IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Alain Nyamitwe:" Reta iriko irakora ibishoboka igihugu ntigisubire mu (...)

Alain Nyamitwe:" Reta iriko irakora ibishoboka igihugu ntigisubire mu ndyane"

mardi 18 Myandagaro 2015

Umushikiranganji wo gufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aime Nyamitwe amenyesha ko Reta iriko irakora ibishoboka vyose kugira igihugu ntikije mu ndyane zifatiye ku bwoko,mu gushika imbere y’ubutungane abagirizwa amabi.

Mu kiganiro yahaye iradiyo ijwi rya Amerika,Alain Aime Nyamitwe yavuze ko umukuru w’igihugu yamaze kwemera gushiraho Reta ihurikiwemwo na bose,kandi izoba yubahirije amasezerano ya Arusha n’ivyasabwe n’abakuru bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Alain Aime Nyamitwe yavuze ko umukuru w’igihugu ashobora gushikiriza abagize Reta nshasha mu minsi ya vuba cane.Yavuze ko Reta iriko ikora ibishoboka vyose kugira ubwicanyi buhagarare,abakora ubwicanyi bahagarikwe kandi bashikanwe imbere y’ubutungane.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu avuga ko ari ngombwa ko abegwa n’ibibazo vya politike biri mu Burundi,bicara hamwe bakaganira ku bibazo badahurizako.


Van Naris Mugisha

Messages

  • aho nisawa ariko ndakubaze nyamitwe, none muzaca muhindura ibwirizwa shingiro? ikindi mwaravyumvikanye nabegwa nibibazo vya protike? murakoze

  • aho nisawa ariko ndakubaze nyamitwe, none muzaca muhindura ibwirizwa shingiro? ikindi mwaravyumvikanye nabegwa nibibazo vya protike? murakoze

  • Vyoba Vyiza Cane Ntakindi Dukeneye Atari Amahoro Ntakindi Bashaka Ataruko Yorekura Iyi Manda Yagatatu

  • KWAVUGANGO ABAKORUBWICANY BASHIKANWE IMBERE YUBUTUNGAN BWABUNDARABAZ?

  • igihugu gikeney abantu nkamwege abantu bintwari ariko rero mugushing areta ntimuzoshiremwo reonce paciphick vital mbonimpa rufyiri na kazoviyo kuko botigihugu mumanga kanatsinda abanyagihugu ntitubazi uretseko bahamagariy abenegihugu mumigumuko bagatuma abantu baburivyabo nababo ahubwo nimubafate intah ibakubite mugahanga kugira nabandi babonicigwa

  • Reta Iriko Irakora Ibishoboka Kugira Igihugu Gisubire Mundyane. Ntare Reta Yubahirije Amasezerano Y’i Arusha Ishoboka Kandi Uwitwa Ngo Ariko Arayigira Yishizeho Ahonyanze Ayomasezerano Nyene.Ntihagire Uwo Basamaza Ngo Hariho Za Reta Zihurikiyemwo Bose

  • Manda ya 3 NKURUMBI yayihevye?reka ntabiganiro bikenewe muzokumvishwa buhorobuhoro.

  • erega nyamitwe abobivugisha ngo bikomagu koyapfuye ngo igisoda cosubiranamwo nivyobashaka mbehoho mubapfuye bikomagu niwe ababaje?mugabo ntaco kajayo iconovuga iyataba piter nubu igihe biciye adolphe harikuba ikintu.kuko igihe bakatugaragurije agati ni kera

  • hamwe invugo yoba ngiro, twoshima Imana! kubuta agatima kuyaremy ijuru n’isi, kuko umusi ur’izina, tuzobazwa ivyo twakoze!

