IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > AJAP risaba urwaruka kwirinda abaruhamagarira imigumuko

AJAP risaba urwaruka kwirinda abaruhamagarira imigumuko

vendredi 6 Kigarama 2013

Urwaruka rurakwiye gukurikira ababahamagarira ibikorwa vy’iterambere bime amatwi abo bose babahamagarira kuja mu mabarabara nk’ukwo bivugwa na Eric Nsengimana arongoye ishirahamwe AJAP(association pour une jeunesse africaine progressiste)

Ishirahamwe AJAP ryahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kugira ico bashikirije ku vyerekeye ibiherutse gushikirizwa n’imigambwe iri mu runani rutavuga rumwe na Reta ADC Ikibiri. Ku bijanye n’iyo myiyerekano yateguwe ku munsi wa mbere igenekerezo rya 9 kigarama n’urunani ADC ikibiri, muri iryo shirahamwe bahamagariye urwaruka rwose kutayitaba.

Ku bw’umukuru w’iryo shirahamwe Eric Nsengimana, urwaruka nirwo rwama ruhagwa mu gihe c’imyiyerekano nk’iyo. Ni naco gituma yahamagariye urwaruka rwose kwirinda ivyo vyose bibasamaza, kuko ivyo bishobora kubagirira ingaruka mbi. Eric Nsengimana yamenyesheje ko urwaruka rwari rukwiye gukurikira akarorero k’abaruhamagarira mu bikorwa vy’iterambere ry’igihugu, aho kuja mu myiyerekano.

Abandanya amenyesha ko urwaruka ruhura n’ingorane nyinshi mu buzima na cane cane ubushomeri, ivyo rero bigatuma baguma baja mu bukene butagira izina. Yahamagariye kandi urwaruka rwose yaba abo muri ADC ikibiri canke n’abasanzwe bari mu migambwe yindi, bahakane ubutumire bwose bubasaba kuja mu mabarabara.

Ku banyeporitike naho, uwo mukuru w’iryo shirahamwe yasavye ko ibibazo bafise bobitura inzego z’ibijejwe bakareka kwihereza amabarabara.


Floxella Karire

Messages

  • Yewe jewe mbona impanuromuzitanze ntihazogire uwuvugangoyabuze uwumukebura uwuzorenga izompanuro zagatanzwe ntazozovugengo yabuze uwumukebura mbere ntakizobuza tutazomuronderera izinarimukwiriye!

  • Mwrakoze kubahanura kuko abasunikira muriyo amakonte yabo aruzuye abana babo bigahanze abandi nabo ntaterambere bakuramwo ahubwo n urupfu n ubumuga gusa emwe urwaruka tutabaye maso bose barondera twebwe tigishushe.

  • Komera Cane Ajap Yaje Hagez Natw Tukurinyuma

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.