Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alexis Sinduhije ntarota yemera ko Uburundi busubira mu ntwaro y’umugambwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Alexis Sinduhije ntarota yemera ko Uburundi busubira mu ntwaro y’umugambwe (...)

Alexis Sinduhije ntarota yemera ko Uburundi busubira mu ntwaro y’umugambwe umwe

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhije amenyesha ko ibihano umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yafatiye umugambwe MSD ataco bivuze kuko n’ubundi abanywanyi b’uwo mugambwe batahora boroherezwa iyo bakeneye guhura.

Inyuma y’intureka zabaye hagati y’abajejwe umutekano hamwe n’abanywanyi ba MSD ku ngoro y’uwo mugambwe MSD mu Kinindo, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana yaciye afata ibihano vy’uguhagarika amezi ane ibikorwa vy’umugambwe MSD. Alexis Sinduhije, umukuru w’uwo mugambwe amenyesha ko urwo ari uruhendo, kuko na kare abanywanyi ba MSD batarwiriye kubera amanama bagirishwa.

Alexis Sinduhije asaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, hamwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD ko bokwemera guhiganwa n’iyindi migambwe, bitabaye ukwo naho, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza azovugire ahabona ko igihugu c’Uburundi gisubiriye mu ntwaro y’umugambwe umwe, ariwo CNDD FDD.

Mu kiganiro Alexis Sinduhije yahaye abamenyeshamakuru inyuma ya hafi ukwezi ari mu gacerere, yasubiriye gusaba ko abapfunzwe bazira ivyiyumviro vya poritike nka Huseein Radjabu n’abandi borekurwa, imigambwe nayo ishobora guhangana na CNDD FDD yaciwemwo amashami igasubizwa beneyo, aho yatanze akarorero ka UPRONA yosubizwa Karori Nditije, FNL igasubizwa Rwasa Agathon, UPD Zigamibanga nayo igasubizwa Chauvineau Mugwengezo.


Egide Nduwimana

Messages

  • BURETSE NKUBWIRE AHO MWIGIRA ABAHINGA.MBE UMUHARI WA GWASA UKIGWANA WARUFISE ABANYWANYI BANGANA IKI UBAGERERANIJE N’ABA CNDD-FDD?A SAVOIR QUE INTAMBARA YAHEZE I BURUNDI ARUKO CNDD FDD IHAGARITSE IMIGWANO.NIMBA WIBAZAKO NAHO MWESE IKIBIRI MWOTERANA NA ABAPORONA MWOGIRA ABANYWANYI NKABO CNDD-FDD IFISE TU TE MENTS BCP.IYABA WARUZIKO ABANEGIHUGU BOMUMISOZI ARIBO BENE INGWANO ETANT DU RACE INCONNU WOBABESHA IKI NGOBAKUJE INYUMA.LA JALOUSIE DE L’ANUS NE CREUSE PAS LATERRE.WE GONA SEE.

  • mwabisumamamweabobanyagihugu.mubeshangobarabatoye.sukomurikomurtinyaguhiganwa.murasubiramwibe.amajwi.murabetwarabakenyuye.basha.ntimutinye.karanguranimumatora.2015muzotangaratubakubisimpaga.tuzorabeabobanyi.mudusumba.ataribwabusumamurindiyekuzokoresha.ariko.ubusumantawebwereye

  • ubu naho uriko urabavugira ivyabanyepolitike turabimenyereye ndibuka ukiri umumenyeshamakuru ukuntu utahuza na hussein radjabu none ubu uriko uramuvugira, nibaze yuko atamuntu n,umwe ari hejuru y,amategeko y,aba umunyepolitike c,anke umunyagihugu asanzwe ushaka kuzana akaguma mubanygihugu no kudurumbanya umutekano hariho inzego zibijejwe ntiboca bakureka ng,udurumbanye umutekano kubera ko uri umunyepolitike ahubwo ico nosaba abanyepolotike nuko boja hamwe muguhanahana ivyiyumviro vyubaka igihugu atarivyo gusambura kuko biratubabaza twebwe abarundi turi mumahanga iyo twumvise hari abanyepolitike badahuza mu gihugu

  • ewe rasta Sinduhije,
    aho ntiwoheba urwo rumogi rugutuma kuvuga aya muhe! Mbe wewe wibaza ko usumvya ubutwari,ubuhinga n’ubukerebutsi umutama agathon Rwasa?

    Heba urwo rumogi wa mu gabo we!
    Erega turabona ingene ushikiriye ubutegetsi wokora. Turazi ko wokorana cane na ya radio yawe RPA , imwe igendera mu mupfuko wawe.

    Mubisanzwe si wewe wenyene yarakwiye kugendana irya radio rpa mu mupfuko wiwe. Irya radio ibayeho kubwa demokrasi iri mu gihugu. Ivyo Sinduhije wari ukwiye kwama uvyibuka.

  • Narekuze ubwo bwanwa umengo nubw, imbeba ngo arindiriye gutwara igihugu! Nabanze ahebe kunywa urumogi duheze tumutore. Honyene akanura kandi avua nki voyou!

  • Muze ivyuvuga nukuri jew mbere ndikondaba nibazako CNDD FDD ntabanwanyi ifise nn kuki abarondera kunguvu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.