IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Nyamitwe: "Ingingo za UE zishobora gutosekaza imigenderanire hagati (...)

Alain Nyamitwe: "Ingingo za UE zishobora gutosekaza imigenderanire hagati yayo n’Uburundi"

vendredi 2 Gitugutu 2015

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Alain Aime Nyamitwe amenyesha ko ingingo yo gufatira ibihano abantu bane begereye ubutegetsi bw’Uburundi yafashwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,ishobora gutuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yononekara.

Mu kiganiro yahaye iradiyo y’abanyamerika Voix d’Amerique,Alain Aime Nyamitwe yavuze ariko ko ayo makuru yayasomye mu binyamakuru,ko ata rwandiko rw’iryo shirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya arabona rumumenyesha izo ngingo.

Alain Aime Nyamitwe amenyesha ko igikwiye ari uko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryokwicarana na Reta y’Uburundibakavugana kuvyo bafahurizako.

Naho ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ritaramenyesha amazina y’abafatiwe ibihano,ikimaze kume yekana ni uko ari abategetsi mu nzego z’umutekano,bakaba bafatiwe ibihano kubera uruhara bagize mu mutekano muke uboneka mu gihugu.

Abo bantu bane bakaba ata ruhusha rwo kuja ku mugabane ugizwe n’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya,bagafatirwa kandi amatungo ari mu bihugu bigize ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.


Van Naris Mugisha

Messages

  • ahubwo baratevye.ntanico baribamariye abarundi atari kwongereza abahfakazi

  • Mbe Iyomigenderanire Yononekaye, Le Meilleur Perdent Ninde? Abantu Bane, Nibo Botumama Igihugu Kidacana Uwaka N’ Ubumwe Bwa Buraya? Sha, Mwenamukugwawe, Uwabavyaye Yarakwegeye Uburundi N’ Abarundi.Ariko Mumenyeko Atacijana.

  • Baribesha Tuzobaho Ubuzima Butangwa Nimana

  • Ba Nyamitwe mugomba kugitwara gicuramye.Mbega UE ibakeneye kwiki mwa mpirahisi mwe? Genda muzopfa muta umunwa nta kindi nobabwira.

  • Ngo imigenderanire izotosekara! Kare hoho barondera iki gihambaye uburundi? Simfashanyo babazanira Hari ibindi? Mer mubaha iki wovuga ngo barabuze wabo? Rekuza amaso nkagahungarema 👀. Uti turabuze Iyo tuzoja gusega nayahandi kazibe. Namwe gumaho muzoshikirwa

  • Turateye intege abafashije muruwo mugambi arihamwe boba ari ba Pacifique nabandirurikumwe vyobavyiza gusumba barabikora bakibagira ko ubutungane bubahe ntibibaze ngo Peter Nkurunziza naho yova kubutegetsi ngo harumututsi azokwigera asubirakugihugu cacu

  • Rira bien qui rira le dernier et qui vit verra!
    Birasha biraza, uwukurikira ni peter!

  • EWE KARIYO NANYANDW UBWO SUBUJUJU BURARENZ MBENKAMWEBW UBURAYI BWABAFASHIK?NON,HOHO ABANTU4,NIBOBOTUM IMFASHANYO.ZIHAGARAR? MWABIDUHA,KUGIRA MUDUTERANY?

  • Oyo ntutangure gukanaguzwa

  • Urabe ko atari abahutu gusa bafatiwe ibyo bihano!? None abaturiye abantu mumapine barihe!? Intumbero abanyaburaya bafite niyo kongera kutumarisha ariko barihenda, imfubyi zarakuze!!

  • Ivyo ntabandi bariko barabikora ataribamwe bashaka gutembagazubutegetsi bacahiryanohino ngobatob’ibinzego zatowe nabenegihugu ariko twe abahututukiri mugihugucuburundi bateshe bate

  • Nibahane abobicanyi pe!! birabakwiy.cank babasohorere imitahe babajane irahe.

  • Nibagomore bavuga bashiramungiro nabandibafatwe uzingenebagayana!