  • UKUSA NTIBIJANYE NIVUGO YAWE NIKUBERA ARIDANDENDE SIBAKORESHA NABI NIMWISUZUME MWIKUBITAGASHI MUREKE KWICISHA BENE GIHUGU KUBERIZO MAGAZANYU ZIDAHAGA HARIGIHE?MANA GARUKIRA ABAWE

  • BAHERE KURI MWEBWE NYENE
    NTAHO IGIHUGU CACU COBA ICUMURUANGO UMWE GUSA MBE NIMWE MWIZE GUSA NGO NYAMITWE!!!!!
    Rindire🚴🠽🠃🠿🎣⛄ï¸
    Uko niko muzogenda 😂😂😂😂😂😂😂😂😂😂😂😂😂😤😤😤😣

  • nyamitwe ivvyudedemba kutavuga 3emme mandant ivyufina wanikira menya nkabujana

  • Ew Urikusabimfashanyo? Nimurek Kuronder Umuhor Uri Mukwaha Ingoran Ni 3e Mandat Wily Nyamitw Yikiniy Imitw Yinda Ahenda Nkuru Non Rab Aho Bitugez.

  • ng azoshinga reta yisunze amasezerano ya arusha!nabanz arabeneza wenyene ko ayomasezerano yayubahirije,invugo zabo zitugeze habi.

  • Ngo reta ikurije amasezerano yi Arusha!!!Iyi government yo iremewe niryo sezerano

  • Bazohere kuri wewe nashobuja peter

  • Komera mutma nukri twe abrundi ntakind dusaba atri kuronka amahro nukri muduhe kworohegwa mubuz bwacu kok twe tumaz imins tutkora kubra kubwoba tufse!!

  • Reka mpebe ntwenge! Mbe mwise abarundi ibijuju? Rekura 3ème mandat; emera haje ho intwaro mfatakibanza ya 2 ans; ni mwake ibigwanisho imbonerakure; mufungure inzirakarengane zifungiwe ubusa; hafatwe abicanyi bose bizwi ko biciye abantu ubusa bacirwe imanza; hashirwe ho CENI nshasha yizigiwe na bose; hanyuma hatunganywe amatora meza, ku mugaragaro kandi ahurikiye mwo bose. Nayo ayo mareta mwivugisha ni inkinamico mu zindi.

  • Ahubwo iriko irakora uko ishobora kwose kugira imare abo batavuga rumwe bose hamwe nabagiye mu myiyerekano, ba muvugisha ukuri

  • muvyanka muvyemera muvuga ivyo mwishakiye,igihugu caramaze gushika mu minwe ya banyeneco,kukibaka ntimwibazeko bizokworoha,inkoho mwishimako kera ubu nabo barazifise

  • amatohoza y’iki? igihe yica ndadaye agakurikiza abo bafashanya muri rata Ubu naho aciye ku binyamaraso nkawe aka àashaja kutumarira mu cobo n’agende yishure ivyo yakoze

  • Nimureke Atware Uwoimanaishize Imbere Imuhezagira Booose Baraba. Ntimwibaze Ngomuzotwara Imana Itabemera. Ntimuteumwanya Kuko Umwanya Urazimvye.

  • GIRANINGOGA MUSHIREHORETA.TURABE,INGENE-TWOKWIKURAKO’URWANDA.RUGUMARWIVANGA MUBIBAZO!BITABARABA.J.NDABABAZWANINGENE-ABOBANYAMAHANGA-BAHEDWANASHEBUJAWABO,BAKAGUMABAJAGUKORA’MUKANWA-KINZOKA ABARUNDI- BARABABARWA.NTIBARATUBONA.SHIRAHORETA.NTIDUKENEYEKO-URWANDA,RUTUGENDEKO.

  • TWAMAZE KUMUHINYURA UYO MUGESERA PETER WE AGOMBA GUHINDURA UBURUNDI AKARIMA KIWIWE MBE AHO BAHIFURA UBURUNDITONGO RWABO NKUYO MUHIMBIRI NGO NI WILLY AHO ACAZANA NAMWENABO ALAIN BURYA BIHENDA YUKO BASIGARANYE IMISI INGAHE NIMURORERE GATOYI MANDAD YIWE GUSA IHERE HAMA AHEZE YIRABIRE UKUGENE ABARUNDI TUMUVUGUTIRA UMUTI WAMASEZERANO YA ARUSHA ,UWIBWIRIZWA NSHINGIRO NUWA DEMOCRATIE AHO YIHENDA YUKO MURI 2015 HARUMURUNDI YOBA ACEMERA GUTWARIRWA MUNTWARO YIGIKENYE NUGUHONYANGA AMASEZERANO YA ARUSHA YABONETSE BITUGOYE .

