Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alexis sinduhije arongoye umugambwe MSD ngo agiye gutahuka mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Alexis sinduhije arongoye umugambwe MSD ngo agiye gutahuka mu (...)

Alexis sinduhije arongoye umugambwe MSD ngo agiye gutahuka mu Burundi

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Uyo munyepolitike atavuga rumwe na rumwe na Reta y’u Burundi avuga ko agiye gutahuka kubera akamo k’umugambwe wiwe MSD. Yari yahunze avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010.

Alexis Sinduhije arongoyeumugambwe MSD , umwe mumigambwe itavuga rumwe na Reta yariyanawuserukiye mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mataora yo mu mwaka w’2010, yemeza ko umugambwe wiwe ariwo wamusavye gutahuka. Yaramaze imyaka hafi itatu yarahunze avuga ko umutekano wiwe ubangamiwe kuva inyuma y’amatora.
Yatanguye gushaka gutahuka mu kwezi kwa Mukakaro umwaka uheze w’2011 u Burundi bwitegurira guhimbaza imyaka 50 iheze bwikukiye . Aho yashaka kuzanana n’umuganwa w’u Bubiligi Philippe ariko ntivyakunze.

Yahora aba mu bihugu vya Bulaya cane cane mu Bufaransa no mu Bubiligi ahasanzwe haba umukenyezi wiwe n’abana. Amakuru yo kwizera avuga ko uruhusha rwo kuba muri ivyo bihugu rwoba rwarangiye arico gituma yoba ashaka gutahuka . Atari uko ngo igihe kirenganye Sinduhije ashobora kuzanwa mu Burundi aboshe nkuko bihora bigenda kubantu baba i Bulaya batagira ivyangombwa, ariko wewe siko abivuga. Avuga ko umugambwe wiwe wagize inama mu ntango z’uku kwezi kwa Ruhuhuma hanyuma inzego zifundika ko yotahuka.

Alexis Sinduhije amenyesha ko izo nzego nyene zamusavye gutahuka, ngo nizo zari zamusavye gukinjura inyuma y’amatora ngo nico gituma ategerezwa kuzumvira.

Abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baheruka gusohora ivyegeranyo bitari bike bivuga ko Alexis Sinduhije yoba ari mu bantu bafise imigwi igwanira mu buseruko bwa Congo harimwo n’iyishaka kurwanya Reta y ‘u Burundi. Alexis Sinduhije wewe avuga ko atabwoba bimuteye kuko ngo nta shingiro bifise. Kanatsinda ngo kenshi abo bahinga bandika ivyo batamitswe n’ama Reta. Amanyesha ko aje kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2015, naho ngo niyafatwa agafungwa ngo azoba ariko azira ubusa.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaramaze gutera akamo akatari gake abanyepolitike barenga 5 bahunze u Burundi gutahuka. Ariko Sinduhije avuga ko atitavye akamo k’umukuru w’igihugu ahubwo ngo yubashe umugambwe wiwe.

Uwundi munyepolitike yaheruka gutahuka ni Pancrace Cimpaye, yahora ari umuvugizi w’umugambwe FRODEBU nawo nyene utavuga rumwe na Reta.

Aho yatahuka hagati mu mwaka uheze w’2011, vyaravuzwe ko yoba yaguzwe n’ubutegetsi kugira acire inzira abandi bahorana mu makungu batavuga rumwe na Reta. Abaraba ibintun’ibindi babona ko arivyo kuko kuva atahutse ntarasubira kuvuga ibitagenda neza muri Reta.

Abanyepolitike bahunze u Burundi bataragira io bavuze kugutahuka kwabo ni Agathon Rwasa yahora arongoye umugambwe FNL, Pascaline Kampayano wo mu mugambwe UPD-Zigamibanga, Leonard Nyangoma arongoye umugambwe CNDD, abo bose bari baserukiye imigambwe yabo mu matora y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010 hamwe n’abandi banywanyi biyo migambwe harimwo Marina Barampama yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu.

kw’ifoto:Alexis Sinduhije


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.