IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Akamo k’abakoresha amabarabara ya Amitié na Mission kumviwe

Akamo k’abakoresha amabarabara ya Amitié na Mission kumviwe

mardi 10 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Umugambi w’ishirahamwe ry’ababirigi CTB (Coopération Technique Belge), ubifashijwemwo n’ishami rya ONU ryitaho iterambere PNUD, waratanguje kuva kw’igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2015 ibikorwa vy’ugusanura amabarabara "Avenue de la mission" hamwe na "Avenue de l’amitié."

Ivyo bikorwa vy’ugusanura amabarabara ya Amitié na Mission ku buhinga bw’amabuye ashashe (Pavage) bizomara amezi ane. Imetero 250 kw’ibarabara avenue de la mission akaba arizo zizokorwa, mu gihe kuri avenue de l’Amitié hazokorwa imetero 330, hamwe n’imetero 20 z’amahwane ya Avenue bitirira iya ONU. Kuri ayo mabarabara abiri ya Amitié na Mission, ibikorwa bizotangurira kw’ibarabara bitirira irya UPRONA (Boulevard de l’UPRONA), bisozererwe kw’ibarabara ryitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore (Chaussé du Prince Louis Rwagasore).

Gérard Nyandwi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ari nabwo bushikiranganji bwasavye kandi busanzwe bukurikirana ivyo bikorwa, amenyesha, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru cabaye kuri uwu wa kabiri, ko ikibazo co kubungabunga ayo mabarabara arico kizoba gisigaye, akemeza ko bazotunganya ingene ayo mabarabara yobungabungwa kurusha uko vyahora, bisunze ubwigenge amakomine agiye kuronka, niyamara kuva kuri 13 akaja kuri atatu.

JPEG - 43.4 ko
Leonard Ntandikiye, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu (uwa kabiri uhereye i bubamfu)

Olivier Chanoine wo mu mugambi CTB yasavye abanyagihugu hamwe n’uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura (Mairie) kuzobungabunga ayo mabarabara azotwara amafaranga y’amadorare agera ku 838780 (hafi umuriyaridi umwe n’igice mu mafaranga y’amarundi). Muvyokorwa, Olivier Charmoine akavuga nk’ugusibura imiserege ntizibe hamwe n’ugutunganya ingene imicafu yoza iregeranirizwa hamwe, ayo mabarabara agumane isuku, kandi abungabungwe nk’uko bitegerezwa.


Egide Nduwimana

Messages

  • Akamaramaza 600m zari zababaniye reta!!!!!!!ewe,burundi waragowe??!!!% ijerekani gozigiye gucugera neza????ewe burundi wibwa hose ababirigi ngo 600m zikogwa kuri 1 milliard ??ibeni yamabuye igugwa agahe???abo bakozi bariko barimba bahebwa angahe????Kovyose bikoreshwaamaboko ????iyo mwuva ijerekane zizo tuvako ryari zivuga puuuiiiiiiiiiiiii

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.