  • Noneko abishe, Bikomagu na Adolphe na Zedi Feruzi, nabarashe Pierre Claver Mbonimpa, nabateye amagrenade mubantubari ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura nahandi ntiriwe ndadondagura ariko sinokwibagira nabateye ibitero Cibitoke na Kayanza bazananye murwanda abobakoze ivyovyose bakaba arumurwi umwe ushigokiwe nabategetsi bu Rwanda mukabamuziko harihakamenyetso gatoya nobabwira nkaho bagiye baraha amajambobamwe mubarundi bakavugira kumarandiyo yomi Rwanda ayamihe. Twebwe abarundi twosombiranirakogute kandituzi abaduteza izingorane ahobazanana? Jewe nemezako ahubwo mugihe vyokomeza tuzohangana nicogihugu gikomeje kugagaza bosebabona, ariko nkuko abarunditwamye turitondacane mberenabatubonye bakagora ntabwengetugira, arikodushavuranabi. Ico uwomushikiranganji wacu wimifenderanire Yu Burundi namakungu yomenya , nuko abobavigako hoba indyane mu Burundi kandi umukuru wigihugu yararivumeye kobitazosubira, nibobashaka kuzana izondyane kugira bacebasimbira kumusozi ngone mukuru wigihugu yariyavuzeko atardyane zizosubira ngokozibaye? Umvandabasubiriremwo uwumazimisi yicabantu Burundi nambamutabizi numuntumwe, yarishe Adolphe ngwabahutu basarire kuyandimoko, yarishe Zedi Feruzi ngokugira vyerekaneko reta ariyoyamwishe bayiyeranye numuryango namakungu, yararashe Mbonimpa kugirangovyitweko arincuti numuhisi Adolphe zimusutseko ishavu, yarishe Bikomagu ngokugira bagumire abatutsi, ivyovyose ababikora bobobaracari muburumdibwakera ntibaziko abarundi dusigaye tuzigusorongora, ntibaziko nubu nukicuza kuvyatubayeko mumyakayaheze ahotwakoze ibidakwiye gukorwa ugasanga umuntuyishwe yagirizwa icatazi, ubumurikigihe ibintubizozabirafata benekubigira ubonako biyamamajebikwiye barazwi. Nayo uwibereye mudukorwa twiwe twamisiyose ntawukorako kiretse haje abobagateranya kumukorerako pibilisiti.

  • Mbe ngoreta yabose birya mwapanze twamaze kubimenya irya sireta rega simwe mupanga mwenyene mubonye habavye ngomwemeye gucanga leta nabado mpaka mudugije amaboko hejuru

  • Twarahiye ko NKURUNZIZA azotwara igihu.ivyo abo batunva birigwa baraja kudendekaniriza muri ETHIOPIA,twarabimenya nibateshwe bate.

  • Mr. Nyamitwe na Sobuja Peter eka na mwene wanyu Willy, ivyo mugira vyose , murahava tu ! Kandi muzohava nabi ane gose ! Aha mwarashavuje abantu Atari bake qui sont prêts d’en découdre avec vous. Ico womenya coco, nta Nkurunziza azotwara.

  • manda yagatatu niyo iriko irakwega ibibazovyose ubu ntaterambere narimwe tukibona kubera imvururu ziri ahiwacu. bubu hazogeraho abarundi bose baba nkibikoko bivanye niyi mbutombi. batubibamwo yubwicanyi. jewe iconohanura nuko .icokintu kirinda gusesa amaraso yabanyagihugu bogiheba abarundi bakiberaho mumahoro!

