuryango kugira dusezerere aba CNDD isubire iyo yavuye nk’uko Umutama wacu Rwasa Agatho yabidusavye.
    Noel Bakevya

  • mbe mwibaza ko AIME MAGERA abeshe muramuhinyuza?nukuri ntawundi akwiriye igihugu c’Uburundi akirongore muri démocratie nkezabuntu Imana imushoboze kugishikako

  • igihugu cuburundi camenje basigaye bafise umbwenge nkubwinko gwasa aratwara igihugu ntimushidikany nivyo muzoraba

  • none bavugako gwasa atazitoza vyoba arivyo mugabo twogandara basi aba fnr bamatongo bose ndabaramukije

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.