  • Abo bantu bafatiwe ibihano vyo kutaja i buraya ubundi barya no kukibuga cindege ca Bujumbura ntibahazi, jewe mbona baribakwiye kubifatira Ndayicariye,Nduwimana n’uwurongoye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro

  • Iyongingo Yarikwiye Kuja Mungira Vuba Mumaguru Masha,bakamenya Ko Kiramuntu Azohanwa Kubwiwe.Ukurikira Umusuma Ukaba Umusuma.Nabandi Batenekeza Ngo Hariho Ivyo Barigutibirizamwo,akarorero Nibagakure Aho.

  • sha urugi ruvuye kumuryango, imbeho irinjira.

  • Haaaaaa ! Kuva Aho Bagiriye Amanyanga Ni Bafatwe. Nabandi Nibarore Bazorubona%kuko Igihugu Cuburundi Si Cabanyina Na base Bifatira Uko bagovye!!! Bobatuza Na Bandi Basigaye Bokwibaza .Nakare Kudahana Imbwa Birwiza Imisega.

  • JEW MBONA ATOGEHAGARIKIRA KWABO GUSA AHUBWO NIBAFATE IBIHANOBIKWIY HATIBAGIW NUKUGARA IMBIBE TUBANZ TURABE NKURUMBI AHACA MUGUHUNGA YOMOKA NIBAGUME HAMW IBISAKA VYIMBWA VYAHIY NABADO YARAZIKO KWIHIGIHUGU KUNGUVU KOBIZIJANA

  • Mu Burundi nukuhagabira kuko izo sentare mpuzamakungu ntizigeze zerera aba Hutu. ivyo bihano bitanguye hazoca uwambaye. kuko mu Burundi havugwa amabi menshi ajanye na gateka ka zina muntu. nkaka rorero Abapfasoni bara cakubitwa na Bagabo. na Bana barakutwa. Hano muri Afrika yipfo kirazira. Ibigiye kugora Uburundi ni vyinshi. kuko ababizi ni Bidya Bihangange vya hunze bifise inkuru zose nyakuri. Kandi barumvigwa cane. Abagirizwa Leta ni batange bagende bazogaruka. nkuko vya genze mu Gwanda bararekuwe. iyo singorane. Uburundi nti bwoshobora kwi hanga UE. nu kugenza make.

  • Ako ni agasomborotso!Barindiriye ko leta ihagarika abo bagabo,ikabashengeza imbere y’ubutungane bw’u Burundi!Bidakozwe mu maguru masha,bizoca bigaragara ko bashize mungiro imigambi ya l’État! Murico gihe,ingingo zizokurikira,si ibihano nk’ivyo bisa n’uko ataco bitwaye,nk’uko mwene nyina wa Nyamitwe amaze imisi abivuga,ahubwo hazokurikira imitahe kubategetsi bakuru ba leta.Barindiriye kandi KO amabi akorwa mû Burundi atoguma yiyongera nkuko Saidi Djinit abivuga!Bikabandanya, amakungu azoca ayifata nka ya l’État y’icaduka yahitiye muri Burkina Faso .

  • Mbe ga nyamitwe imigenderanire ya UE n’Uburundi itosekaye hahomba nde?gutwarwa n’abantu nkamwe mutize nico gituma ikihugu kizopfa kitaronse amahoro.

  • Nyamitwe we, UE ntac’ipfa na leta yany ku buryo mwokwicara ngo mubiyage,musab-wa kwicarana n abo benewany mwangaje mukemera guharira kuri yi mandat yinkora-bara...ivyo gutyozany no gusuzugurana mubireke.mbega wa muhuza(ombousman) yagiye hehe kw adakajaza?yob ari w arongoy wa murwi muherutse kuduhendesha?