  • IMANISHIMWE ESE IMVUGOYOBINGIRO UMUTIMAWABARUNDIWOSUBIRAMUGITEREKO

  • Izina Niryo Muntu Nimukore Turabe Muz0bàMuk0ze

  • IMANA IBAJE IMBER KUVYIYUMVIRO VYANYU NKUKO YO NYENE ARIYO IZI IYO TUGANA TUJA IYO ICIYE INZIRA NTAWOYUGARA NIYOYUGAYE NTAWUGURURA MANA YABARUNDI NURABE IGIKWIRIYE KUBURUNDI MUBURUNDI HARACARI HO ABAKWUBAHA NAHOBAMWE TWABAYE IBIKOKO TURYA BENEWACU BITARIBITUBEREYE MAMA NZIMA IBUKA UBURUNDI NABARUNDI UBUGARUKIRE HARACARI HO IVYIZIGIRO

  • Ewe mwenewa hamwe na PETER hamwe numugambwe cndd-fdd ababanka bazokwicwanagahinda kweri, bamwe umengabariko bararaga abandi baragangabuka iyo ni imihimbiri.com

  • PETES USANGWA IVYO WASAHUYE MUMYAKA 10 B4TARAKUBUMVYE NTAKUNDI NAWE RINDIRA NUKUZOGUKUBITA BOMBE YA MORTIER 120 IHEREJWE NA BOMBE YA BM 21 KUKO WAGOMVYE KWIHENDA YUKO TWOBA TURI ABAJA BAWE AHUBWO NIWE BUCUBA UMUJA W’ABARUNDI KUBERA UBWIBONE N’INDA MBI YAWE EH MBE HARYA NGO WARUNGITSE UMUHUNGU WAWE MURI ISCAM NGO AHEJEJE AKIRI CANDIDAT LIEUTENANT NGO UZOCE UMUGIRA NGUMUKURU WA ETAT MAJOS NGO AZOGUKINGIRE NGO MUZOCE MUHINDURA UBURUNDI AKARIMA KANYU NTIBIKUNDA SHA ABARUNDI TWARAKANUYE BUCA TUBEREKA WE NUMUGORE WAWE DENISE WARIWIMIRIJE KUMZOHA UBUSHIKIRANGANJI YUKO BIDAKUNDA! ASHA WARAHENZWE BASI EGA URYA MUHUNGU WAWE NI UMWE NTACO YOGUFASHA HEWE AHUBWO URYA MUMAGURUMASHA ARARSWA NKUKO NABANDI BAHAYE BARASWA 3ENE MANDAT TU NE SERA NI PRESIDENT NI RENATEUR A VIE MAIS UN CADAVRE KUBERA INDA MBI NUKUGAYA BENE BURUNDI.

  • Turarindiranye igishika iyo leta nshasha,ice ija kubikorwa ihagararire umutekano wabose nkuko igipolisi c’igihugu kiriko kirakora gifatanije n’igisirikare. Hari abashaka amacakubiri mu gipolicsi no mugisirikare kugirango ibintu bibe nabi,murabe maso.Abo bicanyi hamwe n’aba putchistes hariho ico bapfana bahanwe vuba, n’amategeko mashasha ahasha biboneka icaha,ajeho vuba. Président Nkurunziza nakomere kwibanga.

  • IKIBAZO CISH UBURUNDI SUKO HABUZ GOUVERNEMENT D’UNION NATIONAL!IBIB VYOS NI 3EM MANDAT!UKO MBONA UMUKURU W’IGIHUGU ADAHEVY 3E MANDAT UBURUNDI BUZOB MU NTAMBARA NK’IYO MUR ISRAEL!

  • Nimugerageze muta murabe kovyoja muburyo ivyovyose mwipfuza natwe turavyipfuza ariko nivyugusengera ntimwibagire gushira imbere imana mwirambire.

  • Jewe Narinzi Yuko Aje Gushikiriza Ijambo Ryo Ku Demisiyona Kwankurunziza.None Azanye Ivyama Reta Mana Dufashe Uba dukureko Turagowe.

  • AHO NTAVYO UHAYE URAVUGASHA MBE MWAHINDUYE UBURUNDI AKARIMA KANYU? WEHO NAMWENE WANYU WILLY PETER NAWE MBONA AHERUTSE KURUNGIKA NUMWANA WIWE MURI ISCAM MAMA WANJE NGWAZOCE AKIMUSIGIRA NIYASAZA UH ASHA BURYA ARIHENDA NUKWATAZI YUKO UBU UYE TWESE TWAKANUYESHA NDI UMUHUTU MUGA NTAZOGENDA AMPENZE NGO NDAMUJE INYUMA! AHUBWO NZOMUGWANYA MPAKA AFASHE ARIMUZIMA CANKE ARI IKIZIGA NKA RUDOLUFE! KUKO INTWARO ZO KWIZIZIRA UBUTEGETSI TWARAZISEZEREYE KUBARI UMUHUTU NTIBIVUGA YUKO DUCA TUMUSHIGIKIRA KUKO AMAHERA AGUMA YIBIGIHUGU NTAFASHA ABAHUTU ATUNGISHA UMURYANGO WIWE NAKARE NANABONYE NINTWARO YIWE YARAJE ICINYIZA ABAHUTU NGO TWESE TUGOMBA KUBIMBONERAKURE KUNGUFU ATANGURA KWANGAZA NYAKUBAHWA NYANGOMA PANCACE CIMPAYE ABA FNL BAHERERA KWICUMU ALICE NZOMUKUNDA AMUTAHANZE MANASSE NZOBONIMPA ARANGAZWA RADJABU ATABWA MUMVUTO SIMON NYANDWI AMUHA UBUSOZI MBEGA YEMWE MWUMVA UYO MUNTU HARICIZA YIPFURIZA UMUHUTU EKA NUMUTUTSI NTIYOROHEWE KADEGE MUMVUTO AMAGARA ARAMENWA CYRILE NDAYIRUKIYE MUGASHU ABATUTSI BARIKO BIYAMIRHZA 3eme Mandat BARICWA BUNYAMANSWA UBU NAHO NA RUDOLUFE YAMURWANIYE EJOBUNDI KURI COUP D’ETAT AVORTE NAWE ARAMWIYICIRA NAWA MU COLONEL YARWANIYE RTNB ASHA AHUBWO PETER NUMWANSI W’ABARUNDI BASI! TWESE NUKUMUGWANYA MPAKA TUMUFASHE AKATWISHURA ABACU YISHE

  • Mbe bimwe vya bababikira amatohoza agezehe NKURUNZIZA yibaza ko bizokwijana?

  • HIVI WARUNDI MMESAHAU JISI ALIVYO UWAWA NDANDAYE? LEO UNAPIGA MAPINDUZ ATI MIONGO MITATU,KAMA BADO MUNAONA KUJIPANGA KWA MHULA UJAO,BASI HAMPO TOFAUTI NA ALIYE UA NDANDAYE?,NYANGOMA.NDITIJE,HAO NIWASALITI,NDIYO WAMESHIKILIA MALI ZETU,HATUPO TAYAR KUSALITIWA TENA,

  • HIVI WARUNDI MMESAHAU JISI ALIVYO UWAWA NDANDAYE? LEO UNAPIGA MAPINDUZ ATI MIONGO MITATU,KAMA BADO MUNAONA KUJIPANGA KWA MHULA UJAO,BASI HAMPO TOFAUTI NA ALIYE UA NDANDAYE?,NYANGOMA.NDITIJE,HAO NIWASALITI,NDIYO WAMESHIKILIA MALI ZETU,HATUPO TAYAR KUSALITIWA TENA,

  • AHUBWO BOGIRIRWA IKIGONGWE NKUKO NATWE IMANA YAKITUGIRIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.