  • Mwari mumariye iki UE? Ico mwabafasha cotuma bigaya ngo imigenderanire iratosekaye ni igiki?
    Ivyo bacyita ukwidigadiga

  • Mbega tweho ntitwobabuza kuza i wacu ,erega ivyiza niyo biri naho badukanga,charles michel,louis michel abo bose babafatiye izo ngingo no muri congo tukababwira bakazifata,boca badegedwa kuko niho bakura ubutunzi butuma baguma baboheye amaboko i mugongo abandi babiligi,erega nta kujugumira,tutagiye i bulaya tuzoja ahandi,kandi ubu si bo bagaba isi nka kera kera mu bugereki,espagne ,portugal n’ibindi bihugu biri muri iryo shirahamwe murabe amabi n’inzara biriyo,reka baradukangira abategetsi bacu kubera benshi batabazi kuko kugira ubamenye bifata igihe,ndakugarika yogiye gukoriki mu bubiligi par exemple,ndagusavye,ntaco tuzoba bazoguma batubona seulement ntibabandanye kutugaraguza agati be nabo bagesera b’abatutsi

  • Bene Nyamitwe uwabaroze ntiyakaravye kandi bariko barata igihugu mu kaga. Hagati y’Ububirigi n’Uburundi nicahe gihugu gikeneye Ikindi?

  • Ewe Tijos, ntuzi ko imfashanyo ariyo ituma igihugu cama mu gasuzuguro kadahera! Nta gihugu na kimwe kw’isi kidakeneye ikindi/ ibindi! Akarorero: Abanyaburaya bafatiye ibihano Uburusiya, ariko ingaruka z’ivyo bihano ubu zitanguye kokera abarimyi n’abarozi baba Iburaya aho Uburusiya nabwo buburije ibirimwa/ inyama/ amata bikomoka Iburaya kwinjira mu Burusiya. Akandi karorero, igihugu ca Cuba cari kibayeho imyaka myinshi carafatiwe ibihano, none ubu bigira bihave, abagwizatunga bo i Buraya ntibatanguye gucanacanako baja muri Cuba barondera amasoko? Uburorero ni bwinshi. Afrika yishwe ahanini n’abategetsi babi barazwa ishinga no gusahurira utwo abanyagihugu babiriye akuya! Ubundi nta mfashanyo Afrika iba igisegerereza! Ikindi womenya nuko abakuru b’ibihugu benshi ba Afrika bashirwa k’ubutegetsi n’ibihugu vya Buraya ku nyungu zavyo atari ku nyungu z’abenegihugu ba Afrika! Kenshi rero igihe uwo bishiriyeho ahumutse akabima ico bamushiriyeho bamuteza ibibazo/ ingorane nyinshi, harimwo nizishobora kumuhitana! Kandi umenye ko kw’isi yose atakuri kubaho mu vy’ubutegetsi kuko iyobowe na Se w’ikibi Shetani( Matayo 4: 8- 9; 1 Yohani 5: 19). Ari naco gituma Yezu yigishije intumwa ziwe gusenga Imana ngo Ubwami bwayo buze mw’isi( Matayo 9: 10). Ubwo Bwami bw’Imana nibwo bwonyene buzokuraho ingorane ziri kw’isi bumaze gufuta/ guhanagura izi Leta zose ziri kw’isi( Daniel 2: 44).

  • Ndabishuza uciyumviro canje nashikirije. Murakoze!

  • ariko abazungu n ibigugu abo bose bafatiye ibihano uwageze kure yagiye kenya ntibazi abahutu, dufite uburusiya , ubushinwa, na irani tuzahangana

  • nyamitwe we igihugu cabananiye gutwara namakungu arabibona nimwemere muhanugwe mwumve.kuko nabandi barinyuma

  • Mushingantah Nyamitwe Tungany Ivyihugu,korera Neza Abanyagihug Kuko.Kuko Uwarons Ubutunz Abanj Kwic Mwene Wabo Imivumo Namahano Biri Kuriwe,

  • wowe wiyita fidelite uli ikigoryi wongere nawe ubwawe umenye ko uli ikigoryi . wowe ushobora kuba utabizi aliko umuryango wawe urabizi neza ko uli ikigoryi ureste ko buliya nabo mulikimwe.

  • IVYOBASHATSEKUDUSHIRAMUKAGA AHOBORONDEYE ABASHAKAKUDUSHIRAMUKAGA ABONIBABATUTSIBARIHANZE AHUBWOBARANGUHANIBATESHWEBATE

  • Uburundi bukwiye gusubiza hamwe nibindi bihugu.

  • haruwo bibagiye bariguherako afisikibi nka rusiferi. nawe ni willy nyamitwe,umuhanuzimubi angana umurozi niwe afashe uburundi nk’irigi muminwe kuko ico avuze baca bakomamashi kuva reta dd ibayeho.

  • @fidelite
    "ariko abazungu n ibigugu abo bose bafatiye ibihano uwageze kure yagiye kenya ntibazi abahutu, dufite uburusiya , ubushinwa, na irani tuzahangana"
    Reka sha kuba witiranya abahutu hamwe n’abakevyi ba Nkurunziza! Biragabuye!
    Mugabo ni mukomere!

  • Iyo UE nireke gukorera kubihuha vyabahoze kubutegetsi bashaka kubusubirako,nayahandiho ntaco bariko barafasha uburundi,hama twese turazi neza ko kudufasha atari urukundo badukunda,niwamuswa urya umuhini usotera isuka,ivyo bashaka rero nibabivugane na leta ihari muga ntibabanze gushaka kuyikuraho kugira bayage nabo bishiriyeho,ivyo wumva vyoba ari ibiganiro ?canke yoba ari dictature.

  • wowe wiyita fidelite narakubwiye ko uli ikigoryi . kuvuga ngo abarusiya barabakunda byerekana ubwenge bwanyu aho bugarukira. iyaba waru muntu ufite mumutwe hazima wali kurebera kuli SILIYA ishyigikiwe nubwo burusiya wiratana uko bimeze . niba alibyo mushaka muzabibona. MULI BIGORYI KOKO.

  • Ikigoryi cama kibona ko abadishigikiy ubugoryi bwaco arizo njiji,ariko anicet uvuga gut ngo fidelité ni kigoryi,ico yibeshe nikihe? kwibesha naho ngo tuzoteba tube revolutionaires ku bazungu ntaho bitaniy no kwumva izuba rya guturiye ukibesha ufata ibassin y’amazi ngo hinge urijugunyireko rizime! ivyo kwitwaza abatutsi navyo nimubaveko kuko ntaho tunganira nabo kuko baturusha n’ubwenge,kandi nibo bashoboye gutwara.aho rero ntitukigire bakame kandi turi ingamiya.Ese mwombwira gute ukungene umuhutu atwara akica benewabo babahutu yarangiza ngo abatutsi nibo banshutse.En 1993,abasanzesheke bari barembej abahutu bo mukamenge,noneho haza umubire umwe arababwira ati hinge ndabahe inkoho nibagaruka kubigenzako mubivune.Ntibwaciye kabiri akagaruka kubaraba asanga za nkoho baziguriw n’abatutsi bo mu ngagara!Ese ubwo mwumva abatutsi tubata k’umwikomo w’iki?Ahubwo yaba dufis ubwenge twoshiz hamw icumw adashoboy akagifashwa namugenziw,kuko ntanumw yagishijw inama n’Imana umunsi imurema ari umuhutu cank umututsi

  • leta y,uburundi niyemere itwarwe nimitwe yibindi bihugu kuko imana yarabahay ubwenge bwo kuburongora nibareke kwitwaza ngo imana iratubona nibavuge ko vyabananiy

  • Ivyo Abarundi Ntabwoba Aho Barumva Amabwire Yivyo Birofa Ngo Nivyo Bazotangara ,imana Niyonkuru.

  • Uh Ngwamenyaragutwengari gwawe basi ako kagugu ngo ni Alain nyamitwe mbe nkaho kadedembibiki? Ngo imigenderanire yotosekara uh kihenda yuko ariko kagize Uburundi uh ivyo bi faransa kama kadebagura natwe turabizi ! Kihenda yuko niyo kotembagara Tutazocandanya Turongora Uburundi Muri CNARED karahumba ako kabwa kemeye kuba umuja wa peter roqera gatoyi wakabwawe bucutembagarana na mwenanyo willy niyo ntozo peter!

  • muvyukuri nkurunziza yogombayokwihanura.kuko, umbwatsiburakurabukabisha ubundi.nkuko murabategetsi nimurabe ukuntumwonshiraho leta mfatakibanza hagatunganywa.amatorameza,akazamwo abanyagihugubose.abarimubuhungirobagahunguka.abatensenzwe izabo kumugaragaro.

  • Tanga Urutonde Rwabo Bategetsi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.